article comment count is: 6

Kwa Ntare Rushatsi : ni ikigandaro kuri bamwe, akaryo ko « gusayangana » ku bandi

Inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, Abarundi batari bake barahawe akaryo ko kwishikira ku kirimba Ntare House, kwipfuriza uburuhukiro bwiza uwo munyacubahiro no gushira imikono yabo mu gitabu c’ukwifatanya n’ababuze. Ariko, umwanditsi Déo Ndayishimiye akaba atera ivyatsi inyifato iriko iranga bamwe mu bitabiriye ico gikorwa. 

Barakurakuranwa, bamwe inyuma y’abandi. Abato n’abakuze, abahambaye n’abaciye bugufi, abamenyekanye cane n’abatari bazwi… Bose baja kwandika no gushira imikono yabo mu gitabo cagenewe kwakira ivyipfuzo vy’abatandukanye, inyuma y’urupfu rw’uwari umukuru w’Uburundi.

Imbuga za Facebook na Whatsap, ubu zikwiragiyemwo amasanamu y’abatandukanye, aho biyerekana bagiye gushira imikono yabo muri ico gitabu. Mbere, bamwe baranarenzako ; ku dusanamu tuberekana bariko barandika, barashirako n’utundi dusanamu bari imbere y’ingoro y’ibiro vy’umukuru w’igihugu, « Ntare House », canke bari kumwe na bamwe mu bategetsi.

Maze kubona izo sanamu zose, ikibazo kinsigara mu bwenge ni kimwe : ubwo ntituzohava dusanga, muri abo baja gushira iyo mikono muri ico gitabo, harimwo ba Bajanwanakandi ?

Ba Nsekabarira !

Ntibitahuritse na gato. Ubundi, iki ni igihe c’ikigandaro. Itangazo rya Reta ryo kuwa 11 Ruheshi 2020, riratanga umuco ukwiye : nta vy’imiziki mu maradiyo avuga cane, nta vy’ukuryoherwa birenze mu bunywero canke ubutambiro, n’ibindi birori bitandukanye. Vyumvikana ko atari umwanya wo gutwenga. 

Ariko aho bibereye amayobera, sinzi ko ari ukwigira ba sindabibazwa canke ukutamenya, mbona nka bose umengo batanguranwa gushira amasanamu yabo ku mbuga ngurukanabumenyi. Mbega ivyo hari ico vyoba bifasha, haba mu guhoza umuryango canke igihugu vyabuze ? Mwe mubikora uko, ukwo kuja gushira imikono n’ivyipfuzo vyanyu muri ico gitabo, ubwo vy’ukuri bigamije gusangira umubabaro n’umuryango wa Nyakwigendera canke mbere n’Abarundi bose ? Canke mugenda kugira igihugu kibabone ? Irya nyifato mugira yo kwifata amasanamu nk’ibikino vyo mwibaza bitanga iyihe sura mu gihe turi mwo ?

Bera ku menyo

Birababaje cane. Biragoye kwihangana uriko urabona umuntu w’umugabo azi neza ico akora, yubahuka kwifatisha amasanamu ariko aratwenga, mu kibanza cotegerejwe kuba icakira imibabaro y’abafise ku mutima umuhisi. Ni n’ibiterasoni. Ni ukwiha amenyo y’abatwenzi. 

Ariko kandi ndagwa nkagaruka ; ubwo ni uburyarya butagira izina. Aho umuntu aza ngo aje gusangira umubabaro n’ababuze, naneho ivyo akabibonamwo akaryo ko gusayangana no kwinezereza. Mu mvugo ibereye y’ikirundi, ivyo bavyita « gukora kw’itama canke gutamba ku muvyimba » ababuze. Biragahera !

Nimba koko kuja kugaragaza akababaro kanje ko kubura vyombera akaryo ko kwiryohera gutyo, sinkahonyozeyo ikirenge. Nayo ababikora uko, « ntibazi ico bakora » ; akavuze uwundi. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Nukuri ndabashimiye cane kubwibi mwanditse….koko hari hageze kuko ivyabantu bakora bavuyeyo n’agahomera bunwa.
    Nizere ko abumva bumvise.