article comment count is: 9

Kaminuza y’Uburundi: « kugonda urutoke », intumbuzi y’ubunebwe !

Turakunze kubona imbere y’ibigo bitandukanye vya kaminuza y’Uburundi imirongo y’urwaruka rugonze intoke, rusaba ngo abafise imiduga barwunguruze. Ndayishimiye Déo aranegura iyo nyifato, akagira ati « urwaruka rukwiye kuba inyankamugayo mu kwikuramwo ubunebwe ».

Ni hafi isaha zibiri zo mu gitondo, abakozi bose bariko barihutira kuja ku buzi,  canke isaha umunani z’umurango, bamwe n’abandi basubiye ku mirimo bava mu mihana kwivuna umusase, eka n’isaha icumi n’imwe z’umugoroba, mu mataha. Imbere y’ikigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga canke ico muri Rohero, ukaza ubona imirongo y’urwaruka rugonze urukumu igihe cose babonye imodoka iriko irarengana.

Ukibabona, utangura kwibaza uti « runo rwaruka rw’Uburundi rwagize ingorane nyabaki ? » Ariko ni bwo buryo bakoresha mu gusaba bene amamodoka ngo babunguruze. Naho nyene ata caha kirimwo, iyo nyifato hari igihe igaragaza ubunebwe buranga nyene kugonda urutoke.

Intumbuzi y’ubunebwe

Mu ndimburo y’ivyigwa vy’ikirundi, narize ko « intumbuzi » ari agace kerekana kamere canke akame k’ikintu, k’ikibanza, igihe canke umuntu kanaka.

Buno rero, maze imyaka itari mike ndiko ndihweza ingene ata musi n’umwe kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo hatigera habura inkumi n’imisore usanga bagonze intoke basaba kunguruzwa. Ivyo vyaramaze guhinduka umuco kuri bamwe muri urwo rwaruka rw’Uburundi, rero nkabona ari ingendo yo guterwa ivyatsi na ntaryo.

Imvo zituma umuntu yiyumvira kugondera urutoke abo atazi, ariko arasega ngo bamwunguruze ni nyinshi : nko kuba umuntu arwaye, maze ntabe ashobora kwishikana kwa muganga n’amaguru, ukuba acerewe iyo yigavye bigasaba ko aronka uburyo bwomunyarukana,… Ariko rero, kuba hari bamwe bama bazindukira kw’ibarabara ngo bagonde urutoke, aho kuzinduka ngo bagende kare, ico kigaragaza ubunebwe, gikwiye kuranduka na cane cane muri abo bakiri bato dusanga mu bigo vya kaminuza y’Uburundi.

Harabaye ntihakabe

Wa wundi ngo « nta kabura imvo », bacinjira muri kaminuza, muri ya myanya yahariwe imigirwa n’imigenzo y’ukwakira abashasha, hari inyigisho ivuga ngo « imiduga myizamyiza yose ni rwacu ». Kumbure vyoba bihera ngaho nyene, maze umunyeshure akama yibaza ko zirya modoka zose abona kw’ibarabara azifiseko uburenganzira, uko kwoba ari uguhuma amaso, canke ukuyoba ubwenge.

Ukuba abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bagaragara nk’abiharije uwo muco wo kugonda urutoke, ndabifata nka ba bapfasoni usanga mu gisagara hagati batonze n’uruvyaro rwose, bazanwe n’ugutega ibiganza abahita bose ngo babahe akanoti ka cumi ; « ugusegerereza ».

Iyo nyifato rero iri muri nyinshi zikwiye gusezererwa mu gihugu cacu c’Uburundi, na cane cane muri urwo rwaruka rukiritera rukarisama, kuko na none rukwiye gutera iteka igihugu mu kuba inyankamugayo no kwikuramwo ubunebwe. Uwayamaze yagize ati : « ifi mu kubora ihera ku mutwe », hakenewe uguhindura ivyiyumviro.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (9)

  1. Ukwo ni ukuri kuzima, iyo nyifato irakwiye kurandurwa.Ukabona umusore winguvu canke inkumi vraiment asaba lift imukura campus Kamenge imujana kuri gare du nord, ako si akamaramaza kweri!!!!!

    1. Hahahahah….
      Ese none iyo ngendo muyibonye ubu? Canke mugani wawundi #hari_icihishe_inyuma? Abavuga batyo n abari mumugongo canke mukwaha kuwuba yanka urwo rwego rwa Kaminuza y Uburundi #Rumuri, Atari bo naho aba ari babandi banegurwa ko biga kaminuza imitwe yabo itabifitiye uburenganzira ( #abarimyi_barima_ahoroshe :#mu_mwonga)

  2. Birekere barundi baba babuze uko bagira!kandi noneho nawe ntiwiyobagize imibereho babayemwo,kuko urazi ko naho bagondera intoke baja;bahajanwa nama modoka ya kaminuza ubu yagiye hehe?kubwanje iyo ubanza ukagereranya ibihe!

  3. « ifi mu kubora ihera ku mutwe » « nta kabura imvo »
    iyi blogue yanyu ndayikunda cane kuyisoma gusa hari vyinshi bikunze kuntwenza, none wew kowavuze vyinnshi ngo vyoba bituma bagonda intoke, (« imiduga myizamyiza yose ni rwacu, ubunebwe » , vyukuri wabonye ko riyo mvo? jew nibaza kwari kubera ubukene! iyaba bafashwe neza nkakera , nibaza kwatamupoil yoryoherwa nukugond intoke afise amahera, kanatsinda nibaza kwabagonda nyantoke atari bose. ahubwo mwari kwiyadressa kubajejwe igihugu bakongera agafranga abo banyeshure kgr bahebe gusengerereza , nawew ndibaza ko iyuriko urasaba , usega bitokunezera! ntiwibagire kandi ko kuva kumutanga uja mwirohero, imisi yose , avant et apres-midi atari ikintu coroshe, biraruhisha cane! rero ndababajwe nimvugo yawe kk wew wivugiye nkumwana nyene yavutse vyose biraho, ntuzi combien de fois bababara bariko bagonda intoke!!!!

    1. @Nestor, egome hariho abasaba lift baja kure ico kirumvikana ariko kandi hari ababigize akamenyero! aho niho hakoreshwa yamvugo igira iti « umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango » akabi karavugwa.

      1. icoba ciza ahubwo nuko boshiraho imodoka zibatwara zikabageza n’imiburiburi ahantu bashobora guhurira canke bashobora gusanga iyo modoka

  4. « Wa wundi ngo « nta kabura imvo », bacinjira muri kaminuza, muri ya myanya yahariwe imigirwa n’imigenzo y’ukwakira abashasha, hari inyigisho ivuga ngo « imiduga myizamyiza yose ni rwacu ». Kumbure vyoba bihera ngaho nyene, maze umunyeshure akama yibaza ko zirya modoka zose abona kw’ibarabara azifiseko uburenganzira, uko kwoba ari uguhuma amaso, canke ukuyoba ubwenge. »

    En tous uravye uko wabivuze urqbizi kw ikintu, uri nkawa mwanditse yandi #BibliographicWork yihish inyuma yumu #Character, ese none mbega weho ntiwana bn ivuze ko gusab ukwunguruza ko atar icaha? Ahubwo iyo uvug uti, biga bahembwa nibafate ama_bus,hahahahaha

    Mbega none ko bivugwa ko aho hambere hahise hariho imodoka zibunguruza, ubu zikaba zitakiriho, uwari yazanye ico cigumviro ubwo ntiyari yabonye ko ari nkenerwa bivanye kumbure n urugendo vyaboneka ko ari rurerure uja kumurimo? Ko none iyo miduga itakihari, ntibakwiye kuja kumjrimo? Bagende gute ko hari harategekanijwe uburyo bwo kubunguruza bukaba butakihari? Mere nkawe nibahagende n amaguru; ariko rerobivanye ko ari kure hatagendwa n amaguru abo bidakundiye kuburabira murugi cnk babandi bumva bari #epuisès bivanye naya mibereho mibi babayemwo(wirengagije) bahitamwo kugira yangendo wita igayitse yo gusa ubufasha ababishoboye,

    Ariko rero kub ubivuze uyu musi bigaragara ko urwo rwaruka uriko uratunga agatoke rusa n urwugarijwe n akaga kazanana n impande zose (uburyo buke Leta itanaga mw ico gisata,imiryango ,bavamwo atako yifashe,kutakigir aho bavugira…) ni abeshi bidutera kwibaza ko har uwo uriko uravugira mukugeragez gucuvy urwo rwego rwa Kaminuza #Rumuri,
    Ko bitugora gutahura iyo waruri mur irya misi imiduga yari ijejwe kubunguruza yavanahwo, siho nari ndi ,arko ndakeka ko woba wari muba_encouragea abatanzi bama_lift. None mur ino niho ubi bonye?
    Arko gusa nimb ari mr bene amamodoka mezameza urazoduz ibiyo kuko ntawe muyisangiye, arko niho yahura n ikibazo icari cose (ikitavuzwe ni…) abazoguserukako irya mbere n abo bagendesha amamodoka_karemano kndi benshi muribo uzosang ari babandi wadugiriz ibiyo igihe bari #barugonze. Gusa bikugoye gutang ubufasha reka guter imbuto mbi muri bene Burundi kuko kuvanakera (ngo) #abarundi_barafashanya

    Ese ico mpa ejo ukazodusohorera #Article yishura kur ibi bibazo n ivyiyumvifo vyatanzwe n abasomyi b ikinyamakuru #Yaga.

    Murakoze, #Mwarahezagiwe

  5. Sinoguhaririza kuciyumviro case ariko mbonye ko ukwiyumvira Kwawe kugarukira hafi cane kandi sinobiguhora. Hama ikibazo c’ukuri ntikiri ngaho ; burya nawe uwokubwira uve harya muri Ipa MIDI UZE Gufungura k umutanga usubire gutonda 14h muri Ipa ubigire Indwi yose nibaza ko bitokworohera. Ahubwo rurya rwaruka ruriko ruzira kutoroherezwa mukwiyunguruza ngo rwige umutima uri hamwe. Abavuga ko ari ubunebwe ni ukudatahura ahubwo baba bariko bakoresha uburyo bwose ngo bakore icabajanye. Ngiranti ahubwo rurya rwaruka rurihangana mbonye conditions rukoreramwo. Jewe mbona ahubwo abajejwe kaminuza y’u Burundi na Leta bakwiye kuja hamwe Bakiga ingene rwokunguruzwa