Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yaraye yitavye Imana. Umubabaro n’agahinda ni vyo vyibonekeza ku mbuga zitandukanye. Biri mbere no mu majambo yo kuremesha Abatanzaniya ava hirya no hino. Ya mvugo y’Abarundi ngo “uwo twabuze tutanka” . None ni igiki catumye bamuririra? Turabire hamwe muri make ibintu bitatu yakoreye ico gihugu.
Iyo ndongozi yajejwe amabanga menshi muri ico gihugu kibanyi c’Uburundi. Yari amaze imyaka 25 akorera ico gihugu, kandi ari mu mabanga atandukanye. Kuva mu 1995-2005, ari umushingamateka aserukira akarere ka Chato.
Inyuma y’aho, yarongoye ubushikiranganji butandukanye. Kuva mu 1995-2000, yari icegera c’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta. Kuva mu 2000-2005, ubwo bushikiranganji buramwegukira, imbere yo kuja mu bushikiranganji buraba agataka, uburaro n’iterambere ry’abanyagihugu kuva mu 2005-2008. Kuva mu 2008-2010, yatwaye ubushikiranganji buraba ubworozi.
Kuva mu 2015, atowe ngo arongore igihugu ca Tanzaniya, hari ibintu bitatu intwaro yiwe yaje ifise ku muzirikanyi, aca atanguza urugamba rwo guhangana na vyo.
Kurwanya yivuye inyuma abarya ibiturire
Kuva umwaka Magufuli ashikira ubutegetsi, ibintu vyarahindutse muri ico gihugu. Ica mbere yakoze kwabaye kwitandukanya n’ishusho yari imenyerewe ku mugambwe wiwe. Wari uzwi mu kurya ibiturire no gusesagura itunga rya Reta. Magufuli yaje ari vyo akenyereye.
Mu 2015, ata mezi menshi intwaro yiwe imaze, abarya ibiturire ntiborohewe na gato. Urugamba rwo kubarwanya rwahereye ku kivuko ca Dar es Salaam, rutangurana n’ikomborwa ry’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ugutwara abantu n’ibintu hamwe no gufuta komite ndongozi iraba ico kivuko gikomeye cane muri aka karere. Bagirizwa ubunyonyezi bwatumye igihugu gitakaza amamiriyaridi y’amashiringi. Mu kubafata, umushikiranganji wa mbere Kassim Majaliwa yabagendeye batiteguye hanyuma asa n’ubafatanye itonga, bahereza gukomborwa, hari muri Kigarama 2015.
Urwo rugamba yarugumyeko, abarya ibiturire barabangamirwa. Ntawokwibagira amasanamu yatembera ku mbuga ngurukanabumenyi, uwo mukuru w’igihugu ariko arakarira bikomeye indongozi zitandukanye zituzuriza abanyagihugu nk’uko bibereye.
Isirigiti mw’iterambere
Inzira zose zotuma igihugu gisesagura yarazizibiye, maze uburyo bwahora buja mu vyo abona nk’ibitagira akamaro, bukoreshwa mu biteza imbere igihugu. Aha twovuga nko gufuta ibirori vy’umusi mukuru wo guhimbaza ukwikukira kw’igihugu maze amahera yari kubikora akayashira mu kurwanya ikiza ca Korera.
Yaranahagaritse ingendo zo mu mahanga zidategerezwa ku banyacubahiro, hamwe no kubuza kugirira amanama ya Reta mu mahoteri azimvye.
Uwo Abatanzaniya batazira “Tinga Tinga” canke “Bulldozer”, ni ukuvuga isirigiti mu Kirundi, yari umukozi adasanzwe. Yaranafashije mu kurwanya ikena ry’akazi mu kugwiza ubuzi. Ku ntwaro yiwe, ni ho igihugu cinjije amafaranga menshi, n’Umutanzaniya wese abaho mu buryo bwisununuye. Ku ntwaro ya Kikwete, igihugu cinjiza muri rusangi imiliyaridi 52 900 y’amashiringi. Ku ntwaro ya Magufuli, cashikanye imiliyaridi 124 000 y’amashiringi.
Umuhinga mu mategeko w’umunya Kenya, Pr. Patrick Loch Otieno Lumumba we abona ko Afirika yose yari ikwiye kwijukira ingendo ya Magufuli kugira itere imbere, mu mwihwezo yise “The Magufulification of Africa”.
Kubohora igisata c’indero
Magufuli yemeza ko iterambere ry’igihugu riva mw’ikaye. Narirya yari afise urupapuro rwa kaminuza rwisumbuye cane rwo ku rwego rwa “doctorat”, yaje arajwe ishinga no kugwiza incabwenge mu gihugu. Kuva mu 2015, yatanguje isekeza “Elimu bila ada Tanzania”, aho kuva mu mashure matomato kugeza mu gice ca mbere c’ayisumbuye, abanyeshure biga ku buntu. Ivyo vyatumye ibitigiri vy’abarangiza ayo mashure baba benshi, ndetse n’ibitigiri vy’abigeme vyongerekana. N’izindi mpinduka zarabaye muri ico gisata kandi aba Tanzaniya barakenguruka.
Mu buryo bubabaje cane, yasezeye isi ku myaka 61 gusa, agenda afatwa nk’umukuru w’igihugu yafashe minenerwe ikiza ca koronavirisi. Vyanuganugwa ko ari na yo yamuhitanye hambavu y’indwara y’umutima yatangajwe n’icegera c’umukuru w’igihugu.
Rip mutama niwigira amahoro
@Roger Bayubahe
1. Abaririmvyi benshi bo muri Tanzania baherutse gusohora ururirimbo rwiza cane:
#magufuli #tanzaniaallstar #wasafi
Tanzania all stars_ ulale salama magufuli ( official video)
128,900 views•Mar 19, 2021
https://www.youtube.com/watch?v=IoCtI_1AEAE
2. Jewe nk’umuntu yabaye imyaka itari mike muri Tanzania iri joro sinasinziriye, nkurikirana ingene i Dar es salaam bamusengera mw’isengero ry’umutagatifu Petero aho Magufuli yahora aja gusengera, ingene isinzi ry’abantu bari bahagaze ku mabarabara aho bari bajanye ikiziga Uhuru Stadium, ingene abantu basanzwe bamwunamira, abasoda bapiga salute baciye umwe umwe imbere y’ikiziga.
Abakuru b’ibihugu bazoja kumusezera bazobigirira Dodoma.
1. »Uwo Abatanzaniya batazira “Tinga Tinga” canke “Bulldozer”, ni ukuvuga isirigiti mu Kirundi, yari umukozi adasanzwe. »
2. Jewe naryohewe aho umunyamakuru wa Azam tv Tanzania yibukije ingene perezida wa kera wa Tanzania Jakaya Mrisho Kikwete yasigurira abanyagihugu ati Magufuli yaragiye kumusubirira mu kurongora igihugu ni muntu ki, hanyuma avuga ati: Jewe mwagira ngo ndi umuntu yitonda/atavuga menshi, UBUHO LERO NDABAZANIYE ICUMA.
LIVE | KIPINDI MAALUM – BURIANI RAIS DKT JOHN MAGUFULI
92,782 views•Streamed live 9 hours ago
https://www.youtube.com/watch?v=j95vW1XN1OE&t=3119s