article comment count is: 0

“Gucoresha”: ingeso twari dukwiye gusiga muri 2024

Barayamaze bati: “Ibihe biha ibindi”. Kubera ubuzima abantu babayemwo n’ibibahanze bitandukanye, hari ingeso zitari  nziza Abarundi bamaze kugira nk’umugenzo twari dukwiye guheba duhereye muri uyu mwaka tugira dutanguye. Imwe muri zo uyu mwanditsi adusabikaniriza akaba ari gusabiriza, bimenyerewe nko “gucoresha”, bigisibije mu buzima butandukanye bw’igihugu. Akagira ati: “Naho ata kabura imvo, twikebuke, amazi yarenze inkombe.”

 “Ncorera ! Agafanta boss! Nsigira utu unite! Mpa ay’agatumbura! Mpa n’ijana!” Nimba utarumva aya majambo, ushobora kuba utaba mu gisagara na canecane ca Bujumbura. Kira noneho, rindira gato uzoyumva ! Eka no hagati mu ntara bireze. Uzokwitwa “Boss” n’abakuru n’abato, witwe “Muvyeyi”, witwe “Mutama”, witwe “Mwarabu” n’ayandi menshi. Ivyo vyose ari kugira ubasigire amafaranga.

Haraheze imisi. Nariko ndaduga kuramutsa abavyeyi i Gitega aho mvuka. Duteye i Muramvya tubona abana birukanga inyuma y’umuduga wari utujanye. Igitandukanye na kera, abana batwiruka inyuma ntibaba baje kuratira ijisho nk’uko twabikora twebwe tukiri bato dusamarira abantu bari mu modokari. Baba bazanywe n’ibindi. Ni uko umwana umwe mu bariko biruka ku muduga arinamura atubwira ati : “Nsigira ijana boss !” Bamwe turamera nk’abamwirengagiza yamara abandanya adukurikira. Uwunyonga imodoka arabatuka ati : “Ni mutahe mwa bana. Mvira inyuma y’umuduga!” Yamara umwe mu bo twari twicaranye yababajwe no kubona uyo mwana atwirukako araheza aratora amafaranga make aramuterera. Ikiyago kiba kiratanguye mu muduga turimwo.

Ako ka “nsigira make” ni ko kabi!

Umwe mu bo twicaranye yaratanguye atubwira ati : “Kuguma duha abantu basegerereza ni kubarera nabi ! Ubu twese twotangura kubima ndazi bobiheba”. Uwundi barikumwe aramwakira ati : “Abo bana barundi si bo. Aha ntimubona ko “gucoresha” twabigize umugenzo aha iwacu ? Erega aba bana na bo bafise iyo babikura”.

Uwundi arinamura ati : “Ni ukuri ntubeshe ! Ejo bundi nagiye gusaba ikibanza c’ishure bambwira ngo ata bibanza bisigaye muga ngo nsize agafanta baramwandika ! Ndaja ng’aho ndishavuza ndababwira ko nzobishikana kure kubera bitabaho, banyishuye ata n’ubwoba ngo none ntubona ko ubuzima buzimvye, nsigira na bibiri erega natwe turahwera !”

Uwundi muvyeyi yari yicaye imbere nawe atwiganira ukuntu vyamugoye kwunguruza utwo asumye, umukokayi amuzaniye itagisi bikarangira amusavye kumusigira makeya. N’umubabaro mwinshi ati:  “Vyatumye nibaza ko ata bantu bacemera gufasha uwundi muntu kwa gusa”.

Iragirirwa ku yona ikona nka yo!

Jewe aho nari nicaye nari numva ntahura abo bana muga nongera ntahura n’ibiyago vy’abo turikumwe muri iyo modokari. Biragoye kureka gucoresha mu gihe ubona aho ubaye, abavyeyi bawe, umwigisha wawe nawe yama ariko arabikora. Eka nabo nyene biragoye kureka gucoresha mu gihe babona neza ko umushahara bafise utanabakundira gutunga umuryango na rirya ibintu vyaduze.

Iyo ngeso rero yeze henshi no mu bisata abanyagihugu baja gusabamwo ubufasha hose hari aho uyisanga. Yamara rero n’ubwo ubuzima bugoye, bugoye kuri twese canke kuri benshi muri twebwe. Umuntu yanse kugukorera ikintu ngo ni uko utamucoreye, nawe biramubabaza kuko hari naho bakubwira udafise n’ijana. Udafise n’utwo ugaburira umuryango.

Naho ntafise imyaka myinshi, nakuze nzi ko gusegerereza bitabonwa neza mu mico yacu. Abarundi bamye ari abantu bafashanya, uwo bwiriye bakamuha indaro  atarinze “gucora”. Egome ubuzima burazimvye bimwebimwe vyarahindutse yamara niyo twatakaza bimwe mu bigize ubuntu bw’Abarundi, tuzoba turiko turisamburirako nk’impene.

Ubwo iyo turiko twitwara gutyo, turiyumvira ku ndero turiko turaha abana bacu ? Burundi bw’ejo buzoba busa gute ? Turakwiye kwikebuka, tukabiba imbuto twipfuza ko izana amashurwe meza muri kazoza. Gucoresha ni vyo bivyara ibiturire, igiturire naco kikazingamika igihugu. Uwu mwaka dutanguye, tuwutangure ingeso nk’izo twazitaye zisigare muri kahise, mu 2024.

Bugingo nciyumvira ivyo, tuba dushikiriye ikirindiro c’abapolisi. Umupolisi yegera shoferi amubwira ati : “Ndazi ko vyangombwa bikwiye. Nsigira ay’agafanta wibandanirize”.  Umushoferi nawe amwishura ati : “Ngarutse, ubu sindaronka!”

Turenganye wa muvyeyi aratwenga : “None boreka gucoresha gute ?” Naciye nibuka uwu mwanditsi yariko aravuga ingeso iteje urubwa igisata c’abajejwe umutekano.

Duca dukomeza urugendo, najorewe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion