article comment count is: 2

Abagabo bashurashuza abakozi babo: nta kugoka gusumba ukwo !

Mu mwaka uheze, twarabashikirije ibisomwa bigaruka ku makuba abakozi bo mu nzu benshi bazi kw’izina ry’abayaya bagira mu kazi kabo, amwe amwe muri yo akaba ari uko bashobora gufatwa ku nguvu n’abakoresha babo canke abana b’aho bakorera. Ku bw’uyu mwanditsi wa Yaga, “umugabo yubahuka agakora iryo bara ni umuhemu kw’ibanga ry’ubugabo kandi ateza urubwa abandi”. Abivuga yisunze nawe ko vyamukozeko. Intahe. 

Sinigeze niyumvira ko ibi ngira nandike vyonshikiye. Inyuma y’imisi myinshi ndondera abakozi badufasha gukora ibikorwa vyo mu nzu, twararonse abigeme babiri. Umwe yitwa Joelle*, tumumaranye amezi atatu.  

Umusi wa mbere ashika, yari afise ubwoba bwinshi. Uyo mwigeme w’imyaka 18 yari yijiriwe. Ariko nkibibona niyumvira ko vyoba bitewe n’uko aje ahantu atamenyereye. Umupfasoni wanje yaciye amwegera atangura kumuganiriza kugira amenye ingene ameze, ibibazo afise, hanyuma amenye ingene azobana nawe. Amubajije ingene yari abanye nabo yahora akorera, uwo mwigeme yaciye yaduka arira, ahejeje amwiganira ati: “Umukoresha wanje yagira ankorere ivya mfura mbi iyo hataza umuntu ngo adodore ku muryango.”

Wa mupfasoni wanje umutima urasimba. Ng’uwo yadutse kumwinginga ngo amujane kwa muganga, uri uwundi ati: “Ni ukuri ntavyo yankoreye. Iyo aba yabinkoreye nari kukubwira ukanjana kwa muganga.”

Aremera, ariko agumana ishavu ry’uwo mukoresha w’ikiryanyi yagira yikore ku wo arera.

Yarakomeretse ku mutima

Joelle* avuga ko uwo musi, nya mugabo yamuteze umutego. Agira ati: “Sinari bwabone asigara muhira ku musi w’imirimo. Ryari irya mbere.” 

Igihe yariko aratekera utuntu twiwe ngo agende mu vyo akora inabuja yamusigiye, niho yabona uwo mugabo amusanga mu cumba, aramucakira. Amarira agenderanira mu maso ati: “Naguye igihumura. Vyaranse ko mvuza induru. Inyuma y’akanya gato turiko turanigana, naciye numva umuntu adodora kuri portail. Uyo mugabo abona kundekura.” 

Naho uyo mwigeme yarusimvye, igikomere nseserezamutima yakuye aho hantu cagumye casamye. Imisi ya mbere, sinabibona kuko kenshi sinirirwa muhira. Natanguye kubibona umutambukanyi wanje afise urubanza akamara imisi ibiri atari muhira. Joelle* abonye umukenyezi wanje agiye, yaciye ahinduka mu maso. Atekerwa n’ubwoba kuko bamubwiye ko azosigarana na jewe n’abana gusa.  Iyo misi naho yari mike yatubereye miremire. Ndamuhamagaye ngo ndamutume, yaza afise ubwoba kandi yaba yiteguye ngo yiruke. Ntiyinjira mu cumba, yaguma hanze. 

Ngo atinya umugabo wese

Hageze mw’ijoro, niho nabonye ko bikomeye. Yaciye aja kuryamana n’abana. Ndamubwira ko bidashoboka kuko afise icumba ciwe co kuryamwo ariko aranana. Ambwira ko yumva ubwoba bwinshi. Ndamubajije ico atinya ntiyaronka ico avuga. Ndabura ico nkora. Ndamureka. Ikindi cantangaje ni uko ubwo nyene yaciye yugara umuryango ashiramwo urupfunguruzo kandi azi ko kizira kwugara n’urupfunguruzo icumba abana baryamamwo.

Umukenyezi wanje agarutse naramwiganiye ivyabaye. Niho yegera Joelle* kugira umubaze igituma akora amakosa kandi ndiko ndamubuza. Ni uko uyo mwigeme araremerwa maze arita amwiganira ikiri ku mutima ati: “Sinzi ivyambayeko, ubu ndatinya umugabo wese. Igihe cose nguma niyumvira ko agira amfate ku nguvu. Ahubwo sinzi ingene wansanze ngaha. Iyo uteba gato, wari gusanga naridugiye.”

Umugabo yubahuka agakora iryo bara ni umuhemu kw’ibanga ry’ubugabo kandi ateza urubwa abandi. Wihweje uwo mwana yabikorewe, ni ukuri ico gikomere camuhaye ishusho mbi ku bashingantahe bose. Ivyo birababaza mu gihe ari umuntu mubana mu nzu imisi yose. 

Kugira ndamuhe amahoro, rimwe na rimwe ku mwaramo iyo umukenyezi wanje atari hafi, nca nja gutembere kuko nanje nsigaye mfise ubwoba kuko ashobora kwiruka akavuza induru ngo ngira ndamufate ku nguvu nkamaramara ku babanyi. Ikibabaje, biragoye kwemeza umuntu afise ico gikomere ko nawe utazomufata ku nguvu. Igicapo kibi c’umugabo afise mu mutwe kiragoye gufudika. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Ubwa mbere uwo mwana akeneye ikiyago, papa na mama bakamuhumuriza bari hamwe. Ikindi bomufata nk’umwana wo mu nzu kugira ngo agarukane umwizero. Mukamuha nkakaganuke iyo hari umusi mukuru nka Noel, pasika. Ikindi arakeneye un psychology