Inkino za mbereza“Road to BAL” zitegekanijwe mu kiringo kiri munsi y’ukwezi. Ariko gushika uno musi, nta wuramenya neza nimba umugwi wa Dynamo BBC, watwaye ihiganwa rya “playoffs” muri basketball y’Uburundi, uzoshobora guserukira igihugu. Uno mwanditsi agashima kwandikira akabaruwa Umukuru w’igihugu, amushikiriza amakenga afise.
Nyakwubahwa, nkundira mbanze ndakuramutse, ndakwipfuriza amahoro n’amahonda. Ndazi ko ufise amabanga menshi, ariko muri kano kabaruwa kanje naciye ku masonga, nta mwanya munini kagutwara. Urakoze ko ubinkundiye. Reka ngireko nk’umuryi w’igisahira.
Jewe ndi umumenyeshamakuru akurikiranira hafi ivy’urukino rwa “Basketball”. Nta nkeka amakuru menshi y’inkino urayazi kuko waratwaye CNO (Comité Nationale Olympique mu gifaransa), igisata kibazwa inkino nka zose. Naho kubera amabanga akanya ko kuja ku kibuga katakikworohera, nkundira ndaguhe igicapo c’ingene ikibuga ca “département des sports” kiba kimeze iyo hari urukino rwa basketball, na canecane nk’inkino zirangiza ihiganwa rya “Playoffs”.
Ni urukino rukunzwe cane
Nyakwubahwa, ego ni vyo, ico kibuga ntigishemeye.Hari uruzuba rwinshi, ubwugamo ntibushemeye, n’ubwiherero ntibusa neza na gato. Ariko, ivyo vyose abakunzi ba “basket” barabirengera. Iyo hari urukino, canecane uruhuza Dynamo n’Urunani, abantu baba basidukanye n’iyonka. Haruzura hakarengerwa. Hari n’aho bishika hakaba abasubizwa inyuma, abandi bakaja kunanara hejuru ku magorofa maremare yegereye ikibuga kugira ngo babone urukino.
Abafana baravyina, abadandaza bagakora ivyashara, abakinyi nabo bagakina batiziganya, bakagaragaza impano zabo. Ata guhuguza kurimwo, izo nkino ziri mu bintu bihurumbirwa cane n’urwaruka hamwe n’abakuze, bakaryoherwa, bakaruhurira umutwe.
Ikindi gikomeye, ni uko iyo migwi igeze ku rwego rwo kuzana abakinyi bo ku migabane ya za Bulaya na Amerika, ibihangange kw’isi muri urwo rukino, bikaba biri no mu bituma urwo rukino ruhurumbirwa cane.
Akambakiye
Nyakwubahwa, kugezaaho ibintu vyari amarame. Ariko hari akambakiye, kandi sindi jenyene. Mu kwezi kwa Mukakaro, harasozerewe inkino za “Playoffs”, zatahukanywe n’umugwi wa Dynamo, gutyo uronka uburenganzira bwo kuzohiganirwa kuja mu nkino zikomeye ku rwego rwa Afrika, “Road to BAL”. Ku rukino rwanyuma, hari akanyamuneza kenshi cane kuri Dynamo n’abakunzi bayo.
Unomusi, mu gihe hasigaye ikiringo kiri munsi y’ukwezi ngo inkino za Road To BAL zitangure, abakunzi ba “basketball” baribaza nimba Dynamo izoja muri izo nkino. Amakenga ni yose, mu gihe uwo mugwi nyene wigeze kuva muri ayo ma higanwa mu 2023, bivuye ku mwambaro wanditseko »Visit Rwanda ».
Nyakwubahwa, igihugu ni ico gushira imbere ya vyose. Kandi buri Murundi abwirizwa kuvyubahiriza no kubitahura. Ni ho nagomba ntakambe, runo rwaruka rwahisemwo gutera iteka igihugu rubicishije mu rukino rwa “Basketball”, muruhe ubwo bubasha bwo kuduza ibendera ry’igihugu muri Afrika.
Ndibuka komu 2023, igihe bahagarikwa kubandanya inkino, barungitse amasanamu (vidéo), basa n’abacitse intege, babasaba ngo mubafashe gutorera umuti ikibazo barimwobibandanirize gutera iteka igihugu cabibarutse. Kirya gihe ntibashoboye kubandanya ihiganwa. Haba mu bakinyi, haba mu bakunzi ba “basketball”, eka mu bakunzi b’inkino muri rusangi, kari akababaro kanini.
None rero Nyakwubahwa, ntabarambiye, nagomba ndabasabe ico kibazo mucifatire mu minwe, abo bana b’igihugu bazoje gutera iteka igihugu cabibarutse. Kumbure, nivyashika bakanatahukana igikombe coku rwego rwa Afrika, kandi barabishoboye, azoba ari amateka ntibagiranwa ku gihugu. Tuzohungukira vyinshi. No mu zindi nkino, bose bazoca baja ku kivi gusumba uko biri ubu, gutyo, kurya tubona za Bresil, za Espagne, Ubufaransa n’ibindi vyamamaye kubera inkino, natwe tukaja ku rwego rwo hejuru.

Iri kete niryiza nnj nkumuntu mpora ndiha 15k cnk 20k ndiko ndaraba playoffs hanyuma bagataha kubwivyo birambabaza