article comment count is: 0

Utumashini dusohora fagitire ya OBR: hari abadutizanya !

Naho uno musi ari itegeko gusohora ikidandazwa kibanje gucishwa mu ka mashini gatangwa na OBR, intambamyi ziracari nyinshi. Ivyo bikagaragarira ku bitigiri bike vy’abagakoresha nk’uko bitegerezwa. Ikirengeye vyose, ni uko hari n’ababutizanya, nk’uko uyu mwanditsi abituyagira.

Kuva mu 2023, ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR caratanguje uburyo bwo gukoresha imashini yo gusohora inyemezabuguzi (machine de facturation électronique mu gifaransa). Ivyo vyavugwa mu ngingo y’179 y’itegeko rigenga amafaranga Reta yategakanya gukoresha mu mwaka w’2023-2024.

Mu gutora abazokoresha utwo tumashini, bafatiye ku mudandaza yinjiza imiriyoni 25 ku mwaka (chiffres d’affaires) nk’uko vyashikirijwe na Ferdinand Nitunga, yaserukiye komiseri ajejwe amakori n’amatagisi yo mu gihugu hagati, mu kiganiro aherutse guha abamenyeshamakuru. Hari itariki 2 Nyakanga 2025. Uravye neza usanga mwene uwo mudandaza aba yinjiza n’imiburiburi 69 000 BIF ku musi. Vyumvikana ko na wa mudandaza muto wo muri “boutique” ashobora kuba ari mu bategerezwa kugakoresha. Mukuriha ako kamashini, bitwara amafaranga 1 206 345 BIF, arihwa mu kiringo c’umwaka, ariko ubu kakaba gatangwa ku mafaranga 1 500 000 BIF.

Naho igitigiri c’abadukoresha kitaraba kinini, muri ico kiringo kamaze gakoreshwa, umwimbu wariyongereye, kuko amatagisi nyongeragaciro (TVA) yigwije na kabiri. Kare,ku kwezi begeranya hagati y’imiriyaridi 10 na 12, ariko ubu begeranya hagati ya 20 na 24. Ayo makuru atangwa n’ikigo OBR.

Ntitworohera bose

Utwo tumashini n’abatuguze, hari abadashoboye kutwuzuza mu buryo bubereye. Mu bisanzwe uko dukora, harimwo kwuzuza ku nyemezabuguzi ugire uhe umuguzi no kurungika ivyo wujuje mu kigo OBR, mu buryo bita EBMS mu mpfunyapfunyo (Electronic Billing Management System mu congereza) kugira bizokworohe kugenzura amakori arihwa buri kwezi.

Ariko rero icibonekeza, ni uko hari abatarabugura n’abataramenya kubukoresha nk’uko bubereye. Mu gisagara ca Bujumbura aho twagiye turaca, kiretse mu ma mangazini akomeye, henshi ntabwo bafise.

Eric*, umwe mu badandaza agafise, avuga ko kuva akikaronka kabitse ahantu, ntarakatsa n’umusi wa rimwe. Akagira ati: “Baratwirukanzeko ngo tugure imashine isohora fagitire, emwe narayirishe ndazana ng’iyo. Numvise ngo ikoreshwa mu gifaransa nanje ntaco niyiziye. Uku kwezi umenga kubaye ukw’indwi ndayifise”.

Aho ikibabaje ni uko inyuma y’amezi abiri iyo mashini iguzwe, ikigo OBR giharura ko yatanguye gukoreshwa, ivyo Eric* we akaba ataco abiziko.

Evelyne* nawe nyene akora mu nzu imwe iranguza ibidandazwa vyo muri “boutique” avuga ko “kuva yahakora atarigera abona ico gikoresho, ahubwo ari bwo bwa mbere anavyumvise”.

Umukoresha abatwara tumubajije yavuze ko bareka kurondera iyo mashini kubera umuyagankuba uguma ucikagurika, yoba ari amahera bononye atayo bazokoresha. Nayo kucerekeye gutanga ikori, agira ati: “Tuzobikora nk’uko twahora kuko si twebwe”.

Kandundura ni abatizanya utwo tu mashini

Ikitamenyerewe rero, ni uko hari abiyemerera ko bazitizanya iyo bikaze. Mwalabu*, umudandaza akorera hagati mu gisagara ca Bujumbura, yavuze ko iyo ari ikintu c’amahera menshi mwene kukigura agasaba inyemezabuguzi, yikora kuri mugenziwe yayiguze. Kandi baravyumvikana, kuko amusigira agafanta. Ico batamenya neza ni uko ya makori arihwa n’uwutacuruje ico kidandazwa.

Naho umurindi wo gukoresha utwo tumashini ukiri hasi, mwomenya ko ibihano vyo bitabuze ku batabukoresha canke abagurira ku badandaza batabaha fagitire isohowe na ko. Nk’akarorero, umudandaza atazotanga inyemezabuguzi agurishije ikidandazwa amafaranga 100 000 BIF, ahanishwa kuriha nk’ayo nyene. Mu gihe naho ari umukiriya atazosaba iyo nyemezabuguzi, atanga ihadabu ingana n’ibice 20% vy’ayo mafaranga yakiguze.

* : amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion