Mu Burundi, si hose vyoroshe kuronka rusehabaniha itabara imbabare, iyo habaye isanganya. Iyo uguye mwe n’aho hantu rero, hari abihutira kugusopa ubutunzi wagendanye, aho kugutabariza. Narabibonye.
Ejo bundi ku mugoroba, hafi isaha cumi na zibiri n’igice, ahitwa mu Gashikanwa mu ntara ya Ngozi (nko ku birometero bitatu uvuye mu gisagara ca Ngozi), nari kumwe n’abagenzi banje twagorobeje gufata akayaga. Tugize dutya, tubona haserutse imodoka igenda n’umuvuduko munini cane. Igeze imbere gato irata ibarabara. Ihitana umudandaza yariko adandariza ku nkengera z’iryo barabara, iramushibura. Abari hafi bose bakomera induru rimwe. Natwe twiruka kuraba ko hari ico twomufasha.
Akamaramaza, nyene imodoka ihejeje kwiha inkumbi yongereje umuvuduko nk’umuyaga, ku buryo ata n’uwashoboye kubona n’imparati y’iyo ngendeshwa.
Aho ni mu gihe, muri ya mategeko agenga ibarabara n’uruja n’uruza, bitegekanijwe ko « iyo ugize isanganya, nyene kugonga umuntu ategerezwa gutabara abo yakomerekeje, mu gihe abishoboye » ; uwo we si uko yabikoze. Twasigaye mu kangaratete. Twibaza uko tubikika. Umuntu nawe yaguma avirirana, yataye n’ubwenge.
Si uwo gusa…
Imbere gato, haza umuntu kw’ipikipiki. Uno na we nyene yiruka cane, agize ngo akate mw’ikona, ipikipiki imurunda hasi, arakumbagara. Abafundi bariko bubaka inzu hafi y’aho, barashwabaduka, basanga nyene kugira isanganya yataye ubwenge. Ico bakoze, bamusofye ishakoshe yari ahetse bakora no mu mifuko y’impuzu yambaye bakuramwo ivyarimwo vyose, baca batungwa n’ayo bameze.
Ndibuka ingene kuri urya wambere, twagerageje guhagarika imodoka yose tubonye, turondera iyodufasha kumushikana kwa muganga ; zose zadusaba ngo turihe amafaranga imbere. Ubwanwa burafuka umunwa.
Twikubite agashi !
Kare na kare, Abarundi barafashanya. Uwabuze umuntu, uwugwaje, uwagize ivyago ibitungwa bigahundagara bakamufasha biciye mu kuvyukiriza. Ivyo vyose barabikora mu bugwaneza kuko baratahura ko uyu musi ashobora kuba uyu ejo bigahindukira akaba uwundi. Bari bazi ko buzima ari katihabwa, kandi ko umuntu agirwa n’uwundi.
Ndabaza: uno musi, uwo mutima wagiye hehe? Iyo ngendo yo kwirengagiza abagize isanganya ni iyo gutera ivyatsi; tube turaretse ivyo kwiba utwo nyene kugira isanganya yagendanye. Ni inyifato igayitse kuko yerekana ko umuntu atazi guha agaciro ubuzima bwa kiremwamuntu. Ni imbuto mbi, yari ikwiye kuranduranwa n’imizi mu basangiye ubuntu.
Birateye ubwoba kuko urets ubusuma n’ukudatabarana,benshi bihutira gufata ama photos(amasanamu) .Ni igiki catumye bihinduka?Ariko none iyo ngeso yokudaha agaciro kiremwa muntu yogaruka gute?Vyogirwa na bande ubwa mbere?
Uvuze ukuri
ivyo bintu ni ivyo kwiyamiriza twivuye inyuma
Ivyo nivyo bigwiriye amajejwe umutekano bafatanije nabgajejwe intwaro baribakuiye kuvyiyamiriza.kandi uwufashwe akoze ikosa agahanwa bimwe vyakarorero!!!
nibara nibara!!!Nukuvyiyamiriza bimwe vyakarorero kuko iyongendo ntahoyoshikana igihugu
Jewe ndavye ukungene urukundo rushishikara gutituka ntacizere mfiseko bizohinduka kandi imitima ya benshi yarazimizwe na satani
Commentaire *Nukuri ivyo di imbeshere, imitima y’abarundi bo mu bihe biheze siyo y’ab’ubu. Urukundo rwaraheze ubu hahurumbiw amaronko no mu bisata vyose vy’ubuzima ubuntu ntibugifise agaciro bwasubiriw n’amatungo. Imana yibuke Uburundi n’Abarundi.
Nuk bamez kwr umeng baba batomboj umuntu agize isanganya