Biravugwa ko « ugupfubura » vyoba biri mu bitunze imisore itari mike aha mu gisagara ca Bujumbura. Ata guca irya n’ino, nta woreka kwibaza nimba uwo mwuga ubaho, abawukora n’imvo zituma iyo misore y’imisonga ihitamwo umwuga nk’uwo. Twaraganiriye na bamwe muri bo.
Uwo mwuga ntuzwi na benshi mu kibano iwacu uretese abawukora. No mu myuga itari mike dusanzwe tuzi Abarundi bakora nturimwo. Bivugwa ko uwo umwuga washitse aha iwacu uturutse mu gihugu kibanyi c’Urwanda.
Yamara hari abavuga ko ari uwa kera. G. M. agira ati : « Uwo mwuga ni uwakera cane no mu bazungu wamyeho. N’aha iwacu urahari ariko watevye kumenyekana kuko benshi bawubona nk’uwunyuranye n’imico kama y’Abarundi. »
Abapfubuzi none ni abantu ki ?
Muhuye mw’ibarabara ntiwobibwira. Ni abasore bateye neza, b’inguvu kandi bashaza nk’abandi bose. Ico barushije abandi, ni uko bavugwa ko bafise ubuhinga mu vyo kurangura amabanga y’abubatse. Nk’uko tubibwirwa na bamwe muri bo, mu kubaho kwabo bazindukira mw’ikarashishi, ugusanga bariko baraterura ivyuma, ibibatuma bagira ibituza bininibinini. Iyo bateramiye hamwe usanga bariko binywera akenshi agahawa n’ibindi binyobwa nkaburamubiri. Ikindi kirenzeko, abapfubuzi basanzwe ari abantu batisondeka mu bijanye no gufungura.
Nk’uko N. E., uwundi mupfubuzi abituyagira, mu gihe abadandaza umubiri b’abakenyezi basanzwe bihigira abagabo, ku bapfubuzi bobo si uko. Abo bakorana n’abagore bapfakaye canke bahukanye n’abagabo. Abandi nabo bakorana n’abagore batigera bashira ipfa mu gihe barangura amabanga y’abubatse n’abo bubakanye. Abo nabo rero barafise uko barangiranira abapfubuzi. Iyo misore rero, utabizi ntiwomenya ko ataco ikora kubera abo bakenyezi basanzwe babahemba agafaranga gatubutse.
Usivye ako gashahara, baranabahonga kandi utuganuke nk’amaterefone hamwe n’imigufu, ugusohokanwa mu bibanza vyizavyiza n’ibindi vyoshobora kubashimisha. Utwo tuganuke rero twiyongera ku mushara mu ntumbero yo gushima igikorwa baba bakorewe.
Bakagira n’amategeko…
Abarundi bati : « Kw’ishiga kwa muramwawe uhashikanwa na mushikawe », mu mwuga w’abapfubuzi uhajanwa n’umupfubuzi. Kugira ushimwe bisaba kuba ubikwiriye neza. Utegerezwa kuba uri umuntu w’ibanga, yambara neza. Utegerezwa kandi kuba umuntu w’inguvu, afise ibituza binini. Baragutoza kwama ukora ikarashishi, uterura ivyuma no kuduga imisozi.
Ivyo ubikwije barakwiga rero bakaguha impanuro zigenga ubupfubuzi. Haragera rero umusi wo kwatirwa, aha naho baguhigira inkumi hanyuma bakagutora ubusurira ; bumviriza ko uyikomesha. J.N. ati : « Bumvise wayikomesheje haba hasigaye ko ubaterekera urwarwa. Ni uko rero bakabona kuza barakurangira isoko canke bakaguhuza na vya bigore wumva ngo ni vyi sugar Mamy ».
Uwo mwuga naho uciye kubiri n’ imico, hari abo ubeshejeho. Usanzwe ukorwa n’imisore yugarijwe n’agashomeri, kandi bakishimira ko ushobora kubatunga naho harimwo abavyicuza nka D. Muberi agira ati : « Naho tubikora turafise ubwoba. Akenshi tubikora tutikingiye kuko usanga hari aho abakiriya bacu batabikunda. Turagira ubwoba bwo kwandura ibirwara bica mu bihimba vy’ ibanga. »
Abandanya avuga ko ikibi batinya ari ikibano ariko ngo kubera ukubura uko bagira bagahitamwo kubandanya. Ico bizera n’ibanga riri hagati yabo ubona ko udapfa kwinjira mu mu mugwi wabo utabanje gutohozwako.
Ntabo narinzi na jewe kweri.ndumiwe.
Navyifuza pe