article comment count is: 29

« Kuba umutunzi akomeye mu ndwi imwe » : babigenza gute ?

Muri ino minsi, turakunze kwumva ko hari amashirahamwe canke iyindi mirwi abantu bashobora gukoreramwo kugira biteze imbere mu buryo bunyarutse kandi butagoye. Ariko rero hari amwamwe muri ayo mashirahamwe ateye amakenga nk’uko Caritas Ninziza abituyagira ahereye ku vyo yabonye.

Abatari bake baramaze kwumva canke guhura n’abantu canke amashirahamwe bababwira ko bafise akabanga k’ubutunzi kandi bunyarutse. Ngaha mu Burundi, hatanguye kumenyekana iryitwa « Forever Living Products », harakurikira ayitwa  « Phytoscience », « Aim Global » hamwe n’iyindi mirwi nka « GoForWin », « FutureMillionnaires » n’ibindi. Muri ayo yose, abatakubwiye ko ubanza kugura bimwe mu vyo badandaza bakubarira ko utegerezwa gutanga amafaranga angana uku canke kuriya.

Ariko rero, ntibitahuritse kubona umuntu ashobora gufasha abandi gutunga ariko waraba, ugasanga ata butunzi na we ubwiwe afise. Muti none ivyo vyose bitangura gute, bikagenda gute, hama bigaherera he ?

Ayo nabonye

Kugira bakwinjize rero, abenshi uzosanga bakubaza ngo : « Mbega waramenye aya makuru ? » Nawe aho uri nk’uwiteguriye kuronka inkuru nshasha uti : « Oya ! » Niho rero babandanya bakubwira ko ubu bishoboka ko umuntu atunga binyarutse kandi bitamuvunye. Maze bakakubwira amahera makeya wotanga nk’umutahe, hama ukaja kurondera abanywanyi, ukunguka ku wo winjije wese.

Akenshi, barakunda kugira imirwi yo guhuriramwo na cane cane kuri za mbuga z’ingurukanabumenyi zikoranya abantu benshi nka Watsapu n’izindi. Hari umurwi umwe muri yo nari nashizwemwo n’umugenzi twiganye amashure yisumbuye. Umunsi umwe, hagize umuntu mushasha binjiza, nza mbona uwumwakiriye avuze ati :  « Uwukurikira ni wewe ! » Uri uwundi ati : « Nzokurikira mu biki ? » Uwa mbere nawe aramwishura ati : « Ugiye kuba umutunzi bidatevye ! » Wa mushitsi mu murwi nawe ati : « Uwo nkurikiye ni nde ? ». Muri ako kanya nyene haca haba agacerere muri wa murwi. Uwabajije ikibazo co kugira amenye ko hari uwundi muntu yoba amaze gutunga muri ubwo buryo nta nyishu yigeze ahabwa kandi nta n’umwe yasubiye kubivugako.

Ariko ikindi catangaje ni uko bamwe bamwe mu bari basanzwe mu murwi baciye batangura kuza barawuvamwo buke buke. Na jewe narararindiriye iminsi ibiri, mbona haguma havugwa amajambo yo kuresha abantu kugira bazane amafaranga gusa bongere bagure ivyo batubwira ko ari intango ya nya butunzi, ndateba ndava muri uwo murwi kandi sinasubiriye kumenya ivyawo.

Muti biherera he ?

Wa wundi ati umbaze nkubaze ! Kuva ubwo, nguma nibaza igituma abo bantu, abenshi usanga ata kazi bafise, bararikira abandi gutora ubutunzi ariko bobo ntibabanze ngo bigarukireko. None kwoba ari ugukunda abandi kurusha ukwo bikunda bo nyene ?

Ico bikoze, bene ayo mashirahamwe aguma avuka kandi akagira amazina atandukanye, ariko ukwo umwanya uhera amwe agateba akibagirwa. Abayajamwo bagumana ubutunzi bari basanganywe kandi nta n’abandi bashobora kubitungiramwo kugira ngo umuntu abafateko akarorero. None abo twobafata nk’abaganga bashobora kuvura abandi ubukene nabo bugarijwe ? Kanatsinda ngo « umutezi w’ubureza arabwibanza »!

Uko bimeze kwose, abantu barakwiye kubikuramwo icigwa bakamenya ko ata vya gusa bibaho kandi kugira ngo umuntu atere imbere bifata akanya, bigasaba ubwitonzi, ubwira, ubwenge n’umwanya utari muto.

 


Soma kandi : « Abanyamwaro barakunda amahera cane » : vyoba vyavuye he?

 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (29)

    1. C’est exactement. Une pyramide de Ponzi. Système fraichement importé au Burundi, alors qu’illégal dans beaucoup de pays au monde.

      1. Sha har uwambwiye ngo zotange 30 milles nce mba integre hama nce ninjiza abandi nkaba 3 hama ayo 90 milles uce uyaha wawundi yakwinjiza hama nabandi batatu nano baze bakuzanire uko nyene
        Ndumva ko nanj narinjanywe
        Murakoze kumpanuro

    2. Ça ressemble pas ahubwo ni pyramid de ponzi 100%… ivyo ndabifisemwo quelques notions kandi faut toujours avoir idée avant de critiquer

      1. N ubusuma nyene. Urabaza uwitwa Bernard Madof amamiliard y amadolar yivye muri ubwo buryo. None ko umuntu umwe aronka aho benshi binjiye inyuma yiwe barishe, abanyuma babuze abo binjiza wumva baronka iki? None ga wibaza ko hari aho iyo pyramide iramara na 5 ans bitarabomoka? N ubusuma bweruye

  1. J nibaza KO abarundi bafise ikibazo co kutarondera gutahura ibintu neza bafata ivyo bashaka..none nkuyo yarafash ivyo bamubwiy agira ubushzkashatsi kubindi bihugu asanga sivyoo??igituma marketing de réseau utunga vivant n’abantu ufis..none jotunga fut kandi mwbw mwofadhanij gutunga mutavyumva??mb buriya kxirirwa urasigurira yibaza ko ari icorosh??yibaza ko aramafrabga ya gusa??ahubwo abarundi twari dukwiy kxuguruka amaso tukamenyera KO twese tutazokwira muma bureau y’abandi ahubwo twironderere nayo gutunga nibukebuk..gusa benshi barahahamuka bibaza ngo ni mumisi ibiri gusa..udakoz ntaho azoshikaa gusa abarundi n’ibinebwe kandi nokwironderera gutahura sikirenga.ahubwo azohor amanza atohoz neza imbere yo kwanduka ibintu nkivyo kumbuga

  2. Ahubwo mwiyubare gose abantu muvuga ibintu nkivyo kumbuga nkizi..none buriya mwaragize zmatohoza kubindi bihugu kuvyo bababwiy musanga sivyo??mushzka batung gut kandi mw babibwira mutavyumva??ntimugira n’ubushakadhatsi ariko mugataga amakuru nkaya acintege gusa??!!abarundi Nico gituma guterimbere atari uyu musique kubra mudakeney guhindura mind zanyu..ehe basi KO mbona mwiz bâ mugir recherche kubihugu vyatey imber murab uko vyagenz hma mubon kuvuga..!!!ahandi bimaz imyaka irenga ijana babikoresha kandi baratey imbere ariko tw abarundi tutagira naho turigeza nitw tubigaya.uyo n’umutw muto ..ariko ico twomenya coco nuko ibih vyahinduts tutakiri kera aho waheza ishur akazi Karl mumaboko..lb hhoho kwurirwa urigisha abantu nivyo yita amahera y’a gusa???abarundi turakwiy inyigisho zoguhindura mind vyukuri..hma gutunga bifata umwanya ni gukora nyusinzira ngo wikangur utunzzz biva mumaboko yaw nayo abavuga KO uyaronka utarush iryo ninkihahamukaa..ico nosaba nuko mwokwinforma neza imbere yo gupublia izi nkuru zicana intege mbwira caritas n’abandi batabitahura nkaw..

  3. Urakoze kuburira abantu bajanwa n ibije vyose ngo bagiye gutunga vuba. ikibabaje ni uko begeranya uduhera tw abantu benshi batagira amikoro. Abarundi ni mube maso ntimuze murahendwa. Nta wurya akatamugoye kandi uwushaka umuce acika ijoro. Vyose bizova mu maboko yacu.

    1. Uvuze neza ntawurya akatamugoye.Nico gituma niyamirije nivuye inyuma abantu bafise ivyiyumviro bigufi bavuga ibintu batabanje gutohoza.ukumva ngo numvise bavuga .birya harya ubukene bubi nukugira ivyiyumviro bishaje canke bitarenga ahuba.

  4. Hhhha ,mwaravuganye naboba bamaze kubitunguramwo?abahenzw bo vyagenze gut?inkuru yagarukiye hagufi cane,umwanditsi yanditse utwo yiboneye kugiti ciwe

  5. Imbere ko mwandika mubanze mushishoze neza, burya wanditse uti maze imisi 2 nanje naciye mvamwo, ico kiringo ntabwo nibaza ko gikwiye kugira wandike article kubintu uri sûr ko arivyo. Marketing de reseau abayinjiye ntibaronka amafranga Bose ariko abayaronka barayaronka. Ahubwo hamagarire umuntu wese ayinjiyemwo gushitsa ivyo baba bamusavye akora, bimunaniye ntihagire uwo atako ikuvyo, uwuzokubwira ngo muri marketing de reseau batunga mundwi ikwe azoba ari umubeshi ariko bisaba umwanya n’ubwira bikomeye.

  6. Ingendo y’uwundi iravuna! Abarundi turashaka gutunga mukanya gato,gutera imbere vyari vyiza ariko kuki banyene kubizan batabishira ahabona, je m’étonne bcp parc k kugir ubmny ubibwirwa nuwundi mugenz ww nahone atr umugenz kk des fois nuwutahora akuvugisha kuray ma réseaux sociaux uja ubna arivy akubwiye….soyons un peu pensif kk aranaques,escroqueries ivyo vyose biratey imbere mubihugu vy hanze,kand en tant k citoyen k aime son Pays sinipfuz k dutera imbere gutyo! Nivyinsh twokora …y’a des Terres non cultivées pourquoi ne pas créer des associations mukreka guta umwanya Sur l’ecran d vos smartphones …..umns mwbironkeye ubuhamya ,j veux dire une authorisation speciale d gouvernement murabikwiragiza mubanyagihugu twese MBE hh je MBNA hotunze uwifise kko udafise smartphone ntugeza kwinjira LA question ica ivyuka ,babantu ,abanyagihugu batazifise kndi bavyipfuza Bobo gute? Reka guhenda abantu iyo marketing sur les réseaux sociaux simweniyo arrêtez de nous prendre comme des cons! Turafise umutwe .

  7. Iyi nkuru nayisomye. Biraboneka ko iyi nkuru mwanditse mutayitohoje neza. Vyari vyiza rero ko mubaza ababikora ingene bigenda, bakabanwira kbibazo bahura navyo canke mukabaza uwumaze kubihomberamwo. Mwafatiye kuvyo mwabonye muri groupe whatsapp ariko birya nta réalité irimwo kuko no muri groupe zitavugwamwo ivyo naho baravamwo

  8. Wewe aho hakabereye kwisi Wumvise Bill Gate yatunze kubera phytoscience?Yarakoze!Mumpe mwutwo turwi turwi Ishirahamwe riva EUROPE?Mbe waruziko gutunga atarivyimeza?Biza kugih kndi hageze.Kora ibikorwa bibaruhish aho gukoresh umunwa.Uwutarùshe ntamira.

  9. Uko n’ukuri mutubwiye, jewe haj ibintu ngo n’ivya MasterCash baranyivye mbona uku , nze nsubire!!! Abitubwira usanga nabo ataho bigejeje!!!

  10. Hahaha jew birantwenza nukuri.uko dusanzwe tubizi ni uko umuntu kugira atunge bimusaba umwanya utari muto iyo atavukiye mu muryango ukize.
    Ubwo ni ubujura!!!

  11. Ewe carita sha!iryo shur wizeko n’abaza ko muri amw aheruka gufutwa ririmwo pe!kuvuga ibintu utazi n’inkurusaku!
    Uwokubaza forever ingene aribisuma cank aho bavugiy kutunga mundwimw wohavuga kweli?
    Kub wobaza aba OBr amahera yinjiza kuber forever bokubwir ko arababeshi??
    Butohoza imber yokuvuga bizogufasha.icutazi naho wihorer
    Nakare bavuga bati « sakirimi kibi asumba umurozi »

  12. Hahahahaha Sakirimi Kibi Weeeee Kuronk Biva Kumana Arik Ub Ufis Ukwizera Kand Ub Ukor Ndets Usenga Har Naband Bayaronk Mubury Budasobanuts Aric Gtm Muguma Mushamiran Kurubuga Kuber Mutaratahur, Hahahaha Kub Umutunzi Mundw Imwe? Impossible

    1. Muribijuju mwatwawe ubwenge nubuzi nabw atawigera atunga arimw menyera gukora ivyiwanyu muvuga kwibwa atico mufise bobiba ham rwimana niyitang ubuzima yarabutanze hasigay kubutora nutakora ukishinga ubuzi bwa leta cank wam muri nubusuma atanivugise bakwiba uzoguma ukenye kuk nomumutwe urakenye

  13. Mu bisanzwe umuntu wese akwiye kwumva ko kw’isi ata coroshe kibaho na canecane mur’ibi bihe tugezemwo. Uwushaka kwiyorohereza azogende mw’itsinda ry’aba  » ILLUMINATI » Gusa ntaze avuge ngo NIYONGABO Niko yavuze. Dukwiye gukoresha ubwenge Uhoraho yaduhaye apana isi ituyobore.