« Abanyamwaro barakunda amahera cane » : vyoba vyavuye he?

Iyo hagize umuntu azigama cane udufaranga twiwe, wumva bamubwira ngo “wewe uri umunyamwaro, ntaco wikura”. Ngabo Spageon yaregereye umuhinga mu vy’akahise kugira amusigurire iyo mvugo iyo yazananye.

Nama numva hirya no hino bavuga ngo “wewe uri umunyamwaro”, kugira basigure ko kanaka ataco yikura. Nanje aho ndi nkibaza nti none ni kubera iki iyo Abarundi bashaka kuvuga ko kanaka akunda amahera baca bamwita ko ari umunyamwaro? Ivyo vyaturutse he? Biraheza bikagira ingaruka iyihe ku wuvyiswe?

Naciye mpitamwo kwegera abitayeho cane kumenya ivya kahise kugira numve inkomoko y’iyo sanamu Abarundi nka twese dufise ku banyamwaro.

Ni kuva ku ntwaro ya cami

« Imbere y’umuzo w’intwaro ya republika, hari ku ntwaro y’umwami Mwambutsa Bangiricenge. Uwo nawe akaba akomoka mu ntara ya Muramvya, iyahoze ifatanye n’iya Mwaro, ubu yigenga. Hari ukuntu rero ku ntwaro za cami wasanga imiryango ikumira iyindi mu kugabangana ubutegetsi n’ibibukomokamwo, maze ivyo bigatuma usanga intwaro yiziziwe n’intara imwe. Burya mu mico y’Abarundi rero, murazi ko hasanzwe harimwo umugenzo w’ugusangira. Uko vyagenda rero muri iyo myaka, umuntu iyo ahembwe canke yaronse amahera, akaja mu kirabo kwivuna akanyota, yashika ariha n’izabandi bose banyoye, ico bita ‘‘kuganura’’ »iyo nsiguro itangwa na Batungwanayo Aloys, umucukuzi mu vy’akahise.

Nk’uko uwo muhinga abandanya abisorongora, « inyuma y’aho intwaro ya republika ya mbere iziye, ni ukuvuga mu myaka y’1966, ingoma ikomoka i Muramvya-Mwaro yaciye ivaho, maze abahorana amatungo baca baba nk’abanyagihugu basanzwe. Vyatumye rero baca bahindura uko bahora bigenza. Bashitse mu kirabo, ntibari bakiriha n’izo abandi banyoye, umwe wese yaririhira iziwe. Ugasanga basigaye bama bariko baraharira na bene ubunywero, bamwe bati riha! Abandi bati ndiha izo nanyoye gusa. Kandi akenshi ugasanga mwene kurihishwa yaba yafashe inyobwa imwe gusa. Kuva ico gihe rero, haciye havuka iyo mvugo y’uko umuntu ataco yikura aba ameze nk’abo bandi baturuka mw’ivyo bice vya Mwaro.»

Ng’iyo rero inkomoko y’ugufata umuntu wese aziganije udufaranga twiwe, bakamwita ngo “ni Umunyamwaro”, nk’uko womengo ni igitutsi.

Ahubwo ni abagwizatunga

« Jewe birya ntaco bimbwira. Iyo ndavyumvise, ndavyakira nk’uko boba bariko bariterera inkuru bisanzwe. Kanatsinda sinzi n’iyo vyazananye », uwo ni Nsabiyumva Nosenti, umusore akiri muto aturuka mu ntara ya Mwaro, aho yishura ku kibazo kijanye n’ukumenya ingene avyakira iyo yumvise umuntu bise ngo “ni umunyamwaro” bashaka kuvuga ko ataco yikura.

Ku bwanje, ntahura ko abo banyamwaro bo muri iyo myaka ya kahise bari baciye ubwenge cane. Kukaba nka ko bavuye ku butegetsi, baciye babona n’ingoga ko bakwiye kwibako. Maze bafata ingendo yo kuziganya kugira babandanye kwiteza imbere mu bijanye n’ubutunzi. Ni nde ayobewe ko ukuziganya ari imwe mu ngendo z’umuntu yipfuza gutera imbere ?

Gutyo rero, nta wokwanka gusangira n’abandi, kuko navyo birafasha mu gukomeza umubano mwiza. Ariko, iyo ngendo ab’ico gihe bari bafise y’uko umuntu ahereza agashahara kiwe kose mu kirabo ntitwoyita ugusangira, ni ugusesagura.

 


Soma kandi:

Articles récents

Recent Comments ( 1 )

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*