Mu Burundi, iyo ufise isango n’umuntu, mukavugana igihe muhurirako, agacerwa, aca yitwaza ngo « ni amasaha y’Abarundi. » Ingabire Landry ati : « ayo masaha ntabaho, ni icitwazo c’ububegito. »
Maze kuvyihweza kenshi, iyo ngiye nko mu rubanza rw’ubugeni, bisigaye vyabaye akamenyero ko abageni bacerwa n’imiburiburi nk’isaha yose ku mwanya baba baranditse ku butumire. Mu manama, abayitumiwemwo baramutse barenza iminota mirongo itatu ku kiringo co gushika, womengo bashitse hakiri kare, ntaco bibabwira. Abategetsi b’Abarundi bobo, uwudacerewe womengo nta teka agifise. Mbe none ivyo bintu vyaturutse he ?
Iyo ngeso yo gucererwa rero isigaye iherekezwa n’ububeshi buteye isoni. Kanaka aracerwa, wamuhamagara kuri ngendanwa yiwe ngo wumve aho ageze, akakwishura ngo « ndagushikiriye mu kanya gato cane ». Yamara, ugasanga ntaranava mu vyo arimwo ngo afate inzira imushikana aho mwahanye isango.
Nta terambere rishoboka tutubahiriza umwanya
Mu bihugu vy’Abongereza, bo bamaze gutahura agaciro k’umwanya, bakubwira bati : « umwanya ni amahera », bisigura ko utakaje n’umunota n’umwe, uba utakaje ubutunzi bwinshi cane. None tuzotera imbere gute mu gihe tutazi kwubahiriza isango tuba twahanye n’umuntu ?
Ba sokuru barayamaze bati : « umwera uva i bukuru ugakwira hose ». Ndibuka mu mwaka w’2004, umukuru w’igihugu dufise uyu musi, yari akiri umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye. Ico gihe, yari afise umugenzo wo kugendera abakozi ku kivi, akabatera atabateguje, maze abo asanze batarashika ku kivi, ibihano bigatangwa. None iyo ngendo yagiye he ? Nta kuntu, nimba ubu afatiriwe n’ayandi mabanga, yotuma uwundi akaza arabigenza gutyo.
Yamara, abobikoze, usanga ahubwo benshi muri bo bakwiye uwoza arabagirira uko. Maze nkagira nti : Abarundi turakwiye kwikebuka ku kijanye n’ukwubahiriza umwanya, atari uko, iterambere twifuza, tuzokwama turibona mu vyiyumviro ariko ntituzorishikako na mba !
Soma kandi: Amabanga y’abubatse : mu nzu ya mutego, bigenda gute ?