article comment count is: 0

Urukundo rurasosa mugabo hari aho ruba umururazi

Baba ab’igitsina gabo canke ab’igitsina gore, abato n’abakuze, abatunzi  n’abakene, abakomeye n’abarwaye, mu butandukane bwabo, bose barakeneye urukundo nk’uko bivugwa n’umuhinga Alexandre Cormont. Nawe ukaba urukeneye kandi rw’ukuri, uririnda ibi bintu bitanu. 

Ikintu ca mbere conona, ni ukurondera uwugukunda utabanje kwikunda. Irinde guca ku biti no ku mabuye urondera uwogukunda kandi na wewe ubwawe utikunda uko bikwiye. Abahinga bavuga ko umuntu ategerezwa kubanza kwikunda imbere yo gukunda canke gukundwa. Menya rero kwikunda kuko utikunze ntiwokwizera gukundwa n’uwundi. Ni waba ukeneye uwuzogufata neza, tangura wifate neza. Ukaba ukeneye uwuzokwubaha tangura wiyubahe na kare ngo “ntawuterwa iteka atekeye mu vyatsi”. Naho biri uko uzokwikunda uko ushoboye ariko ntuziyuzuza. Aho rero uzoce urondera uwugukunda kugira mwuzuzanye.

Kwihuta kurondera urukundo

Reka kwiruka urondera urukundo nk’uwurondera umudari mw’ihiganwa ryo gusiganwa. Genda bukebuke kuko ntugira usigwe n’indege. Reka kwigereranya n’abo mungana bubatse ngo bitume ujana nyabahururu. Umwe wese afise igihe ciwe. Na kare ngo “vyerera igihe ntivyerera inzara”. Kandi ngo “kuzinduka cane si ko gushika kare.”

Ha umwanya ibigikeneye gukura muri wewe uronke ubumenyi buzogufasha kwubaka urwawe. Mu bituma ingo zisambuka, harimwo kwihuta kwubaka. Abasokuru barayamaze bati “uwitonze amira ibinoze”.

Gushaka ivyo utoshobora gutanga 

Uwo wipfuza ko mukundana yoba ameze gute ? Ushobora kuba wipfuza umuntu akunda gusenga, yitonda, akundana, akunda akazi. Eka afise n’izindi ndangagaciro. Ni vyiza cane ndakwipfurije kumuronka. Ariko banza wisuzume urabe nawe uko umeze. Ni wasanga umeze ugutandukanye n’uko uwo wipfuza ko mubana yoba ameze ugerageze guhindura ube nk’uko umwipfuza. Utitonda naho woronka uwitonda yoteba agahinduka kubera wewe. “Mu rukundo, uwudatanze vyose ntaronka vyose”. Vyavuzwe na Albert Camus imbere yo kwongerako ati : “Ntawushobora gutanga ico adafise.”

Kwinyegeza

Reka kuba agatinyashengero. Kutaja ahabona si vyo bizotuma uronka umukunzi wipfuza. Kuguma mu nzu imbere y’imboneshakure, imashini nyabwonko canke ngendanwa uraba ivya hafi n’ivya kure ntibizotuma ukundwa. Kira noneho, ntawogukunda atakubonye. 

Reka kugira isoni z’abakubona. Ambara usohoke. Mara imanza. Ja mu makoraniro y’abantu benshi. Ariko nturenze urugero kuko na ho nyene kwoba ari ukwiyararaza. Bikore ku rugero ruri hagati na hagati ntiwame mu nzu kandi ntiwame ku nzira. Ni wabikora gutyo, uzoba ugwije amahirwe yo guhura n’umwe ufise mu ndoto zawe.

 Kwiyorobeka

Ni waba wipfuza urukundo rw’ukuri, hagarika kwiha ishusho itari rwawe. Reka kwambara impuzu zikwerekana ukundi ku mubiri, kwisiga amavuta aguhindurira urukoba canke kwambara ibirato bikwongerereza uburebure udafise, n’ibindi. 

Reka guterwa isoni n’uko usa, uko ureha, uko utambuka canke uko utwenga. Nta muntu n’umwe adafise utunenge nk’uko bivugwa n’umuhinga mu vy’inyifato Catherine Marchi. Ni wigira ico utari, uwuzogukunda azovyicuza amaze kubona uko uri. Ariko ni wemera ico uri, uzoronka uwukigukundira. Kira noneho “utunenge tuvyibuha aho urukundo rwonze”, umugani w’Abarusiya.    

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion