Ku rubuga Twitter, amasanamu yerekana umusore apfukama asaba umwigeme ko yomubera umugore, ivyo tumenyereye bita « gutera ivi » yavugishije benshi ; ku mvo y’uko uwo mwigeme atemereye uwo musore. Hari n’abaciye batangura kwibaza igituma uwo mugirwa uharawe, n’igituma ukorwa. Bamwebamwe barashikiriza uko bawubona.
Haraciye nk’imisi ibiri, ku mugoroba, nicaranye n’abagenzi mu kirabo. Nk’uko mubizi, muri iki kibanza, havugirirwamwo udukuru twinshi. Agacupa karavugishaa… Ni uko umwe mu bagenzi banje twumva yihereje akaruru ati : « Huuuuuuuuuu, hemwe naka yateye ivi ? Ehe « kweli » ni vyo pe ! Yanapfukamye bahungu ! ». Twese duhagurukira rimwe. Umwe wese mu bo twicaranye arihanukira ati : « Ni akamaramaza. Nta muhungu apfukama ngo asabe umukobwa ko bubakana » . Uwundi amwishura ati : « Ivyo n’i bisanzwe. Ko bikundanira none ? ».
None vy’ukuri dufate iki tureke iki ?
« Urukundo ni urwa babiri »
Anita*, afise imyaka 33, ntanegura uwo mugirwa na gato. Uwo mukenyezi asanzwe yubatse afise abana 3 ati :« Gutera ivi biri ‘romantique’. Ni icemezo ko ukunda umuntu aba agukunda. Jewe mbona ataco bimbwiye. Ahubwo ni vyiza ku bwanje, vyerekana ko bakundana».
Uwo mugirwa kenshi, ukorwa mu gihe umwigeme atavyo abazi. Vyoba vy’ukuri ari icemezo c’urukundo umusore aba afitiye umwigeme ? Ku bwa Inès* aheruka kwubaka ati :« Ni umuco mwiza ariko ku bwanje ntiwobera aho abantu babona. Muri babiri ni vyiza. Ariko nko mw’ibarabara ? Eka da ! ». Kukaba nkako, Jean-Marie*, umugabo yubatse se w’abana 2 agira ati :« Jewe narabikoze nsaba uwo twubakanye ubu ko yombera umufasha. Ariko, twari twiherereye ».
Igor*, umusore atarubaka w’imyaka 30, we abona ko « abantu batari bakwiriye kuraba ibitabaraba ». Ku bw’uwo musore, « urukundo ni urwa babiri. Sinumva n’igituma abantu bibabuza amahoro iyo umuntu abikoze ».
Mu gitabu « La passion du mariage » (PUF, 2016), Florence Maillochon, umuhinga mu vy’imibano yanditse ko « umugirwa w’uko umusore asaba umwigeme ko bubakana arinze « gutera ivi » si uwa kure cane. (…) Si umugirwa wagiye urahanahanwa na mba. Ahubwo ni umuco ushizweho ubu vuba cane ». Uwo muhinga mu vy’imibano akaba yongera kumenyesha ko « uwo mugirwa utanguye guhararwa nta myaka 20 iheze. Ukaba wagiye urashika kuri benshi biciye mu mareresi, ibitabo hamwe n’indirimbo ».
Ku bw’ivyo ni twabona umusore apfukamye ateye ivi, tuzomutahure. Imico n’ubwo ari iy’ahandi, iradushwaramwo, ugasanga twatanguye kuyikurikiza. Ariko, basore (canke nkumi), banza mubaze abakunzi banyu ko babikunda. Ntimusange mubaye nka wa musore bankira mw’ibarabara izuba riva, imbere y’isinzi akicwa n’ibimaramare.
None gusaba urukundo ubanza gufukama?kuko gufukama nikimenyetso gisigura vyinshi,
1.ufukama usaba ikigongwe
2.canke utakamba usega usaba uwutabinezwe
Ikibazo nuko mugihe yoruguha ubanje gufukama usaba nuko uba umufashe kunguvu
Uwo mugirwa ni mwiza pe nanje ndawushigikiye
Uwo mugirwa ni mwiza nibareke uwubikunda abikore.
Ivyosibibi kabis iyonjakuba narikirimuto nanj nofukamiy umukunzi ark ndubats kand ndimuto