article comment count is: 1

Umwana avutse bidaciye mu mategeko abwirizwa gukingirwa nk’abandi

Abana bavutse ku nda z’ishushu ntiboroherezwa mu buzima. Ivyo bikatwiganirwa na Niyonkuru Oscar, akagirako anasaba ko agateka ka be n’abo bana kokwubahirizwa nk’abandi bose.

Kuva kera na rindi, umwigeme asamye inda akiri i muhira ntiyoroherwa. Iyo bishitse umwami akamenya iyo nkuru, umuryango w’umukobwa waranyagwa urukombamazi, uwo mwigeme nawe agatabwa mu gisumanyenzi. N’ubwo uwo mukobwa yaba afise amakosa, birumvikana ko ico gihano cari kirenze. Mbega none uwo mwana ari mu nda we yaba azize iki ? Ivyo biza kwerekana ingene kuva kera abana bahohoterwa bazira ivyo batazi.

Twihweje neza, uno munsi dusanga abana babandanya guhohoterwa. Ni vyiza ko ata mukobwa agitabwa mu gisumanyenzi. Ariko, abana bobo barabandanya kurenganywa. Iyo mu muryango bamenye ko umwana wabo afise inda, ntibasubira kumufata neza. Eka n’iyo amaze kwibaruka, uwo mwana araturubikwa. Ivyo bituma nyina atuntura cane ndetse bikagira n’ingaruka mbi ku mwana wiwe.

Ingorane bahura mu buzima

Abana nk’abo bakunda kugira ingorane kuva bakiri mu nda. Imiryango myinshi ntishobora kwihangana umwana wabo atwaye inda. Uwo mukobwa nawe akaba mu mwiheburo ntangere, bitewe n’uko atabona neza kazoza kiwe. Iyo adakoroje inda, ahitamwo kwomoka akaja mu bisagara. Muri uwo mwanya ntaba akireze uwo mwana, nawe agaherera mw’ibarabara. Ni bamwe muri ba ba mayibobo twama twabonye.

Iyo bishitse akavyarira mu muryango, naho nyene ashobora guhura n’intambamyi nyinshi. Bivanye n’uko amatongo yaze mu gihugu, abana nk’abo ntibiborohera gutorana. Nivyo ko amategeko abibarekurira, ariko abamureze nabo ntibamworohereza. Ikindi gikunze kwibonekeza, n’uko abana nk’abo kenshi batandikishwa muri komine. Iyo bibaye uko rero, uwo mwana ntaronka uburenganzira bwo kwiga canke kuvuzwa co kimwe n’abandi.

Amategeko  akwiye gukurikizwa kuri bose

Amategeko mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu yemejwe mu mwaka w’1948, arerekana ko abantu bose bavuka bangana imbere y’amategeko. Mu ngingo y’indwi y’ayo mategeko, handitse ko abantu bose bangana imbere y’amategeko, bategerezwa gukingirwa kumwe kandi ata n’umwe ashobora gucinyizwa.  N’igiki none gituma uyu munsi umuntu ashobora kuzira uko yavutse? Kuvukira ku bavyeyi bubatse canke batubatse, si umwana avyihitiramwo.

Ko biri uko rero, dukwiye kumenya ko ukwubahiriza  abo bana ari ngombwa. Uko bafatwa nabi, niko bibakomeretsa umutima. Abantu baturubika abana nk’abo bari bakwiye kwikubita agashi. Uburyo bavutsemwo, si ikosa ryabo. Ikindi bomenya, n’uko kuvuka muri ubwo buryo bidasigura ko ataco uzokwimarira. Umwana avutse bidaciye mu mategeko, arashobora gutera imbere kuruta mbere n’abitwa ko bavukiye mu miryango izwi n’amategeko.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. nivyo kandi nukuri hari hakwiy kuboneka amategeko akingira cane abo bana bavuka murubwo buryo.kandi hakongra hakaba amategeko atomora neza ukuntu se wuwomwana yoronderwa kuko umukobwa atariwe yitera inda.vyongeye amategeko nkayo akigishwa mubenegihugu.m6 oscar