article comment count is: 0

Ukwiyamamaza 2025 : igisabo c’abenegihugu

Kuva ku wa 13 Rusama gushika ku wa 2 Ruheshi 2025, imyiyamamazo y’amatora y’abashingamateka n’ay’abajenama ba komine iraremvye. Itegeko rigenga iyo myiyamamazo risanzwe rifise ivyo risaba abayikora. N’abayikorerwa, hari ivyo bipfuje gusaba dushikirizwa n’uyu mwanditsi wa Yaga yisunze ivyo abenegihugu babona muri iyo myiyamamazo.

Imyiyamamazo iraremvye. Gira amahoro ! Ni vyiza cane. Ariko rero, biryoshe binarusha aho mwumva. Muti kubera iki? Twebwe abenegihugu twipfuza ko ubuzima butoca buhagarara kubera ico gikorwa. Birababaje kuja gusaba ijambo, ugasanga uwo urisaba ntakiharangwa kuko yagiye mu myiyamamazo. Ivyo rero bikaba mu buzi bwa Reta ndetse no mu bikorera utwabo.

Birababaje umuntu aturiye agatike kiwe (muzi n’ukuntu kagoye kuronka) yashika aho arondera ba Nyakubahwa agasanga bagiye kwironderera amajwi. Aho mperuka kwitura, niho bayiciye umurya ngo “ubu akazi ni kamwe, ni ako kurondera akazi”. Aho ni aho utagiye no kwiyunguruza washika ku gituro ugasanga imiduga minini yose (Coaster) bayikotesheje bayitwaye kwiyamamaza.
Mbe bavukanyi mwibaza ko nk’ubu abashaka kwiyunguruza baca batwarwa n’izindi izihe ko muzi ibihe turimwo ?

Imyambaro n’umuvuduko bitaraza

Ikindi kimbabaza, ni ukuntu hari abo usanga ku buzi bambaye imyambaro y’imigambwe. Ku mbwanje, iyo ngendo ntibereye kuko bituma ababitura bose batababonamwo abavyeyi ata nkunzi. Kira noneho nabo mukoresha burya usanga bose mudasangiye umugambwe, bigashobora kubakomeretsa.

Ikindi kitabereye umenga mu myiyamamazo kiba cemewe, ni umuvuduko munini. Ivyo rero ntibibaye ubu gusa, no mu bindi bihe vy’imyiyamamazo yabaye vyari uko. Ukamenga ntirisubira gufatwa nk’ikosha. Banyamigambwe, muritwararika amagara y’abo mutwara mw’iyo miduga, mwirinde kwiruka birenze urugero. Erega tutakiri bazima ayo majwi mwoyahomba. Muratubungabunga rero riho nk’amata y’abashitsi.  

Kandundura, bimwe vy’abana bakoreshwa mu myiyamamazo biribonekeza cane. Burya itegeko ntiribibuza ? Irinde kwambika abana bacu imipira y’imigambwe canke y’abigenga, ndetse mubabuze kwegera ahabera imyiyamamazo nk’uko amategeko abisaba. Ko mwe duca dutora ari mwe muzoba mujejwe kwubahiriza amategeko ndetse n’ukuyashinga, ni muduhe akarorero keza mu kuyubahiriza mw’ibi bihe mutarashika mw’ayo mabanga, gutyo mudukomereze icizere tubafiseko ni twabizera tukabatora. 

Muhindure ingendo

Ego mu cegeranyo catanzwe, henshi imyiyamamazo iratuje. N’utunenge twibonekeje ahatandukanye, umushikiranganji yaratuneguye. Ariko rero, hari ibitabereye bikorwa bikidogerwa mu ntamatama. Ivyo vyose bikwiye kwibagirwa. Ibitarekuwe n’amategeko canke biciye kubiri n’inzira ya demokarasi, bikwiye gutuzwa muri iyi myiyamamazo. 

Bimwe vy’uguhata abantu ngo baje ahahurira imigambwe, ivy’ukwugaza abadandaza ngo bitabire imyiyamamazo, biragacika aho bikiri. Bimwe vy’uguterana amajambo, tukavuga ayo n’abasokuru batokwubahuka kubera imigambwe canke ibi na biriya, biragatsindwa. Komeza kurangwa n’ukwubahana, ntihagire uwuzira ico ari haba muri ibi bihe canke ibizoza. 

Abakoresha imbuga hwaniro nabo nyene ntitubibagira. Kwatsa imiriro kw’izo mbuga canke gutunganya ibiganiro biturira mw’ibi bihe, bokomeza kuvyirinda. 

Iryo ryari ijambo kikaba n’igisabo c’abenegihugu. Gira amahoro !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion