Haraheze igihe ba buramatari bo mu ntara zitandukanye (Kayanza, Ngozi, Rumonge) bafashe ingingo yo kubuza abadandaza ibigori vyokeje gukora urwo rudandazwa naho rwabasahiriza. None vy’ukuri kwotsa ibigori vyo kugurisha birabangamira umwimbu? Aho kubabuza, ubwo ntahari hakwiye nyabuna izindi ngingo zotuma umwimbu ubungabungwa ariko n’abiteza imbere bakoroherezwa ?
Si agaseseshwarumuri, hirya no hino mu gihugu urudandaza rw’ibigori ruriko ruragwira. Mbere no mu gisagara ca Bujumbura benshi usanga bateramiye iruhande y’uwotsa ibigori bihereza, batera ryarenga canke batera ijoro ijambo. Neziya ni umupfasoni yotsa ibigori mu Nyakabiga iruhande y’ikigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga.
Ku kagoroba ndahaciye niviriye ku mirimo, nasanze akikijwe n’abakiriya barindiriye ko ibigori bashimye bisha neza, umwe muri bo afise akagori kari ku munwa. N’umwana muto ku mugongo, uwo mukenyezi ntakebuka. Aguma agaragura yongera ahamagara abarengana ngo baze kumugurira. Avuga ko ako kazi kamubeshejeho kuko aza kugakora ku mugoroba yabanje gukora utundi two mu rugo mu gihe umugabo wiwe nawe aba yagiye kwisumamwo.
Bigwiza inyungu
Neziya avuga ko iyo vyagenze neza agafuko yazanye kagahera ashobora kuzinga inoti iri hagati y’ibihumbi cumi (10 000) na mirongo ibiri (20 000). Ariko aho inyungu aba aronse ni hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi umunani (8 000). Tumubajije ico yiyumvira ku ngingo zafashwe mu ntara zimwezimwe zo kubuza urudandazwa nk’urwo akora, agira ati: “Umukama aradufasha ino ntibazotubuze. Twoca dukora iki? Ako kazi burya gasaba umutahe muto kandi akanyungu kaboneka ningoga gutyo umuntu agashobora guca yikenura ubwo nyene. Batubujije twoba turyambaye”.
Kukaba nkako, haraheze umwaka Reta ishinze igiciro c’ibigori, ikilo gitangura kurangurwa ku mafaranga 680. Ariko, nk’uko Neziya yabitubwiye, kugira ikilo c’intete z’ibigori kiboneke, hakenerwa hafi ibigori cumi. Aho ni mu gihe ikigori kimwe Neziya twasanze ariko akigurisha 300 FBu. Ni ukuvuga ko ibigori 10 abigurisha 3 000 FBu. Mugereranije na ya mahera yashingwa na Reta, murumva ko ataho bihuriye.
None koko izo ngingo ntizizoheza zinigira mu menshi utwo tugambi dutoduto twariko turakorwa n’abo bakenyezi biyungunganya ?
Itunganywa ribereye
Mu vyo abategetsi basigura mu kubuza abanyagihugu kugurisha ibigori vyokeje bavuga ko ari kugira babungabunge umwimbu. None koko kurya akagori ni ugusesagura? Ko gucumba umutsima w’ibigori naho nyene ari ukubifungura, bazohava banafata ingingo ibuza gucumba umutsima wavyo? Ncumva iyi ngingo naciye nibuka sokuru atubuza kwotsa ibigori, yatubwira ngo tureke kubimarira ku mbabura. Twitwengera twamubwira ko ari kubera we ata twinyo yari agifise agize inzigo y’uko tuguma tubirya. None vy’ukuri abo bantu boba bisunze iyo mvugo ya sogokuru canke hari ikintu kigaragara cemeza ko kwotsa ibigori bitera gusesagura? Hamwe vyoba ari vyo, nta kuntu twobitorera uwundi muti atari ukubibuza ?
Mu bisanzwe, ni twaba dushaka ko abantu bibeshaho, bashobora kwiyungunganya, urwo rudandazwa tworushigikira nyabuna, ariko tugashiraho n’imigambi yo kubigwiza kugira haboneke ivyo gushira hamwe bigakoreshwa mu kurwanya inzara n’ubukene, ariko n’utwo kudandaza tukaboneka. Kira noneho, hambavu y’uko abo babidandaza bahatorera akoyoko nk’uko twabibonye kuri Neziya, n’abavyihereza ubonye akaneza babifungurana urabona ko karyoshe. Uwafashe irya Bugarama agenda aragahekenya ashika iyo aja yinovora. Ico kuvira hasi ni ingene abo babidandaza bokwitwararika isuku muri urwo rudandazwa.
Oya kweli ubujije kwotsa ibigori kw’ibarabara hari abo uba ugiriye nabi cane. Uretse abo babidandaza uba ugiriye nabi abakigura bari ku rugenda bashonje, canke abafise amikoro make, bakirya bakrenzako utuzi.
Oya kweli ubujije kwotsa ibigori kw’ibarabara hari abo uba ugiriye nabi cane. Uretse abo babidandaza uba ugiriye nabi abakigura bari ku rugenda bashonje, canke abafise amikoro make, bakirya bakrenzako utuzi.
Aha iwacu tuzama turi inyuma