article comment count is: 1

Ni kuva ryari ivyumba vy’amasengesho vyahindutse amavuriro ?

Ivyumba vy’amasengesho ni ivyumba abakirisu bamwe bamwe bahuriramwo maze bagasengera hamwe. Itegeko nshikiranganji nomero 530/310 ryaje riha intumbero ibereye kugenga ibikorwa vy’ivyo vyumba ariko haracari akagihaze nk’uko Franck Arnaud Ndorukwingira abibona.

Mw’itegeko nshikiranganji nomero 530/310 ryo kuwa 15 Ntwarante 2018, mu ngingo zaryo za kane na gatanu, « amasengesho yo mw’ijoro mu vyumba vy’amasengesho ategerezwa kuba yamenyeshejwe abarongoye intwaro, ndetse yanabironkeye uruhusha ». Ubu rero ababa hafi ya bene ivyo vyumba bakaba biruhutsa.

Umupfasoni Uwimana Janine wo muri komine Ntahangwa, ni umwe mu babaye hafi y’icumba c’amasengesho cegamiye ishengero ry’itsinzi rukristu (“Victory Christian Church”, mu rurimi rw’icongereza). Ku bwiwe ngo ubu araryama agasinzira. Araheza akavuga ati : « Iryo tegeko ritarajaho, wagira aho wotoye agatiro, ukumva ingoma n’urwamo rw’abariko basenga, bavuga indimi zidatahuritse, n’induru nyinshi. Ariko, ubu ivyo gusenga mw’ijoro vyarahagaze, turashima cane ».

Ariko rero n’aho biri uko, ntibihagije. Iruhande y’abaza kubisengeramwo, hari n’abarwayi bavyitura, bakahamara iminsi, ndetse bamwe bakanahasiga ubuzima. Maze umuntu agaheza akibaza niba koko ivyo vyumba vy’amasengesho vyarahawe uburenganzira bwo guhindurwa amavuriro.

Abo rero bicwa n’ukutamenya

Muganga Ndayizeye akorera mu Bitaro vyitiriwe umuganwa Karori amenyesha ko ata kwezi kwijana bataronse abarwayi baje baremvye cane kandi bavanywe mu vyumba vy’amasengesho. Eka mbere yaratweretse Aline, umwana w’imyaka cumi n’ibiri, aturuka i Gihanga, yagira ahitanwe na malariya kubera ivyo vyumba. Aline agira ati : « Mawe ni we yanjanyeyo, tumarayo iminsi itatu. Kari akumba gato cane ku buryo kashuha cane, urwamo rw’ingoma ndetse n’ijwi ryo hejuru basengeramwo vyatuma nguma ndemba. Ngize ngo ndashuha, banshirako agatambara bakanyishije mu mazi yasengewe na pasitori. Nabandanije ndemba, gushika aho naravye babona kuhankura ».

Muganga Ndayizeye yuhiriye avuga ko atari bose bahava bagihema. Arashinga intahe ati : « Nta kwezi guheze, umwana yari arwaye ingwara ikamya amaraso kandi yama aza ngo tuyamwongerereze yarahasize ubuzima. Umuvyeyi wiwe rero yahavuye amujana mu vyumba vy’amasengesho, bivuye ku mohe y’abo basenga hamwe, aza kumuzana yaremvye ataco turi bukore, ahava aracikana ».

Ivyo rero hari abavyungukiramwo

Pasitori Meshak atashimye ko mvuga izina ry’isengero ryiwe, aremeza ko ivyo bihari kandi bigwiriye, akegeka ikosa ku barongozi b’amashengero amwe amwe. Avuga ati : « Ugusenga ni uburenganzira bwa muntu, ariko ntivyari bikwiye ko hagira uwubangamira uwundi canke ngo ace kubiri n’amategeko y’igihugu». Ivyo kandi turabisoma mw’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Uburundi, mu ngingo ya 27.

Kuba hari abarwayi barembera mu vyumba vy’amasengesho, bitandukanye n’iyo ngingo. Pasitori Meshak ahanura ubutegetsi gukurikiranira hafi ibikorwa vy’amasengero, bugahana mbere bukugara amasengero n’ivyumba vyayo bidakurikiza amategeko. Gutyo abanyagihugu bazoba bariko barakingirwa bikwiye.

 


Soma kandi : Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Gusenga ni ikintu ciza Bibiliya idusaba gukora. Ariko, Bibiliya ntitwemerera kurenga uburenganzira bw’abandi iyo turiko turasenga (ntugakorere abandi ivyo udashaka ko bagukorera). Kuvuza urwamo i ruhande y’amazu abantu babamwo, ni ukubarengera akarimbi no kubaka uburenganzira bwabo. Naho twemerewe gusenga, ntibiduha uburenganzira bwo kutubahiriza uburenganzira bw’abandi. Abatunganya ivyumba vy’amasengesho bakora amakosa iyo badurumbanije abegereye aho bakoranira.
    Vyongeye, kwegeraniriza abarwaye mu vyumba vy’amasengesho, ni kimwe mu bintu bishobora kubangamira amagara y’abantu. Ahanini, guhindura ivyo vyumba bikaba ibitaro bitazwi, biterwa n’ugutahura nabi ukuntu Imana ikora. Mu vy’ukuri, Imana irakiza mu buryo bw’igitangaza, ariko gukira mu buryo bw’igitangaza si bwo buryo bwo gukira yashinze igihe cose. Imana yaratunganije ubuzima, iduha ivyo gufungura bitandukanye kugirango bidufashe kugira amagara meza. Yafashe ibiremwa bimwe bimwe (cane cane ibiterwa) ibishiramwo ubushobozi bwo gukiza indwara zimwe zimwe, iraheza iha abantu ubwenge bwo kubikuramwo imiti. Abavuga ko bidakenewe kuja kwa muganga barabeshera Imana. Ubuvuzi bukomoka ku Mana.
    Indwara zidashobora kuvurwa n’ubuhinga bw’ubuvuzi, ni izituruka ku madayimoni n’uburozi. Izo zisaba gusenga kuko zubakiye ku bushobozi bw’impwemu (forces spirituelles). Ingorane, nuko hari abitiranya indwara zose n’amadayimoni canke uburozi, ugasanga n’uwurwaye malariya canke amacinya birukanye mu vyumba vy’amasengesho. Izindi ndwara zikunda kwitiranywa n’amadayimoni, ni izigaragaza ukwononekara mu vyiyumviro. Ariko rero, hari igihe biba biturutse ku kabonge, canke ukurundana kw’ingorane mu buzima bw’umuntu. Muri ico gihe, haba hakenewe ubuvuzi bujanye n’indwara zo mu mutwe.
    Ikindi novuga, nuko amashengero yiyegereza abantu mu bibagoye kurusha amavuriro n’intwaro, bigatuma bayahurumbira mu ngorane bagira. Aha rero, intwaro y’igihugu itegerezwa kwerekana kwitaho abantu. N’abavuzi bakwiye kwerekana umutima wo kwitaho abantu, ntibarabe irarirari canke ngo babarindirize umwanya munini. Ahandi ho, bizotuma batihutira kuja kwivuza iyo barwaye. Biranashoboka kandi ko ubukene butuma abantu batinya kuja ku mavuriro, bagahitamwo kuja aho bashobora gusengerwa batarinze gutanga amafaranga.
    Abajejwe amagara y’abantu n’abajejwe intwaro y’igihugu barakwiye gukurikiranira ico kibazo hafi.; bagakorana kugirango ivyumba vy’amasengesho ntibibe ivyo kudurumbanya akarere birimwo, ntihagire abajanwa mu vyumba vy’amasengesho batari bakwiye kujayo, ntihagire abasinzikarira canke ngo bapfire muri ivyo vyumba. Birakenewe kandi ko abarongoye abandi mu mashengero yose bahabwa ubumenyi mu bijanye n’amategeko aberekeye kurusha ayandi, uburenganzira bw’abantu hamwe n’ubumenyi ndondoramana, harimwo n’ibijanye n’ubuvuzi. Aho ni ho abasenga bazoshobora kwubahiriza abandi, kandi ntihagire abitiranya ibintu ngo bahave bihindura abavuzi kandi batabiherewe uruhusha.