« Guhera kuri uyu wa 12 Myandagaro 2024, ni indwi yahariwe isuku mu gisagara ca Bujumbura » ; vyatangajwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, kuwa gatandatu uheze, itariki 10 Myandagaro 2024. Ikibazo c’isuku si irya mbere kigarutse mu mvugo z’abategetsi bakomeye mu Burundi, na cane cane umukuru w’igihugu. None vyankira he ?
Iyo ngingo itangajwe n’umukuru w’igihugu, neza na neza inyuma y’amezi 5 arengako 3 atanguje isekeza ry’ugukura icitwa iyarara cose mu gisagara ca Bujumbura. Iryo sekeza ryatangujwe itariki 7 Ntwarante 2024, inyuma y’inama umukuru w’igihugu yagirishije indongozi z’igisagara ca Bujumbura, bikaba vyamenyeshejwe ko ryategekanirizwa kumara imisi 100. Ico gihe mbere, umukuru w’igisagara Jimmy Hatungimana, nawe yaheruka gutanga imisi 45 ngo igisagara ca Bujumbura kibe gitonyanga isuku.
Na none rero, inyuma y’ayo masekeza yose, umukuru w’igihugu agarutse atangariza Abanyagisagara irindi sekeza nk’iryo nyene, rigiye kumara imisi 7. Aha, utubazo ni indiri : mbega amasekeza y’imbere y’iri yoba ata cavuyemwo ? Abanyagisagara boba babaye nka vya « bipfu » bivugwa muri bibiriya, bimwe bisubira ku bupfu bwavyo kurya imbwa isubira ku vy’idashwe (Imigani 26 :11) ? Hoba harabuze ingendo, ingingo n’imigambi birama vyotuma isuku ritokongera kuba ikiraje ishinga abategetsi, ngo bikunde biteho ibindi bibazo vy’inkoramutima bihanze Abanyagisagara, ubona ko navyo bitanabuze ?
« Nta kabura imvo »
Si ivy’imbeshere, isuku mu gisagara ca Bujumbura ni ingorane ihambaye. Ariko hari impamvu ivyo bimeze uko. Reka dufatire ku karorero k’inyishu zatanzwe n’icigwa ku «Uruhara rwa koperative Isuku Iwacu mu gusukura zone ya Kinama ». Hari mu mwaka w’2020. Muri ico cigwa, Abanyakinama bashika ku 95 barabajijwe ku mvo nyamukuru zituma isuku rike rikomeza kwigaragaza muri iyo zone.
Mu nyishu zatanzwe, hari 75% bemeza ko biva ku kwanka kuriha amafaranga ku masosiyete yegeranya iyarara mu mihana. 95,7% nabo bakemeza ko biva ku bukene bw’ibikoresho bikwiye kuri ayo masosiyete, hanyuma, hakaza 94,5% bemeza ko bikomoka ku kudahimirizwa bihagije ku bijanye n’ukwitwararika isuku.
Naho izo nyishu zimeze uko, muri abo babajijwe, harimwo abarongozi b’amakaritiye 11 agize iyo zone ya Kinama. Ku rugero rw’100%, bose barahurije ko biva ku bwinshi bw’abantu baba muri ako karere, ukudasuzuma ibijanye n’isuku buri musi, ubushobozi buke mu guhingura iyarara n’ukudahimiriza ku ngaruka mbi. Ku kaba nkakwo, zone ya Kinama yonyene, igizwe n’amakaritiye 11, ico cigwa kikavuga ko yaharurwamwo imiryango 16763, ico gihe.
Iruhande y’ubwinshi bw’abantu baba muri iyo zone, ico cigwa kiravuga kandi ko urugezo rw’amashure ab’aho baba barize narwo rufise uruhara mu kugene isuku ryitabwaho. Muri bamwe 95 babajijwe, habonetsemwo 57% batazi gusoma n’ukwandika. Ico cigwa, kigashimikira ku budasa bw’isuku rirangwa mu Kinama n’iryo mu mazone nka Rohero, Kiriri, Asiatique na Kabondo, ho haba abafise urugero rwigiwe imbere mu mashure bize.
Tuve mu « kâbāje nde ? »
Uwokwibesha ni uwokwibaza ko izo mvo ziraba zone ya Kinama gusa, canke ko vyoharurwa ku mazone ari ku mbiga z’igisagara yonyene. Sigaho ! Utembereye mu masoko canke ku nkengera z’imiserege y’ayo yandi mazone yitwa ko ari hagati mu gisagara, niho utahura ko, naho hari itandukaniro, akari mu mpene ugasanga no mu ntama.
Ni uko rero, nimba koko hari ishaka rya poritike ry’ugushiraho igisagara c’isuku, hari ibikurubikuru vy’ukwitondera. Ica mbere cobarizwa mu nyubako y’igisagara n’inyubakwa rusangi zagenewe isuku. Ubwo, uwosuzuma aho tugeze muri ya ndinganizo ndongoraterambere ry’igisagara ca Bujumbura washirwaho mu 2014 (Bujumbura 2045), yosanga tugeze nahe ?
Ikindi coba ikibazo c’uburongozi. Ugiye kuraba ukugene amakaritiye atandukanye mu gisagara arongowe, uretse amanama y’imigambwe, nta bindi bibanza canke amasango vyugururiwe ababa muri karitiye bose (ata kuvangura bibayemwo) ngo bayage ubuzima bw’ikaritiye, hadasizwe inyuma uguhimirizanya kw’isuku. Ahatari hake, usanga benshi bazinanye n’uwutwara karitiye bagiye kumusinyishako agatabu ndangamuryango gusa ; nta kindi, mu gihe mudahuriye mu bikorwa vy’umugambwe arimwo.
Ica nyuma rero kikaba ugukurikiranira hafi ibikorwa vy’amasosiyete yahawe amasoko y’ukwegeranya n’ugutunganya iyarara mu gisagara. Nimba akora neza, ni gute umukuru w’igihugu ahindukira akaba ariwe asemerera ku kibazo c’isuku mu gisagara ? Muri ya nama n’abajejwe intwaro mu gisagara, muri Ntwarante 2024, umukuru w’igihugu akaba yababwiye ati : « ni mube abitaho iterambere ry’umunyagihugu babushitse, aho kwibera abahiganyungu (commissionnaires) gusa ! ».
Bisaba uwubonye imicafu imbere yiwe ayikure atagisabwe. Ibirenze (amande)