Mu kwezi kwa gatandatu, Abarundi barasubira kwitorera abashingamateka n’abajenama b’amakomine. Imbere yaho, hariho ikiringo c’imyiyamamazo. Uyu mwanditsi yadutororokanije inyifato zitanu twokwirinda ku neza y’Uburundi n’Abarundi.
Wa wundi ati: « Amatora azogenda neza cane ». Ico ni co cipfuzo c’Abarundi benshi, baba abitoza, abatora, eka mbere n’abatarakwiza iyo myaka yo gutora. Ngo “ingoma yagukanze irahuhuma uguhunga’’, mu Burundi benshi basigaye batinya ico gihe, kuko kenshi cama kivyara indyane. Kugira ntidusubire kugwa mw’ihumbi ngo twibuke kuyora twasheshe, hari ibintu bitanu ku bwanje twategerezwa kwirinda.
1. “Kugura’’ amajwi
Uno musi, haba ku mbuga ngurukanabumenyi na koraniro, eka na makuru aca ku mboneshakure n’amaradiyo, turabona ko bamwebamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka basubiye kwibuka iwabo. Eka mbere uno musi bagenda bitwaje n’agaseke. Turababona batanga ibitenge, isukari, akarwa, n’ibindi. Abo babihabwa babita ba “ntahonikora”. Henshi urabona ko bakenye, bashonje. Ikibazo: mbega umushingamateka canke umukenguzamateka icomutera iteka gusumba ni uko inyuma y’imyaka aba amaze ari muri ico kibanza, aho avuka, aho bamutoye harwira ba ntahonikora, nabo nyene akabibuka ikiringo co gusubira kwiyamamaza kigeze ? Canke ni uko ashobora gufasha abo banyagihugu kwiteza imbere bagashobora kwigurira ico gitenge, ako gacupa, ako gasukari n’ibindi ? Mbega ivyo bitangwa ntaho vyoba bifise intumbero yo kuvuga ngo “uribuka ko nakuzaniye igitenge n’agasukari uze untore ?’’ Mbega umwe akeneye kwitoza adafise ivyo atanga, amahera yo kugura ivyo bitenge, n’ibindi ntazohava avyitwaza ngo “banaka baraguze amajwi’’ hama bisubire kuvyara impari inyuma y’amatora ? Ubwo uwokwigisha abo ba ntahonikora kworora, kurima kijambere, gukora n’iyindi migambi ibateza imbere, ntiyoba abafashije gose gusumba ? Ubwo ubwo buryo butangwa kugira imboneshakure n’amaradiyo bije kwerekana abantu bashonje, ba ntahonikora ntiyofasha kugira bave muri ubwo bukene ? Kubemera Imana, handitswe ngo “Ico utangishije ukubafu n’ukuryo ntikubimenye’’. Ivyo turavyibuka ?
2. Gusotorana, kwambikana ibara
Mu gihe co kwiyamamaza, hari benshi aho gusigura gishasha bazanye, bamara igihe bavuga abandi, babatuka, berekana ivyo batashoboye gukora, n’ibindi. Ukarindira ko berekana ingene ibibazo ibi na biriya vyotora umuti ukabura.
Eka mbere n’ibitutsi bikajamwo. Turibuka ngo « isiha mu bigega », » mujeri », n’ibindi. Iyo rero umuntu amaze kwaka uwundi ubuntu, akamwitiranya n’igikoko iki canke kiriya, murumva iyo biba bitera bija. Tukaba tugomba amatora atekanye, izo mvugo tukazirinda kuko ni wo muzi w’akarambaraye.
3. Guhuvya urwaruka
Muri kahise atari aka kure, urwaruka rwinshi rwarajanye nyabahururu, rurakwegerwa mu ndyane za poritike. Bamwe ngo dushigikiye uwo munyeporitike, abandi ngo natwe turi abo kwa naka. Bamwe ukumva bagira bati: “Nta kurekura!”. Abandi bati: “Duhe natwe!”. Ivyo bikavyara indyane.
Benshi baribuka ivyabaye mu 2015. Vyarangiye benshi muri urwo rwaruka, abatari bake bishwe, abandi barahunga abandi barafatwa barapfungwa. Aho rero vyashikiye abari ku mpande zose. Kazoza kabo kaba karaburijwemwo.
Ugiye mu Mpimba canke mu yandi mabohero, mu rwaruka ruriyo hari n’abariyo guhera 2015. Uno musi, ababakwegeye muri vyo, nta cemezo kiriho ko bibuka urwo rwaruka.
Uno musi, urwaruka ruhanzwe na vyinshi : ubukene, ubushomeri, kubura aho biga, kubura abigisha n’ibindi. Nta kenka kw’ejo aho bukera, kwiyamamaza bitanguye, abanyeporitike bazoca bibuka ko rwaruka rufise akamaro, ico rwobafasha. Bamwe biyite iki canke kiriya kubera agacupa, akanoti, agati k’inyama, n’ibindi. Bazonabemeza ko ari bo Burundi bw’ejo. Mugabo amatora aheze, uce umengo ubucuti buhereye aho nyene.
Ivyo twobigira indahiro.
4. Kudafata kumwe abahiganwa
Aha rero, wa wundi ati bibwirwa benshi bikumva benevyo. Amaradiyo, ibinyamakuru vyandika canke bica ku buhinga bwa none birafise uruhara rukomeye. Ego ntikibujijwe ko umumenyeshamakuru aja mu mugambwe, mugabo iyo ari mu kazi, birasabwa gufata kumwe abahiganwa. Aho naho bica mu guha ijambo bose n’umwanya ungana. Ico gituma habura ivyitwazo.
Iki kiranaraba cane umugwi ujejwe gutunganya no guhagarikira amatora. Ubwo abahiganwa bama bafatwa kumwe ? Iyo habaye amatati mu myiyamazo, bafatwa kumwe kugira ukuri kuje ahabona ? Amategeko asomwa kumwe kuri bose na hose ?
Iki ni ikindi co kuzirikana. Gishobora kuvyara ibitari vyiza kititondewe.
5. Kudahengama kw’inzego za Reta
Aha abo biraba ni benshi. Abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe ubutungane. Abo bose basabwa kwirinda kwegamira uyu canke uriya. Basabwa kuja hagati, kurwanira ukuri.
Izo nyifato tuzirinze, nta nkeka ko aya matora yoba mu mutekano agahera ata mpari maze abanyagihugu bakagubwa neza mu gihugu barongowe n’inzego bitoreye ubwabo imitima itekanye. Yoba ari n’intambwe itegura ayazoba mu 2027.
Jew ntavyo shigikiy banz mumanure ibiciro vyamabati