Ubukene bw’ibitoro busa n’ubwabaye akananirabahinga muri ino misi. Mu makomine atatu agize igisagara ca Bujumbura naho, akajagari mu gisata c’ukwiyunguruza, uhere ku mutekano wo mw’ibarabara kugeza ku biciro vy’ukwiyunguruza biti: “twatanzwe”. Muri ivyo bihe bidasanzwe, uno mwanditsi wa Yaga yahisemwo gutaka uburongozi bw’amakomine atatu agize igisagara ca Bujumbura.
Banyakubahwa, maze imisi nihweza ibiriko birabera mu gisata c’ukwiyunguruza, biteye agahinda n’isoni. Imisi yose, mu gatondo ntonze ku mirimo canke ku mugoroba ngodotse, agahinda kanyuzura umutima, nk’uko biri mu mitima y’Abarundi benshi na canecane Abanyagisagara ca Bujumbura.
Ba Nyakubahwa, karashize ingani Abanyagisagara tubane dukakana muri duke nk’ubusimbirahamwe, nk’aho womengo turi ingabo zitagira abatware? Ibibera ku bunywero bw’ibitoro niyo shusho bitanga. Ukaja ubona ikimodoka kizana ibitoro kiraje, ababimenye kare bakaba baraza gutonda, umurongo ata wubona iyo uhera n’iyo uhereza ng’uwo. Ca gitoro camara gushika, cose kigahera kinywerewe mu majerekani (canke amabido), bamwe bo ku mirongo bagataha imvumure; n’umwanya baba bahataye.
Niko, ndabizirikana cane ko ubuyobozi bw’igisagara atari bwo bufise umuti w’iki kibazo c’ibitoro. Ariko, mu vyubahiro bitandukanye mufise, sinkekeranya ko hari ico mushoboye gukora, maze Abanyagisangara bakoroherwa na bukebuke. Kandi mpisemwo kubandikira kano kabaruwa ngo ntange ivyiyumviro vy’ingingo nka zitatu zofasha.
1. Ukworohereza benshi
Si agaseseshwarumuri, Abanyagisagara benshi biyunguruza bakoresheje imiduga rusangi (bus canke taxis). Ubwo none ga barongozi, nta kuntu mwoja hamwe na bene kudandaza ivyo bitoro, mukadushiriraho intonde z’ibibanza bitanga igitoro ata yindi miduga yonyweraho atari iyo rusangi, maze ahasigaye hakanywera iz’abo ku giti cabo (affaires promenade) ?
Mwohava mugira ngo isoko y’urudandazwa nta wuyigera; ariko, mu vyo uburongozi bujejwe, harimwo no gukingira umuguzi amayeri y’abadandaza n’abashaka kwikika mu kiza ngo bamunyohe. Kira noneho, turi mu bihe bidasanzwe, hakenewe ingingo zidasanzwe z’uko twovyifatamwo (mesures spéciales d’adaptation).
Mu guherekeza iyo ngingo, mwoheza mukaturabira, nk’ibice nka 50 % vy’igitoro kibonetse bikajanwa muri ubwo bunywero bw’imiduga rusangi, abandi bakagabangana 50% bisigaye (Abahinga boharura ibice bikwiriye). Uko biri kwose, ntihagire imodoka rusangi ibura igitoro, ubona ko ari na nke.
2. Ukugabanya amanyanga n’amayeri
Umukuru w’igihugu amaze imisi ahigura n’indongozi zahisemwo kugoba izo ziyoboye, mu kwirara mu rudandazwa rw’ibitoro vya magendo. Ariko, ubu urwo rudandazwa rubera ku mugaragaro hano mu gisagara. Ntibigoye kubibona. Ku bunywero bw’ibitoro, uja ubona abatondanye amajerekani; baba babijanye hehe ?
Ako kajagari kakagira n’akarikora, abapolisi barungikwa gucungera umutekano w’aho bariko baranywesha, abatari bake muri bo ni nabo basigaye bahagararira ako kajagari. Ni nabo bivuganira na bene amajerekani, bakabavomera, uwuri ku murongo akarira atawe ari buyahe.
3. Umutekano n’urutonde mu bituro
Ikintu c’uko imiduga rusangi ihitana abantu aho ibonye hose, ubwo siyo ntango y’akajagari mu ruja n’uruza ? Nta kuntu hojaho ibituro ntabanduka, aho imiduga rusangi ihagara n’aho yuririrwa? Nk’akarorero, kuri buri metero 500, hakaba igituro kizwi n’amategeko, maze abatacubahirije bakabihanirwa.
Mwe n’iyo ngingo yofasha abajejwe umutekano n’urutonde rw’ibituro mu kuborohereza mu kazi kabo, eka mbere n’abatonda ku mirimo, ikabakingira kwirirwa banamye ku mabarabara barindiriye imiduga batazi iyo izanana, bayironka naho ikagenda irahagara mu kajagari, bikabacereza, bakanahungabanya uruja n’uruza.
Akarusho kandi k’iyo ngingo, ni uko n’ugucungera ibiciro vy’ukwiyunguruza vyoca vyoroha, abikika mu kiza c’akajagari bakagabanuka.
Banyakubahwa, ndabatatse ntabategeka, ngo muhagararire inyungu n’ineza y’Abanyagisagara murongoye uyu musi. Akajagari kari mu gisata c’ukwiyunguruza uyu musi ntigakomoka kuri mwebwe, ariko ni mwebwe nyene bo gufasha Abanyagisagara kugira inyifato ibereye, ikomeza umubano mwiza n’umutekano mu bihe bidasanzwe nk’ibi.
Cari iciyumviro canje. Ngize nti nitugire amahoro, ahari abagabo ntihakagwe ibara.
Uvuze neza cane nizereko abategetsi barongoye igisagara ca Bujumbura bazokurikiza izompanuro mutanze. Hezagirwa
Ese ivyo vyiyumviro vyokwemerwa bikaja mungiro abarundi canecane abanyagisagara ca Bujumbura bokworoherwa.
« YAGA » mwubahwe muri abagabo🙏🙏