Pamela ni umwigeme aheruka gukwiza imyaka 14. Haciye iminsi mike avuye mu bitaro, kubera indwara yari yamufatiye mu gihimba ciwe c’irondoka. Umuganga yamuvuye yamusiguriye ko ivyo yabitewe n’ukuba yatanguye gukora imibonano mpuzabitsina akiri muto cane. Aratwiganira ingene vyamugendeye.
Nakwije imyaka 13 mbana n’abavyeyi banje, mu Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura. Ndaciga mu mwaka w’umunani w’ishure shingiro, ariko nkagira igikuriro, ku buryo uwumbonye ntambaye umwambaro w’ishure vyomugora kuntandukanya n’abiga mu mashure akuze.
Mu rupangu twahora tubamwo, harimwo umuhungu, nawe nyene abavyeyi biwe basa n’abaziye rimwe gupanga inzu ngaho, igihe kimwe n’ab’iwanje. Uwo muhungu yaransumba, kuko wewe yariko arababa imyaka 16. Twarakunda cane gutera inkuru, ngakunda cane ukuntu yansigurira ingene ivyo gukundana bigenda. Numva ari ivy’abantu bakuze, nkumva ko urwo ari rwo rugero ngezeko. Uwo muhungu, twabirabira hamwe mu mareresi ku mboneshakure yo muhira, ahandi naho tukabona ukungene, ku kagoroba, abahungu n’abakobwa bakora mu kibano wasanga bafatanye ku bitugu, bavugana utuntu, imisi yose.
…turateba turabikora
Ndavyibuka neza. Uwo musi, abavyeyi banje bari bagiye ahantu ku rubanza. Ab’uwo muhungu nabo sinzi iyo bari baroye. Twasa n’abasigaye muri urwo rupangu turi babiri gusa. Maze wa muhungu araza muhira, turasangira imfungurwa zo mu gitondo, noneho twandama kuraba ireresi ku mboneshakure.
Uko nabona abantu bariko barasomana muri iyo reresi, nanje numva umengo ndashaka kumenya ico bakura muri ukwo gusomana. Noneho ndabaza uwo muhungu nti : « Nka barya bantu biyumva gute ? » Kera na kera, mbona aranyegereye ati : « Reka dupime uvyiyumvire. » Sinashobora kumwankira, kuko nanje numva nkeneye kumenya ivy’ari vyo.
Twarabandanije, nkagumana numva mpahamiye kubona inzira zose ajana, mu gushira mu ngiro bimwe yahora ansigurira. Nta wundi nari bwigere ndavyumvana, kiretse uwo muhungu. Ico bikoze, umuvyeyi wanje, igihe naja mu butinyanka irya mbere, yarambwiye ati : « Ico ni ikikumenyesha ko niwasamara ukaryamana n’abahungu, uzoca utwara inda » ; araheza aransigurira ingene nzokwama nifata igihe cose nobona amaraso. Ariko uwo muhungu we yaransiguriye vyinshi, bituma ndamwiyumvamwo nk’umugenzi akomeye.
Uwo musi tubikora, niriwe mfise ubwoba. Naguma niyumvira ko noba nasamye ya nda mama yambwira. Ariko, ndanuma. Mbona haraciye imisi, iyindi irahera, ata mpinduka n’imwe mbonye.
Nca nanduriramwo indwara
Maze kubona ko ata nkurikizi igaragaye, naciye numva umengo nta mpamvu yo kugira ubwoba. Igihe cose rero uwo muhungu yansavye ko twosubira, sinamwankira ; kuko muri jewe numva umengo ni co kinyemeza ko nkuze. Ariko kandi, narumva ko mfise ico kuyagira abandi bakobwa twagendana, kuko na bo baguma bihaya ingene babikoze n’abahungu bakundana ; gutyo nanje nkaronka ico mvuga.
Muri iyo misi iheze rero, nagiye numva ntanguye kuribwa cane mu mugongo. Mu nyuma, ngira umucanwa mwinshi cane. Abavyeyi baranjanye kwa muganga, uno nawe arambaza mw’ibanga nta ngere ati : « Umaze gukora imibonano mpuzabitsina kangahe ? » Numva ntewe n’ubwoba, ariko ndarya umutima amenyo, ndamubwira ko ari kenshi, ngirako ndamusaba ko atobibwira abavyeyi banje.
Yaciye anyinjiza ibitaro, ambwira ko rwaye mu turingoti tuvana umwanda muto mu mafyigo, tuwusohora hanze. Ariko nyene aranyihanikiriza ko ntosubira gukora iyo mibonano mpuzabitsina, ngo kuko ari ho nanduriye iyo rwara.
Ubu, novuga ko narusimvye, kuko ntasanze nasamye imbanyi canke ngo rware irwara idakira nka Sida. Ariko, ubu ndiyumvira ku ndiri n’indiri z’abana b’abigeme bakorerwa ivyo bintu mu kutamenya, bikansiga mu bwenge. Abavyeyi bacu bari bakwiye kwikebuka mu buryo batuyagira ivy’ubuzima bwacu.
None wewe ntiyari yakubwiye maman wawe??
Waramwunviye
Ihangane urumv mama waw yariyabikubwiy
Nurabe uhanure urwaruka rwubu rwasaze
je sinovuga ngo nurwaruka rwasaze ahubwo abavyeyi turakwiye kubwira abana ukuri ,de ne pas prendre la sexualité comme un tabou kuko urabona kwataco yabwiye ariko elle a voulu vivre ivyabona dans les films et c qu’elle entend mu bagenzi biwe,abavyeyi ba abagenzi babana banyu mubabwize ukuri hama azomenya uko yigenza naho niwabifata nkibiterasoni ,avec la technologie uzobona vyinshi
Mpore
Ibiyago nk’ibi ni vyiza, birigisha cn
Abavyeyi barakwiye kubwira abana babo ukuri bakababa hafi ,kumubwira ko asamaye azoca atwara inda ntibikwiye kuko aho nta nda yatwaye yahakuye indwara,jew mbona abavyeyi bokwitaho abana bakaba abagenzi babo batabakariye, donc nkivyo uwo muhungu yamubwira ingene urukundo bigenda mama yategerezwa kuba yarabimusiguriye
pole sana kueli gusa muze murumviriza impanuro zabavyeyi
Uze uhanura abandi bigeme nkawe
Pole sana.Birabereye ko abakiri bato bigishwa bikwiye n’abo bose babijejwe kandi babishoboye tutibagiye abavyeyi babo mu ntumbero yogukinga ayo mabi yose aturuka ku mibonano mpuzabitsina.
wapi s’abavyeyi bonyen n’abana b’ubu ni ingorane gusa n’intumva motif ngo ni yo majambere yo kwirekura
abana b’ubu wapi ntakigenda ni intumva
Ikintu kimwe gikenewe nuko abavyeyi boreka guca hirya nino iyo baheze kuri ico kiyago. Ni uko bohora babwiza ukuri kutagabanutse abana babo kugira bareke kubironka babibwiwe na barundi kuko niyo soko yo kuja kubirondera hanze maze bigatuma abana bagwa mukutamenya
Abavyeyi Barakwiye Gusinguririra Abana Babo Ukuri Kwose Kugarukambi Zoguhuza Ibitsina Hataragera Bakogera Bakabanganiriza Nimico Yikirundi Nimigenzo Yakera
Nukuri birashimishije kuba mwaratahuye ko ivyo mwakora katakamaro vyabagiriye kubwivyo ndashimye cane kuntumbere nziza mwafashe ndi justin rutana musongati