Abantu batari bake barahurumbira kuba mu gisagara kuko usanga ari ahantu hari ubuzima buryoshe. Abenshi rero muri bo baribagira ko atari ivya bose kuhaba neza nk’abo tubona bahamererewe neza. Rénovat Ndikumwenayo arabituyagira akongera agatanga impanuro.
Renovat Ndikumwenayo
Renovat Ndikumwenayo étudie les Sciences de la Santé à l’Université des Grands
Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi
Aho hambere hahise, mu Burundi, hararangwa umugenzo wo gufashanya hagati y’ababanyi, incuti hamwe n’abagenzi. Ariko rero, mu bihe vya none, haribonekeza itituka ry’uwo mugozi wahora wunze ubumwe bwa benshi. Ni naco gituma hari hakwiye kugira igikozwe maze urwo rukundo rusubire […]
Ugutembera ni ngirakamaro mu buzima
Abantu benshi barakunda gutembera bakabona ibindi bice vy’isi eka mbere bakanahamenyera vyinshi. Biramaze kwibonekeza ko ugutembera ari ngirakamaro kuko ivyo wigira muyindi mihingo biragufasha kwiyungunganya mu buzima bwa minsi yose nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.
Itunga rya mbere ku bubakanye n’ukubana neza
Ibanga ryo kwubakana rirakomeye cane kuko umuryango niwo mushinge w’umubano mu bantu kandi ukongera ukaba n’isoko ry’indero y’abana bawuvutsemwo. Itunga risumba yose ku bubakanye rero n’ukubana mu mwumvikano. Renovat Ndikumwenayo araducira ku mayange uko ingo nyinshi zisambuka bivanye n’ukwitwara nabi […]
Ni gute twokoresha neza amafaranga yacu?
Mu gihe amafaranga ya muntu ari yo ahanini amufasha mu vyo akeneye iminsi yose gutyo akabandanya kwiteza imbere mu muryango, hari n’abandi bantu bayaronka akabapfako ubusa eka mbere ugasanga ababo babayeho nabi kurusha n’abandi atayo bafise. Renovat Ndikumwenayo aratuyagira ukwo […]
Duteze imbere abavuza imiti y’ikirundi
Mu Burundi, mu gihe abatari bake bacitiranya abavuzi bakoresha imiti y’ikirundi hamwe n’abapfumu mbere ugasanga bamwe barabigiriyemwo n’ingorane, Renovat Ndikumwenayo aratubwira ko abo bavuza imiti y’ikirundi atari abapfumu canke abafyitirizi bakunze guhenda abantu ngo baravura indwara z’ikirundi. Muri abo bavuza […]
Kwubaka birashoboka naho twoba tutagira uburyo bwinshi
Mu gihe muri ino minsi hibonekeza ukubura akazi ku rwaruka ruhejeje amashure, abatari bake biranabagirako ingaruka mbi mu bijanye n’imibano. Renovat Ndikumwenayo aravyihweza agasanga benshi mu bakiri bato badafise akazi badashobora no kwubaka izabo nk’uko abituyagira.
Dufunguye neza, tugira amagara meza
Abarundi benshi baracibaza ko gufungura neza ari ukwama barafungura indya zitetse n’amavuta gusa, abandi nabo bakabona ko kwama barafungura inyama, amagi canke bakanywa amata n’ibindi bifungurwa vyinshi vyiza nk’ivyo. Ariko naho biri ukwo, Renovat Ndikumwenayo wewe ahanura benshi ko nyabuna […]
Twirinde abafyitirizi
Mu gihe abarundi benshi bacirukira abavuzi b’ikirundi benshi bazi kw’izina rya rumenyi canke abafyitirizi, Rénovat Ndikumwenayo we abona ko nyabuna bari bakwiye kwijukira kwivuriza kwa muganga bakoresheje ka gakarata CAM Leta ihimiriza abanyagihugu kwivurizako.