Mu kwifadikanya n’isi yose mw’isekeza ry’imisi 16 yo guhimiriza kurwanya amabi afatiye ku gitsina, Yaga yaratunganije ihiganwa rizorangira ku wa 1 Kigarama 2023. Intumbero nyamukuru ni guha akaryo abahazampano (artistes) ko guterera mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Iryo higanwa ryisunga icivugo : « Impano yanje mu kwurwanya amabi afatiye ku gitsina ».
Iri higanwa ryugururiwe abahazampano bose bafise hagati y’imyaka 12 kugeza kuri 35 baba mu ntara ya Gitega no mu micungararo yaho. Intumbero nyamukuru y’iri higanwa ni guhuza urwaruka rusanzwe rukunda ibikorwa mvabwenge bari mu mice ine : Ubuhazampano nyuramaso (arts visuels) nko gushushanya (gucapa), gusiga, kubaza, kubumba, ivyese (slam), umuziki hamwe n’ibikino nyuramico (théâtre). Abo bose, bakora ibikorwa vyabo mu ntumbero yo guhimiriza amabi afatiye ku gitsina mu kibano cabo.
Iri higanwa kandi « Impano yanje mu kwurwanya amabi afatiye ku gitsina », rifise intumbero yo kwugurura ikiyago ku vyerekeye amabi ashingiye ku gitsina, kurwanya ivyizerwa bitari vyo ku vyerekeye ibitsina, no guhimiriza utwigoro rusangi mu kurandurana n’imizi ayo mabi.
Ivyisungwa mu gutora abarushije abandi
Ibikorwa mvabwenge bizotorwa bitegerezwa kuba bijanye n’ibi bikurikira :
- Ubugabo nyabwo (La masculinité positive)
- Uruhara rw’abakenyezi muri politike
- Uruhara rw’abakenyezi mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu
Abizewe ngo batore ibikorwa biruta ibindi baziga neza ibikorwa vyatanzwe bisunze ko harimwo akabirya, ko bikora ku mutima (bivyura impuhwe n’ibigumbagumba), n’uko bihuye n’urufatiro rw’iri higanwa.
Ibikorwa bitatu vyarushije ibindi bizohabwa ubushimwe mu gisata kimwe kimwe cose muri bine biri muri iri higanwa.
Ni nde arekuriwe kwitaba iri higanwa ?
Abemerewe guhiganwa bategerezwa kuba :
- Abarundi canke abanyamahanga baba i Gitega canke mu micungararo yaho.
- Bafise hagati y’imyaka 12 na 35
Ingene winjira muri iri higanwa
Ivyese (slam) vs amabi ashingiye ku gitsina
- Andika icese gihuye n’urufatiro rwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina (amajwi gusa canke iherekejwe n’umuziki) ;
- Rungika akavidewo iriko urakivuga ku nomero +257 66 47 49 71 iri kuri WhatsApp wongereko umwidondoro wawe (izina, amatazirano, aho uba, imyaka yawe) imbere y’uwa 1 Kigarama 2023.
Ibikino nyuramico vs amabi ashingiye ku gitsina
- Tunganya igikino nyuramico kitarenza iminota 10 kijanye n’urufatiro rwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina ;
- Tora abakinyi hanyuma ubahe ico bakina umwe umwe, kiretse igihe igikino gikinwa n’umuntu umwe ;
- Rungika akavidewo k’igikino kanyu ku nomero +257 66 47 49 71 iri kuri WhatsApp wongereko umwidondoro wawe (izina, amatazirano, aho uba, imyaka yawe) imbere y’uwa 1 Kigarama 2023.
Ubuhazampano nyuramaso vs amabi ashingiye ku gitsina
- Tuganya igikorwa cawe nyuramaso : igishusho (igicapo), ikibazano, igishusho gisize (tableau), n’ibindi wisunze urufatiro rwo kurwanya amabi ashingiye ku gitsina ;
- Rungika ifoto y’igikorwa cawe ku nomero +257 66 47 49 71 iri kuri WhatsApp wongereko umwidondoro wawe (izina, amatazirano, aho uba, imyaka yawe) imbere y’uwa 1 Kigarama 2023.
Umuziki vs amabi ashingiye ku gitsina
- Voma umuziki uciye kuri aka gahora [voma umuziki hano] canke urundi ruririmbo witoreye ;
- Tunganya ururirimbo rwawe ukoresheje uwo muziki uvomye wisunze urufatiro rwo kurwanya amabi ashingiye kugitsina ;
- Rungika ururirimbo rwawe ku nomero +257 66 47 49 71 iri kuri WhatsApp wongereko umwidondoro wawe (izina, amatazirano, aho uba, imyaka yawe) imbere y’uwa 1 Kigarama 2023.
Igikorwa cawe gitowe mu bindi, uzoronka akaryo ko kucerekana mw’ihayanishwa-himiriza ryerekeye kurwanya amabi ashingiye ku gitsina rizoba ku wa 9 Kigarama 2023 i Gitega.
Mukeneye ico mubaza, hamagara ku kigo BAHIMPUNDU kuri +257 66 47 49 71 canke urungike ubutumwa kuri [email protected]
Ubushimwe mu gisata kimwekimwe
Hategekanijwe ubushimwe butatu ku gisata kimwekimwe cose :
Uwa mbere : 1 000 000 FBU
Uwa kabiri : 500 000 FBU
Uwa gatatu : 300 000 FBU
Amagenekerezo makurumakuru
1 Kigarama 2023 : isango ntarengwa mu gutanga ibikorwa bihiganwa
Kuva 2- 4 Kigarama 2023 : gutora ibikorwa bitanu biruta ibindi mu gisata kimwekimwe
5 Kigarama 2023 : kumenyesha abarushije abandi mu bahiganywe ku mbuga z’ikigo Yaga Academy
9 Kigarama 2023 : ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bikorwa 3 vyatowe mu bindi mu gisata kimwekimwe cose kiri mw’ihiganwa