Skip to content

Twese biraturaba

gosses 5

Kuva kera na rindi, abavyeyi bamye bigisha abana babo kwubaha buri muntu wese, yaba umuto canke uwukuze, gurtyo umwana agakurana icubahiro kuri zina kiremwa muntu. Muri kino gihe, imico yaratitutse, ijambo «kwubaha» risa niryataye agaciro. Ivyo ndabivuga nisunze ivyo mbona mu kibano aho mperereye, eka uko mbona urwaruka rw’ubu rwigenza. Nshaka gushika kuki ?

Ejo bundi nariko ndatembera aho mbaye, niko guca mpura n’abana bariko biruka inyuma y’umugabo akuze dusanzwe tuzi yuko afise ingorane zo mu mutwe. Bano bana rero bamwiruka inyuma bamutuka, bamutwenga, uno mugabo nawe nubwo afise ubumuga  bwo mu mutwe, ishavu ryari ryamwishe amosozi yuzuye mu maso, eka ubona yuko ababaye kubona abo bana bariko baramutuka, bamuzomera banamwiruka inyuma. Ntivyahereye aho, uyo mugabo yahavuye atora amabuye ashaka gutera abo bana ngo abivune. Nimwiyumvire namwe umubabaro nari mfise mbonye ivyo biriko biraba! Narageregeje kubuza bano bana ngo bareke uyo mugabo yirenganire kuko narinsanzwe nzi yuko muruko kurwara kwiwe, uyo mugabo adasinda na rimwe n’abantu, ahubwo ivyo guterana amabuye bikaba vyatumwe n’abo bana bamusotora. Bibanje kugorana, abo bana bahavuye banyumvira babandanya iyo bari bagiye uyo mugabo baramureka.

Indero yaratitutse

gosses 4Nyuma yo kubona ivyo vyose, narumvise mbabaye, agahinda kanyishe. Vyantumye kwibaza ibibazo vyinshi: Mbega abo bana boba batahura ikibi bariko barakorera uyo muntu? Mbega ukugira ubumuga bwo mu mutwe ni icaha? Mbega twebwe dukomeye twatanze iki? Mbega uwukomeye uyu munsi we bite? Ejo arazi uko aramuka? Mbega hamwe vyoshikira uwanje noryoherwa bariko baramutwenga? Ariko ndagwa nkagaruka. Kubona abana bakora ibintu bimwe bimwe bidashimishije ntibitangaje na gato umuntu yihweje ibihe turimwo. Abana benshi bakura abavyeyi babo batababa hafi bikwiriye ngo babaganirize, babereke ikibereye n’ikitabereye. Egome s’abavyeyi bose, ariko umuntu avyihweje neza yoshobora kwemeza adakekeranya y’uko ibihe vyahindutse, indero nayo irasubira inyuma bimwe bikomeye.

Ibihe biha ibindi ariko twame twibuka…

gosses 3Ndategera yuko uko abavyeyi bacu barezwe, siko twebwe abana babo twarezwe kandi nokwemeza neza yuko atariko n’abana banje nzobarera kuko, ibihe si bimwe. Ikintera ubwoba n’uko mbona ko iyo turiko turaja atari heza na gato hamwe atacokorwa ngo tugarukire indero y’abatoyi bacu, y’abana bacu. Kubona abana bakiri bato bigenza uko imbere y’uwufise ubumuga bwo mu mutwe, kandi yari umuntu wo gukingirwa, wo kugirirwa imbabazi, mbega ejo ho ntibazokora amarorerwa? Mu Kirundi bavuga ngo «Umwana si uwumwe». Nitwumve rero yuko indero y’abana ituraba twese, ntitwigire ba sindabibazwa. Uwavyaye n’uwutararonka ayo mahirwe amenye yuko afise uruhara runini mu guhindura ibintu. Ntidutinye guhanura canke guhana abo dukurira, tumenye yuko ejo ibintu nivyayangara kuruta uko bimeze ubu, twese tuzoba tubifisemwo uruhara.

Licenciée en Science Politique et Relations Internationales, Elodie Muco est une mordue de lecture et elle se passionne également pour l’écriture.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.