Nta nkeka muramaze kwumva abavuga ngo Umurundi ntakunda ko uwundi atera imbere. Abakinyi Vinicius Junior na Kylian Mbappé, ibihangange mu mupira w’amaguru kw’isi, baraye bakoreye kibuga Santiago Bernabeu ibintu birimwo ubutumwa bukomeye twari dukwiye kwigirako twebwe Abarundi.
Igihe c’isaha zitatu z’ijoro zegereje umusi w’urwo rukino, sinobabesha ngo umutima wari ku vyo nariko ndakora. Naguma niteguye ngo sincerwe kuraba umupira w’isaha zitatu n’igice uhuza umugwi wa Real Madrid na Real Betis Balompié, yompi iri mw’ihiganwa rikuru mu gihugu ca Espagne, ryitwa La Liga. Niko kuva aho nariko ndakorera ngenda ndaca ku biti no ku mabuye, nsanga umupira watanguye. Aho rero mu rupangu iwacu, iyo umupira ugeze, nta mwana, nta mukozi, nta serugo, twese turicarana, tukayaga agapira bibaye ngombwa tugaharira. Umwe wese “afana” uko avyumva.
Ukwerekwa canke ivyipfuzo ?
Uwo mupira tuwurabira hamwe n’umubanyi ari hano, n’abiwe bose. Kuri urya musi, sinzi ko yoba ari Mutima mweranda yavugiye mu mwana, ariko nisanze navuze nti: “Ese icompa Mbappé akinjiza ibitsindo bibiri, Vinicius na we agashiramwo kimwe !” Umwana twari kumwe yiga mu wa kane, na we nyene nsanga “yeretswe”, ati: “Ndabizi Mbappé arinjiza. Muraraba namwe! ”
Ng’ico igice ca mbere c’urukino (iminota 45) kirigoroye wa mwana w’abahungu ataco yanze. Mugabo ukabona ko yita ku rutare. Bagenzi biwe na bo nyene bikaba uko. Abakunzi b’umupira muratuzi, kurya kuntu twigira ba “Musobozi”. Ukumva ngo “abasatirizi ba Real Madrid bose barangwa n’ukwikwegerako.” Bakavuga ko ba rurangiranwa badashobora guhanahana neza, ngo bafashanye kurondera intsinzi.
Mu gice ca kabiri, neza na neza ku munota ugira 70, ng’uwo Mbappé yinjije igitsindo ca mbere, ku mupira ahawe na Federico Valverde. Wamengo ni umuvumo umuvuyeko.
Haba hageze gutanga icigwa
Haciye iminota 6 gusa, umukinyi Vinicius Jr aronka umupira yegereye igori, umunyegori wa Betis arahababuka, aramunaga, riba ribaye ikosa rihanishwa umunyaku (penalty) utererwa ku metero 11.
Abantu bose bari biteze ko ari we nyene aca atera uwo mupira w’igihano. Kanatsinda, bivugwa ko ari we ajejwe gutera bene iyo mipira mu mugwi. Ni uko rero, aho kwitegura ngo atere, Vinicius Junior aca abisa Kylian Mbappé, yongera aja guhimiriza abarorerezi ngo bamushigikire muri ico gikorwa agiye gukorera umugwi. Uno na we ntiyijijanije udutima. Aritangura, ararekura umunyaku w’umupira, urusenga rurahungabana, igitsindo kigira kabiri ca Mbappé kiba kirinjiye.
Icigwa ku Barundi
Umuririmvyi Fernando ati : “Bipfuza ko wotera imbere ariko ntubasumbe.” Vinicius Junior si ko yakoze. Aho kuja gutera “penalty”, yayirekeye Mbappé, atako aramusabira ko abafana bomutera intege, abantu ibihumbi n’ibihumbagiza bamuha amashi n’impundu bose; na we ntiyabatetereza.
Ng’iyo inyifato ibereye. Ese Abarundi twese twohakura icigwa. Turakwiye kuvavanura n’ingeso yo kwigungirako, ingendo yo kwikunda gusa bituma ataco ushikako. Ikindi naco, turakwiye kureka kubiba urwanko na ntaryo, nyabuna, n’abaryanira imisaya bakibuka ko bose baguma bakeneraniye kandi ko umuntu agirwa n’uwundi.
Ababizi muvyibuke, abatabizi mubimenye: mu mayagwa y’Ikirundi, abungere canke abantu babonye inka ziriko zirona imirima y’umuntu bavuga ngo: “Zirabagabaga! Zireke zibirye, ntiyompaye.” Abana babonye uwikoreye ibimeneka aciye ahantu hanyerera bakavuga ngo: “Muntu wikoreye, tura tugabure, wanse bimeneke ntore akajo!”. Aho simvuze bamwe bapfundikanya ivyatsi mu kayira, batega abahita, ngo bamene ivyo basumye canke bagemuye.
Uno musi iyo ngeso yavuye mu bikino ija mu buzima bwa misi yose kandi iratubangamiye. Ako kazikira kinyegeje karadusambura karagahera!
umwihwezo mwagize niwo kabisa
Harakwiyeko twohindura ingendo kugira tugire aho twigejeje