Mu gihe ku musi wa gatandatu uheze, Yaga, ifadikanije na UNICEF Burundi, yatunganije igice ca nyuma c’ihiganwa ry’ivyiyumviro birashe ku buzima bw’ishure “Oui!Mais…”, uno mwanditsi yihweje ubuto n’ubutore bw’urwaruka rwari rwitabiriye iryo higanwa, vyamwibukije umwaka wiwe wa gatandatu, mu mashure matomato. Akagira ati: “Ntihari aho gutuma umwana”.
Jewe ndabayagira nakoze ikibazo ca Reta « Concours National » yo mwaka w’ishure w’2000-2001. Haciye imyaka mirongo ibiri n’itatu. Bisubiye, iyo myaka si mike. Ico gihe rero, umwaka wa gatandatu waba ukomeye cane. Wasaba kwitegurirwa bikwiye. Nuko, mu mwaka wa gatanu, abavyeyi, eka n’abigisha, nta gahengwe baduha. Bose bagira bati: “Ukayayata mu wa gatanu, muri “concours” ntaco uzokwatsa” .
N’uwo wa gatanu bavuga ga siwo wari woroshe! Ni wo mwaka vyose, kiretse icigwa c’Ikirundi, twatangura kuvyiga mu gifaransa. Haca uwambaye. Kuva “mu vyigwa menyesha ntara”, ukaja kuri “Etudes du milieu”, ukava “ku rukiramende”, ukaja kuri “rectangle” mu biharuro, ndabarahiye si bose bitora. Nanje ndi muri bo. Aho niga, mu Ngagara, karatiye y’indwi (kuri Makumbanya kubahazi), abigisha bo mu wa gatanu bari bakaze, inota ryabo ntiryari iryo gutora hasi.
Ariko jewe narimfise amahirwe yo kuba noroherwa n’ururimi rw’igifaransa, ariko ibiharuro nkabona inzatsa. Sinoja ng’aho ngo mbeshe ngo naba mu b’imbere. Eka da! Hageze umusi wo kuvuga amanota, barahamagara bakaruha, bakagera kunshikira nanibagiye ko bindaba. Ariko uwo mwaka, amanota yo kwunguruzwa narayaronse.
Ariko nja na rwo ndasibira
Umuvyeyi aravye « bulletin », abona amanota y’ibiharuro, ararahira ararengwa ko ntayajana mu wa gatandatu. Arandyosharyosha ati: “Ehe rero sha gahungu. Wemere ndakudubuze, uronke amanota meza, gutyo mu wa gatandatu, « concours » uzoca uyirabamwo. Nta n’uwuzobona aho waciye. Mbere ndakwemereye kuzoca ndakugurira ikinga, amagodiyo, n’umupira wo gukina”. Maze kwumva ikinga, inyishu yari: “Mutaaa…ndadubuye.”
Nk’uko navyemeye, naradubuye. Ariko rya kinga si ryo ryagumye mu mutwe, ahubwo hajemwo kwicuza, iyo mbonye abo twahora twigana bansumvya ishure. Ku musi wa gatanu ho, inyuma y’umuhingamo, nta « uniformes » bambara. Waba ari n’umwanya wo kwidagadura kuri bo. Ivyo vyarantera umutima mubi, rimwerimwe nkanarira. Ikindi cambabaza, iyo abadubuye twitanganije ngo twishure ku bibazo vya mwigisha, yadusamira hejuru ati: “Iyo muba mubizi ntimuba muri iyo abandi bari?”
Naciye nigana ishavu ryinshi kugira mve muri ayo mahano. Vya biharuro vyangora, ndavyitako mpemuka ndabimenye. « Bulletin » ntiyasubiye kuba iteye isoni. Naba muri batanu ba mbere. Ariko nta nguvu vyaba bifise cane, kuko bavuga bati: “Nta gishasha, uradubuye. Iyo utabitora ahubwo twaca duhebura.”
Mpejeje uwa gatanu, sije nabonye uburuhuko buraheze ngo dutangure umwaka wa gatandatu. Nshitseyo, narababaye cane ntagiye mw’ishure ry’umwigisha yamuka aho i Kongo yitwa Kibambi yakundwa cane. Yigisha neza, agakunda abana. Ariko nategerezwa kwiga vyanka bikunda. Twariga hamwe n’ubwonko buyaga.
Ku musi wa “Concours” kuba ugucishako
Novuga ngo ijoro rishira umusi wo gukora ikibazo ngo narasinziriye neza noba mbeshe. Naguma nikanga ngo burakeye. Ryagiye kera burateba buraca. Nitereramwo aka « uniforme » kameshe neza, ndanyaragasa kw’ishure. Akoba ari kose. Mu nzira, nagenda ndibaza nti nsanga abandi batekanye bariko bariga utwa nyuma. Naratangaye nsanze hari abariko bariterera umupira, abandi biyagira nk’uko womenga ni ibisanzwe. Erega nanje naragiyemwo ndakina. Ivyo vyatumye ndema, ubwoba bw’ikibazo buramperamwo. Bazanye ikibazo, nasanze vyinshi twari tumaze kubikora. Naratangaye cane nti: “Iyi ni ya “concours” yadutera ubwoba?” Si ukwiyemera ariko narabikubise hasi. Hageze gutanga amanota, naronse ayarenga gato 80 kw’ijana.
Ariko uwo mwete narawugumanye no mu myaka yakurikiye. Inyuma y’imyaka 23 mbaye muri ivyo bintu, ndacemeza ko umwimbu mwiza uva mu bikorwa bishimishije. Kukaba nka ko, “Uwushaka umubira, abira akuya”.