article comment count is: 3

“Ubu vyanse, niyumvira guta abana n’umugore”: intahe

Bavuga ngo umugabo arinda akaje. Uyu we yivugira ko yananiwe. Yahuye n’akaje karamana. Abavuga ko ubuzima bwazimvye yumva bivugisha kuko we “bwarapfutse umunwa”, kugeza aho yumva yota abana biwe n’abo umugore yazanye, agahunga. Aradushingira intahe.

Ku myaka yanje 26, nari mpuye n’umukenyezi ataco abaye. Twahuriye mu butambiro, nagasomye. Amasaha yari yitereye, bimwe bavuga mu gifaransa ngo « les heures de vérité ». Yaratamba neza gira amahoro. Nicaye kuri « comptoir », naramuraba nkumva umutima utera uvuga uti : « Haguruka uje kumutambisha ». Nanje wakera, nagasomye mba ntinya Imana n’inzara gusa. Nti « mafu ». Nca ndamwegera, nyakuntunga nawe anyihereza wese turagacerema. Emwe, umunezero narimwo ntiworaba.

Ese ingwatiramubiri nazo uwuvuza umuziki yariko arashiramwo! Wamenga yumvise ivyo umutima wanje ushaka. Hamwe dutamvye indirimbo zitanu, nca ndamusaba ko twicara, tubanze tuyage, tunamenyane. Nyakuntunga ntiyahigimanze. Wamenga nkubise uwashaka kurira. Turayaga vyiyaguye, numva ndamukunze cane. Ese ukuntu yatwenga neza! Amwenyuye, ijuru wamenga rirugurutse kuri jewe. Kuko bwari bwitereye, twahavuye dusezerana, ariko duhana utu nomero twa terefone.

Bugingo nshitse muhira, nca numva namaze kumukumbura, ngira ngo ndabe kuri « Whatsapp », mbona ari ku murongo. Ubwo nyene mbona aranyandikiye ambaza ko nashitse neza. Umutima ngo « kwa ! ». Uturato n’impuzu nari nambaye sinari bwabikure. Burya naciye ngarama ku gitanda ukwo nyene, tuba turatanguye kwandikirana, burinda buca tukivugana. Ivy’itiro nari navyibagiye. Akanyamuneza kansya.

Mba ninjiye mu munyenga w’urukundo

Ibija gukunda bikunda kare. Uwo musi nyene naciye ndamutera ijambo, nakare ngo hakunigwa n’ijambo wonigwa n’uwo uribariye. Nyakuntunga akantevya mw’ikorosi. Yanyibwiriye ati:  » Ni ukuri sinoja ngaho ngo ndakubwire ko nanje ntagushimye. Sindi ba bakobwa bavuga ngo rindira nzoguha inyishu mu mezi atatu, nakare ivyo vyari ivya kera. Ariko rero, urabona ko ariho tukimenyana, reka tugende bukebuke ntitugume mu bishobisho gusa, hanyuma tuzobandanye urugendo kuko ntaco twihutira. Ariko umenye ko umutima wanje waraye uwutwaye.  »

Aho rero tuba turafatanye, ndamukunda ataco nisigarije. Sinashobora kumara umusi ntamubonye. Ku mugoroba kenshi twarasangira kamwe, tukayaga ivy’urukundo n’ivyubuzima. Eka vyari bimeze neza, ntiwari kuraba.

Mu nyuma ambwira ko afise abana

Umusi umwe rero, twicaye mw’ibare twakunda kwicaramwo, twateye ryarenga, ikiyago caryoshe, niho yambwira ati : « Chérie, burya n’aho dukundana akaramata, ndafise ibanga ntari bwakubwire, nabuze iyo mpera n’iyo mpereza. Ariko vyanyanse mu nda, kuko bitebe bitebuke wotegerejwe kubimenya. Burya jewe narahukanye n’uwundi mugabo, kandi mfise abana batatu. Ego ndacari muto undavye, ariko ukwo ni ukuri. Nari nubatse nkiri muto, mu nyuma biranka ».

Akimbwira ivyo, naguye mu gahundwe. Wamenga ndi mu ndoto. Ndamara umwanya munini ntavuze ijambo na rimwe. Njumarariwe. Nyakuntunga arabanza arandeka, aratekana. Haheze nk’iminota itatu, arambaza ati : « Ubivuzeko iki? ». Nanje nti : » Muri uno mwanya, ijambo numva novuga ni ukugusaba uruhusha rwo gutaha, nkaja mu cumba kwiyumvira neza ivyo uhejeje kumbwira ko atoba ari indoto « . Nshitse mu busaswa, vyaranse ko ntora n’ak’imbwa. Mu mutwe hagumye hazungurukayo ko nakunze umugore w’abandi, umugore w’abana batatu. Ariko uko nkubitije agatima kuri we bikanka, kuko vyukuri naramukunda. Nsubira nibwira nti “Mafu!”, sindamuheba. Kandi n’abana nzobatunga. Erega nahavuye ndamushira mu nzu, umuryango wamama. Ncisha ahanje turabana. Imana iranaduhezagiza ibindi bibondo. Ubu duherutse kuronka aka gatatu mu ruvyaro dusangiye.

Abana batandatu si « umucezo »

Sha, ico bita amagogwa nahavuye ndayabona. Bimwe aho hejuru nariko nivugisha ngo inkundo za pfampfe zahavuye zisendwa. Wa mugore wanje nta kazi yigeze akora. Vyose vyari ku gatwe kanje. Natanguye kumera imvi kandi ntari bwabe umutama, ubuhanza buratoboka, ntangura kuza ndivugana mw’ibarabara. Biranka pe! Gutaha imuhira kari agahinda kuri jewe. Nahavuye mpungira mu gacupa kugira ndabe ko noza ndaronka agatiro. Nazo ndazigure iki ? Amadeni yarambanye umurengera, hagera aho nja muri za nzoga zidashobotse zo mudusashe. Narabaye umuhimbiri ndambara ibara. Niko kwiyumvira imigambi yo kwomoka ndabate, kuko igihe cose ntashe kwaba ari ugushwana. Rimwe na rimwe umugore n’abana nkubitira rimwe kugira bankureko induru. Mu nyuma umuryango urabijamwo, dufata ko muri ba bana bacu, bane botwara kuba mu miryango, tugasigarana imicuko ibiri. Ubu turiko turagerageza kw’isanasana , ngo tureke kwiha amenyo y’abatwenzi. Ariko vy’ukuri, ubuzima busa n’ubwanse. Kenshi nicuza rya joro twamenyana, ngira nti ese iyo ritabaho.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)