article comment count is: 4

Ngozi: hafashwe ingingo iteye kubiri n’amategeko ?

Ingingo ya Buramatari w’intara ya Ngozi yerekeye ibigiye gusabwa ku musore agira yubake urwiwe yavugishije benshi na canecane ku mbuga hwaniro. Hari ababona ko ari akarenganyo, abandi bagatwenga kumbure ata n’ico bisunze. Ariko burya, abahinga bo bavuga ko binyuranye n’itegeko rigenga igihugu cacu nk’uko uwanonosoye amategeko yavyiganiye uyu mwanditsi wa Yaga.

 Hari mu bikorwa rusangi vyo ku wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Rusama 2024, aho Buramatari w’intara ya Ngozi yashikiriza ko mu 2025 ata musore azokwubaka urwiwe “adafise inzu isakaje amabati kandi isize isima, hamwe n’igipimo c’ikawa. » Umusi mbona ivy’iyo ngingo, nk’abandi benshi naratwenze nca nterera ku máramŭsi (status mu kinofunofu) yanje ya Whatsapp. Ni ho umwe mu bo tuyaga yize ivy’amategeko, Maître Gédéon Hakizimana yaca anyandikira ati : “Yamara biranyuranye n’ibwirizwa shingiro.” Nanje nti ndabibariwe.

Aca angira ku muriri ati : “Ingingo yafashwe na buramatari w’intara ya Ngozi inyuranye n’amategeko. Ingingo zose zifatwa n’abajejwe intwaro birabujijwe ko ziba zinyuranye n’ivyo amategeko agenga igihugu ategekanya. Ni ico bita “principe de la légalité des actes administratifs”. Nkako, ingingo ya 39 y’ibwirizwa shingiro ivuga ko ata muntu n’umwe ashobora kwakwa ubwigenge bwiwe kiretse birekuwe n’amategeko.”

Amategeko avuga iki?

Duhere kw’ibwirizwa shingiro nakare ni ryo muvyeyi w’ayandi mategeko yose. Ingingo ya 29 y’iryo bwirizwa ivuga ko uburenganzira bwo kwabirana butegerezwa kwubahirizwa mu gihe abagiye kwabirana bavyiyemereye ata gahato. Ni mu gihe ingingo ya 30 y’iryo tegeko nyene ifata urugo nk’inkingi n’ishingiro kamere ry’igihugu kandi Reta itegerezwa gukingira “bidasanzwe”.

Tuje mw’itegeko rigenga ingo n’imiryango. Kuva ku ngingo ya 87 gushika ku ngingo ya 93, iryo tegeko rivuga ibisabwa ku bantu bipfuza gushinga izabo. Kimwe muri ivyo ni uko
abagiye kwubaka baba bavyumvikanye n’ukuba bakwije imyaka isabwa. Kuva ku ngingo ya 97 gushika ku y’103 naho havugwa ibi bintu bituma ukwubakana bidashoboka: kuba abagiye kwubaka bafitaniye ubucuti bw’amaraso bwa hafi, no kuba uwugira yubakane n’uwundi hatarahera amezi cumi atandukanye n’uwo bahorana, iyo mu bashaka kwubakana harimwo umwe atarafutisha ubugeni bwiwe bwa mbere.

Kuva ku ngingo y’104 gushika ku y’112 naho havugwamwo ukuntu ibirori vyo gushingirana bishobora kuburizwamwo mu gihe abantu badakwije ibisabwa vy’ukugira babane twavuze aho hejuru n’ingene ivyo birori bihagarikwa.

Aho hose, nta na hamwe bavuga ko amatungo aya canke ariya ari mu vyisungwa mu kugira ubugeni bwemerwe canke buhakanwe n’amategeko.

Bohanwa hisunzwe iki?

Kuba buramatari yipfuza ko imisore yose yogira ahantu iba hameze neza imbere y’ukwubakana, ni ikintu ciza cane. Ariko rero ico gikorwa co gufasha iyo misore kuharonka si itegeko bwirizwa, ahubwo amategeko avuga ko ari ica Reta. Ivyo na vyo tubisanga mu ngingo ya 27 y’ibwirizwa nshingiro ivuga iti: “Reta iritaho mu buryo bwose bushoboka ko abenegihugu baronka uburyo bukwiye bwo kubaho bubereye zina muntu.” Aha utubazo tukaba twinshi: none Buramatari yoba yisunze iyi ngingo mu gufata iyo yindi? Mbega none uwuzorenga kuri iyo ngingo ya Buramatari bizomugendera gute? Yoba azohanwa ?

Twisunze amategeko,  nta gihano na kimwe yategerezwa kuronka. Muti kuki? Rya bwirizwa risumba ayandi yose mu ngingo yaryo ya 48 rigira riti: “Amategeko ngenderwako (harimwo n’iry’uburenganzira bw’ukwabirana), ategerezwa kwubahirizwa mu bisata vyose vy’ubutungane, vy’intwaro hamwe n’inzego zose z’igihugu. […]Ibwirizwa (canke itegeko) ryose riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro riba impfagusa (frappée de nullité)”  Bisigura ko risa n’iritigeze rinabaho.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Msc. Gédeon yaravuniye akagohe indongozi rero nibabe bafata ingingo bamanje kubaza abize ivyo amategeko kuko bibaba vyiza cane iyo indongozi ifashe ingingo nziza zidahonyanga amategeko. Va de l’avant cher Gédeon .