article comment count is: 0

“Za kazino” vs amategeko: akayabu n’imbeba ?

Mu gihe umukino wa kazino wemewe n’amategeko mu Burundi, mu ntara za Ngozi, Muyinga, Karusi, hamwe na komine ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, uheruka guhagarikwa, wagirizwa kurenga amategeko nk’uko twabibonye mu binyamakuru bitandukanye. Imvo z’iryo hagarikwa zoba ari nyabaki ? Wari rukwiye gutunganywa gute ? Tubirabire hamwe.

Kuva kazino ya mbere ishingwa muri 2001, ibigo bizikinisha mu Burundi vyagiye biriyongera, maze abawukina bakomeza kugwirirana nk’umusenyi wo ku kiyaga. Ivyafatwa nk’akamari mu mukino w’igihamana, ucika urukino rurekuwe n’amategeko. Kukaba nka ko, akamari karabujijwe mu ngingo y’ama 449 y’igitabo c’amategeko mpanavyaha c’i Burundi, ariko ingingo y’453 ikavyemera iyo babifitiye uburenganzira bwa Reta biciye mu kigo “Lona” kigenzura uwo mukino.

Aho rero umuntu akibaza ati mbega bigenda gute urukino rwari rusanzwe rwemewe rubuzwe gukinwa mu gace kanaka, ahandi rubandanye?

Ukutabonwa kumwe

Aho ukibandanya, kazino ifatwa nk’urudandazwa nk’ibindi. Umuhanuzi muri komine Ntahangwa yabishimangiye yerekana ko igwizwa n’ikwiragizwa ry’ivyo bibanza vya kazino ari umugambi wa Reta kugira hagwizwe umwimbu w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori, aho ndetse yuhira ko n’abanyamitahe b’abanyamahanga bahimirijwe gushira imitahe yabo mw’urwo rukino mu Burundi.

Aho wahagaritswe naho, nko muri komine Gasorwe, musitanteri asigura ko ayo makori aboneka asize ubukene n’ingeso mbi mu benegihugu, yohagarara. Ivyo bishimangirwa na Yanwarita, umukenyezi w’i Gasorwe, aho agira ati: “Kubera kwizizirwa n’uyo mukino, umushingantahe wanje yarashoye umwimbu w’ikawa wose ahereza mw’uyo mukino, nagira ndavuga nkarara ku nkoni. Umwimbu uheze, yaciye atangura kuba karyamyenda, hama atandukira kwiba mu babanyi, none ubu yahereje mw’ibohero asize umuryango mu kangaratete”.

Agahaze

Utereje amaso mu bihugu wahereyemwo, urabona ko kazino ari umukino wagenewe abikire bifise, bawukina nk’ukwiryohera. Ariko aha iwacu, Abarundi bawukina si ko bishoboye, ahubwo bawuronderamwo uburaro n’uburamuko, bakibagira ko nyene kuwukinisha nawe aba ashaka kwunguka.

Ikindi kigaragara ni ukutubahiriza amategeko. Mu gihe uyo mukino ubujijwe ku bana batarakwiza imyaka cumi n’umunani nk’uko biri mu ngingo ya  447 y’igitabo c’amategeko mpanavyaha, usanga urwo rwaruka ari rwo rwuzuye mw’izo kazino, ata camira. Ikindi, ni uko imbere y’uko umukinyi akina, yasabwa gusoma n’ugusigurirwa amategeko agenga urwo rukino. Ariko, aho twatembereye, ayo mategeko nta na hamwe amanitse, aho usanga abaza gukina bashora umutwe nk’uruyuzi.

Kugira kazino zose mu Burundi zifatwe kumwe, Reta yari ikwiye gutanga intumbero rusangi mw’uyo mukino. Ha kuzugara, yorabira ku bihugu nka Burkina Faso na Mozambique vyatunganije gushasha izo nkino mu kuzishirako amakori arenze kugira bikine uwifise gusa, canke, nk’uko vyagenze aho hakurya muri Kenya, hagashingwa umugwi mu nama nshingamateka ujejwe kwiga uko uwo mukino wotunganywa ataco wishe mu gihugu no ku buzima bw’abenegihugu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion