Skip to content

N’abakenyezi boshobora kuvuga ijambo ry’urubanza !

biere-de-banane-1

Mu mico n’imigenzo y’Abarundi, ijambo rishikirijwe abantu bakoranye rivugwa n’umuntu w’umugabo. N’iyo hatabaye umugabo mu muryango, bararondera incuti canke umugenzi w’umugabo ashikiriza ijambo iyo umuryango uramukanye urubanza. Naho ibintu vyamye biri uko kuva kera, jewe mbona ko n’abakenyezi boshobora kuvuga ijambo ry’urubanza ubu, na cane cane abagore b’abapfakazi.

Kuva kera na rindi, mu mico y’Abarundi, ijambo ry’urubanza ryamye rivugwa n’abagabo. Haba mu manza z’umunezero canke z’umubabaro, eka imanza izo ari zo zose z’ubuzima bwa minsi yose, abagabo ni bo bamye bavuga ijambo. Ni bo bamye baserukira umuryango. Nta na rimwe umukunyezi yigeze afata ijambo ubwa mbere, iyo arifashe naho, arifata iminsi yose inyuma y’abagabo.

Ikumirwa ry’abakenyezi b’abapfakazi

biere-de-banane2Muri kino gihe, abakenyezi baharanira cane ukungana kw’ibitsina, biracibonekeza ko hariho ibice bimwe bimwe vy’ubuzima bwa minsi yose bakiri inyuma. Atari uko batabishoboye ariko bitewe n’uko imico n’akaranga bitabibemerera. Aho tukavuga cane cane ku bakenyezi b’abapfakazi aho nko  k’umugirwa wo kuvuga ijambo ry’urubanza abo bakenyezi bashirwa inyuma. N’iyo bafashe ijambo ukamenga n’iteka babateye ryo kubacishirizamwo.

biere-de-banane4Tuvyihweje neza, ivyo vyibonekeza nk’ibihushane kuko rimwe na rimwe usanga abo bakenyezi bashingwa amabanga akomakomeye mu gihugu aruta ndetse nay’abagabo. Dufatiye akarorero nko mu manza z’ugukwa canke z’ubugeni, kuva kera se w’umukobwa niwe avuga ijambo ryo gusohora umukobwa wiwe. Iyo bishitse naho umukenyezi akaba ari umupfakazi, ijambo ryo gusohora umukobwa rivugwa n’umuntu w’umugabo womu muryango, ari sewabo canke iyindi ncuti ishika, ariko y’igitsina gabo. Hari naho bishika ugasanga uwo nyene kuvuga ijambo nta n’imigenderanire ikomeye asanzwe afitaniye n’uyo muryango, ariko akaba yatowe kuko ari umugabo gusa.

Vyari bikwiye kugenda gute ?

biere-de-banane3Abakenyezi, na cane cane abapfakazi, bari bakwiye kurandura inzitizi zimwe zimwe ziterwa n’imico canke n’akaranga zituma badatera imbere. Ko dusanzwe tuzi ko amategeko avuga ko umukenyezi asubirira umunega wiwe mu mabanga yose yo mu rugo mu gihe atagihari, ni kuki abakenyezi b’abapfakazi batoza barivugira amajambo y’imanza zibaraba,  na cane cane imanza zo mu nzu nk’izo gusohora umwigeme, iz’ubugeni, eka ndetse n’izindi? Ni kuki tubona umukenyezi ashobora kugira amabanga ajejwe akomeye mu gihugu ahagarara imbere y’ishengero ry’abantu agafata ijambo ndetse akanagirisha amanama abagabo, ariko iyo hageze bene izo manza zo mu nzu iwe ugasanga ategerezwa guserukirwa n’umuntu w’umugabo? Abo bakenyezi rero ni bo bari bakwiye guserukira umuryango mu kuvuga amajambo, gurtyo bagasubirira koko abanega babo mu gihe batagihari, nk’uko amategeko asanzwe abitomora neza.

Licenciée en Science Politique et Relations Internationales, Elodie Muco est une mordue de lecture et elle se passionne également pour l’écriture.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *