Tous les articles par Prosper Niyonkuru

Prosper Niyonkuru est un blogueur. Il est aussi passionné de la culture et la littérature. Il fait ses études de psychologie et des sciences de l'éducation à l'Université du Burundi.

Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?

Imwe mu ngorane zihanze isi muri kino kinjana ca mirongo ibiri na rimwe, ni “ihindagurika ry’ikirere. Iyo Atari igihuhusi usanga ari uruvura rw’umurengera canke uruzuba, ivyo bikama vyakoze ku buzima bw’abantu. No mu Burundi ntidusigara inyuma. Prosper Niyonkuru ati: “imwe mu mvo ni igwirirana ry’abantu”.

Lire plus Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?

Eric Nshimirimana, umusore yakoze imbabura ya kijambere

Mu gihe urwaruka rwugarijwe n’ikena ry’ubuzi, umusore Eric Nshimirimana we asa n’uwatoye inyishu kw’ico kibazo: yiyumviriye umugambi womubeshaho, ugateza imbere n’igihugu cose.  Prosper Niyonkuru aratuyagira ku mugambi wa Eric wo gukora amashiga ya kijambere benshi bita “Imbabura”. Lire plus Eric Nshimirimana, umusore yakoze imbabura ya kijambere

Ukwubahana vyoba bigifise agaciro ?

Iyo umuntu yihweje ukwo abantu bigenza muri bino bihe, hari vyinshi bitangaje. Imico n’imigenzo bimwe bimwe bigenda biratituka ukwo imyaka ihera. Haragera igihe umuntu yibaza niba imico imwe imwe igifise agaciro nka kera. Prosper Niyonkuru niwe yibaza niba ukwubahana vyoba bigifise agaciro mu Burundi aravye ukwo abantu bamwe n’abandi bigenza mu buzima bwabo bwa minsi yose. Lire plus Ukwubahana vyoba bigifise agaciro ?

Indwara yo kugira ubwoba birenze urugero

Muri kamere k’umuntu, hamwe n’ibindi binyabuzima bihema, harimwo inyifato ndemanwa yo gutinya ikintu cose gishobora guhungabanya ubuzimwa bwiwe canke bw’ico gikoko. Iyo rero umuntu abonye ikintu kigeramiye amagara yiwe aragihunga mu gihe adashoboye guhangana na co. Ukwo kwiruka canke kwinyegeza ni co twokwita ubwoba. Ariko rero hariho ubwoba busanzwe abantu bose bashobora kugira. Ariko kandi hari n’ubwoba bw’indenzarugero buheza bugafatwa nk’indwara nk’ukwo Prosper Niyonkuru, umunyeshure w’inyifato z’abantu, abituyagira. Lire plus Indwara yo kugira ubwoba birenze urugero

Ukwiga ku ngurane muri kaminuza

Haraheze iminsi mike Inama nshikiranganji y’Uburundi yize integuro ry’itegeko risubiramwo imfashanyo ihabwa abanyeshure bo muri kaminuza. Iryo tegeko rigategekanya ko abo banyeshure bazohora baronswa ako gafashanyo nk’ingurane bazokwishura bahejeje amashure yabo, bamaze kuronka akazi. Ariko rero, abatari bake, iyo ngingo yabateye amakenga bibaza niba izoza izanye akarusho canke itazosubiza ibintu hanyuma nk’ukwo Prosper Niyonkuru avyibaza. Lire plus Ukwiga ku ngurane muri kaminuza

Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga

Aha mu Burundi, abantu batari bake biyumvira ko umwana avukanye ubumuga bwo kutavuga aba abaye igihombo ku muryango wiwe. Ivyo bavyibaza kuko, akenshi, mu gihugu hagati, bene abo bana bakurira muhira maze ntibashobore gushirwa mu mashure nk’abandi hanyuma ntihagire ico umuryango ubitegako. Ariko rero, naho biri ukwo, Prosper Niyonkuru aratubwira ko bene abo bana bashoboye vyinshi nk’abandi bose, gusa bigasaba ko umuntu abashira mu mashure yabagenewe. Lire plus Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga

Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura

Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa umuti mu maguru masha, eka mbere n’amapikipiki agasubira gushika mu gisagara hagati kuko umutekano wagarutse. Lire plus Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura

voir plus d'articles D