Tous les articles par Oscar Niyonkuru

Blogueur du collectif Yaga

« Kwubakana biciye mu mategeko n’iteka ku bana n’abakenyezi »

Mu ntumbero yo guhasha ingeso yo kwubaka ingo bidaciye mu mategeko, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aherutse gutangaza ko abubatse bidaciye mu mategeko babwirizwa kwandikwa hatarenze muri kigarama 2017. Niyonkuru Oscar abona ko hamwe iyo ngingo yoja mu ngiro, vyogira akamaro kanini ku miryango ndetse no ku gihugu. Lire plus « Kwubakana biciye mu mategeko n’iteka ku bana n’abakenyezi »

Ingorane z’itangwa ry’akazi mu gisata c’indero

Igisata c’indero kiri muri bimwe bikunze kuvugwamwo ingorane z’ikena ry’abakozi. Ariko rero, naho bir’uko, s’ukuvuga ko abize ukwigisha babuze. Leta iheruka gufata ingingo yo gutanga akazi ku barimu bake cane. Oscar Niyonkuru asanga vyari bikwiye ko n’ako kazi gatangwa kuri bake kari gakwiye gutangwa biciye mu gukora ikibazo kugira abana baronke ubumenyi buzobafasha kwiteza imbere no guteza imbere igihugu. Lire plus Ingorane z’itangwa ry’akazi mu gisata c’indero

Kwinjira mu nzego z’umutekano ntivyoroshe

Haraheze iminsi ubushikiranganji bw’inzego z’umutekano butumyeko kwiyandikisha ngo ababishaka binjire muri izo nzego. Ibibazo vya mbere vyaramaze gukorwa maze ubu hasigaye gukora ivya nyuma. Ariko rero, nk’ukwo Oscar Niyonkuru avyihweza, kugira ngo ushobore gukwiza ibisabwa vyose ntivyoroshe. Ivyo rero ugasanga biremera abadafise amikoro akwiye kuko bitwara uburyo bwinshi. Lire plus Kwinjira mu nzego z’umutekano ntivyoroshe

Guhanisha umwana inkoni vyoba bikwiye ?

Abantu batari bake barazazanirwa mw’ibanga ryabo ryo kurera abana babo. Bamwe bakagira impuwe z’ubuvyeyi ugasanga baratinye gukosora umwana wabo yacumuye maze ugasanga umwana akuze ameze nk’uwuzi ko vyose abirekuriwe. Oscar Niyonkuru asanga guhanisha umwana inkoni bikwiye, mu gihe hatagiyemwo indenzarugero, kuko umwana ahora atahura iyo amaze gukura ko vyari bikenewe ko abavyeyi bamukarira iyo yakosheje. Lire plus Guhanisha umwana inkoni vyoba bikwiye ?

50 ans après, le Burundi se gausse toujours de son histoire

Le 28 novembre 1966, un coup d’État signait la fin de la monarchie et instaurait la République. En 2005, des élections mettant fin à une décennie d’une guerre civile, annonçaient l’avènement de la démocratie. Dix ans après une deuxième expérience démocratique, sommes-nous en train d’opérer un retour à l’époque du lieutenant-général Micombero ? 

Lire plus 50 ans après, le Burundi se gausse toujours de son histoire

Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu

Mu ndinganizo y’ubuzima bw’ibihugu harimwo ugutoza amakori aja mu kigega ca Leta kugira agire ico afasha mu butunzi. Ayo makori rero atozwa ku bintu vyose bishobora kuba vyinjiriza amafaranya n’inyungu ku babikora harimwo n’imiduga n’ibindi. Ariko rero, iyo ayo makori agiye kuba umurengera, bihinduka umutwaro ku banyagihugu nk’ukwo Oscar Niyonkuru atuyagira ukwo abibona hano mu Burundi.  Lire plus Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu

Abakobwa boshobora ibikorwa vy’abahungu ?

Dusanzwe tuzi ko mu Burundi bw’aho hambere hahise, abahungu n’abakobwa batari basangiye ibikorwa mu buzima bwa minsi yose. Umukobwa yari afise ibikorwa vyamugenewe mu muryango, eka n’umuhungu nyene yari afise ivyo ajewe. Ariko rero, ukwo imyaka ihera, ibintu biguma bihinduka maze ugasanga hari abakobwa basigaye bashobora gukora, kandi neza, ibikorwa vy’abahungu nk’ukwo Oscar Niyonkuru abituyagira. Lire plus Abakobwa boshobora ibikorwa vy’abahungu ?

Amashengero menshi n’iterambere mu Burundi

Mu Burundi, abantu barenga mirongo icenda kw’ijana baremera Imana kandi bakayisenga nk’uko vy’ibonekeza ku minsi y’amasabamana. Ariko rero umuzo w’amashengero menshi hari benshi bawunegura kuko uhakwa kutorohereza iterambere ry’igihugu. Oscar Niyonkuru aratuyagira ukwo abona ibintu aho aherereye akagirako aterera n’ivyiyumviro vyokorerwako kugira vyose bigende neza. Lire plus Amashengero menshi n’iterambere mu Burundi

voir plus d'articles D