Tous les articles par Martial Hariyongabo

«Ihiganwa ry’abigeme banini beza kandi baciye ubwenge »: hari hageze

Abigeme batanu barenza ibiro ijana vy’uburemere baheruka gutorwa ngo baserukire Uburundi mw’ihiganwa ryo gutora “umwigeme munini mwiza kandi aciye ubwenge”. Rino rigiye kuza riratunganywa mu karere k’ibiyaga binini, buri mwaka uhereye muri uyu w’2017. Hariyongabo Martial n’akanyamuneza kenshi ati kaze kuri iryo higanwa! Lire plus «Ihiganwa ry’abigeme banini beza kandi baciye ubwenge »: hari hageze

Amashure atabandanije, ubuzima ntibuhagarara: « Twiyungunganye »

Imvo zishobora gutuma umunyeshure atabandanya ivyigwa vyiwe ni nyinshi. Iyo bidatewe n’ubukene, bishobora kuva ku kunanirwa. Hari rero urwaruka rutashoboye kubandanya amashure, ariko rugakomeza kuvyifatamwo neza mu kwiteza imbere mu buzima. Hariyongabo Martial araturatira akarorero k’ishirahamwe « Twitezimbere ». Lire plus Amashure atabandanije, ubuzima ntibuhagarara: « Twiyungunganye »

Jocelyne, umwigeme agendana ubumuga, ariko asumvya ubukerebutsi benshi

Ni agaterantimba kubona ingene abasegerereza badasiba kugwira mu bisagara. Ariko kandi, biba akaroruhore iyo ubonye uwo benshi bibaza ko ataco yohereje iminwe, ari we abereye akarorero abandi. Martial Hariyongabo araturatira akarorero ka Jocelyne Itangineza.

Lire plus Jocelyne, umwigeme agendana ubumuga, ariko asumvya ubukerebutsi benshi

Ingaruka mbi z’ukuvyara benshi mu muryango

Mu Burundi bw’aho hambere, eka n’ubu nyene kuri bamwe bamwe, umwana yaboneka nk’itunga ritagereranywa. Kuvyara benshi kari agateka ku bavyeyi, eka no ku muryango wose. Ariko rero ubu, ivyari magera vyarageruye. Umwana asigaye ameze nk’umutwaro kuri benshi kuko ategerezwa kwitwararikwa, gurtyo bigasaba uburyo bwinshi bushobora no kuremera imiryango itifise nkuko Martial Niyongabo abituyagira.

Lire plus Ingaruka mbi z’ukuvyara benshi mu muryango

Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa

Ibikorwa rusangi n’ibikorwa abanyagihugu canke abantu bose bbabishatse bitunganiriza maze bakabikora ku gushaka kwabo kubera intumbero bafise. Ivyo bikorwa rero iyo bitunganijwe neza, bikitabwa n’abantu benshi, birafasha cane mw’iterambere kuko bikorwa atamafaranga arinze gusabwa maze igihugu kikahungukira vyinshi. Ariko rero naho biri uko, Martial Niyongabo abona ko, mu Burundi, ivyo bikorwa bitagifise usura vyari bifise mu myaka y’2005 maze agasaba ko vyosubira gutunganywa gushasha kugira ngo vyitabwe na benshi gusumba. Lire plus Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa

voir plus d'articles D