Tous les articles par Jean Désiré Nduwayo

Blogueur du collectif Yaga

Urupapuro rutoroshe kuronka

Mu Burundi, abantu bamaze gusaba akazi ka Leta canke bakarondera izindi mpapuro zikomeye mu biranga ubuzima bwabo, hari urupapuro rudahara muri izo. Urupapuro rwerekana ko umuntu ataronderwa n’ubutungane ruri muri zimwe iyo uzironse wiruhutsa. Urwo rupapuro, kugira ururonke utegerezwa kwihangana kuko usanga ukoresheje umwanya n’uburyo birenze urugero nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira. Lire plus Urupapuro rutoroshe kuronka

Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara

Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe n’abigeme bataravyara. Lire plus Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara

Kanyanga yoba ari mbi ku magara yacu ?

Inzoga ya kanyanga iri mu binyobwa bitemewe n’amategeko ngaha mu Burundi. Ariko rero n’aho biri ukwo, abatari bake, kubera ukutamenya, barabandanya kuyenga, kuyidandaza no kuyinywa mu mpisho. Iyo nzoga rero, naho benshi bayikunda, ni mbi  ku magara yacu mu buryo bwinshi nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira. Lire plus Kanyanga yoba ari mbi ku magara yacu ?

Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura

Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira. Lire plus Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura

Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko

Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri za kaminuza kuri ico kibazo. Lire plus Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko

Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura

Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira ibijanye n’abandi ba ntahonikora bahisemwo inzira yo kuza baraja gutoratora ivyobabeshaho mu bibanza bitabwamwo imicafu hirya no hino mu gisagara. Lire plus Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura

Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi

Mu gihe, mu myaka iheze, twari tumenyereye ko uwuhejeje amashure ya kaminuza aca aronka akazi bidatevye, ubu sikwo bikiri. Uko imyaka ihera nikwo n’ibintu bihinduka. Muri kino gihe ayo mashure yararwiriye maze abayaheza baba benshi. Ari naco gituma benshi bibagora kuronka akazi ka Leta bikaba ngombwa ko biyungunganya bo nyene ubwabo nk’uko Jean Désiré Nduwayo abituyagira. Lire plus Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi

Mbega igisagara ca Gitega kizoguma ari ica kabiri mu Burundi?

Mu gihe uko igihugu gitera imbere ariko ibisagara bivuka kandi navyo nyene bikabandanya gukura, aha mu gihugu c’Uburundi, Jean-Désiré Nduwayo aribaza uko ibintu bizoba vyifashe mu minsi ya vuba umuntu agereranijwe ibisagara vya Gitega na Ngozi. Ahereye ngaho asanga, hamwe hatogira igikorwa mu maguru masha, igisagara ca Ngozi kizohava gica kuri Gitega, gutyo kibe ica kabiri mu gihugu. Lire plus Mbega igisagara ca Gitega kizoguma ari ica kabiri mu Burundi?

voir plus d'articles D