article comment count is: 1

Akabaruwa kuri Lumitel: “Ingingo mwadufatiye ni yo kutwomora!”

Haherutse kuba impinduka muri Lumicash, igisata co guhanahana amafaranga biciye muri terefone c’umuhora wo gutumatumanako amakuru Lumitel. Kuva ku wa 2 Munyonyo 2024, guhanahana amafaranga muri ngendenwa hagati y’abakozi batobato, “agent-agent”, bagukata amafaranga angana n’ibice 0,3%, mu gihe vyahora bikorwa ku buntu. Yabaye inkuru y’incamugongo kuri abo bakozi, ari naho umwe muri bo ahisemwo kwandikira ishirahamwe Lumitel aribwira ko bagowe ay’ikivumvu.

 Kuri Lumitel,

Imisi itanu irarumanye mudufatiye ingingo ruhasha, itatworohereza na gato. Muherutse gusohora urwandiko rutumenyesha ko ni twahanahana amafaranga ari muri ngendanwa twita “électronique” hagati yacu aba “agents”, canke umu “agent” ayahanahanye n’umu “super agent” adasanzwe ari uwiwe, tuzokatwa ibice 0,3% vy’ayo turungitse.

Ni kuvuga ko ubu umikiriya ashaka kurungika/kubikura nk’amafaranga angana n’umuriyoni, agahembo kacu ni BIF 3 700 . Ntayafise nkaja kuyasaba umu “agent” mugenzi wanje akampa uwo muriyoni, ni ngombwa ko ndamuriha ivyo bice 0,3% yayo ampaye, ayo nayo acangana n’ibihumbi bitatu ( BIF 3 000) . Muri ico gihe bihera nkoreye amafaranga BIF 700, mpejeje kurungika umuriyoni muzima.

Mu rwandiko mwashize ahabona, muvuga ko kugira ntidukatwe ivyo bice 0,3%, ari uko umu “agent” na “super agent” wiwe bahanahana amafaranga hagati yabo, canke aba “agents” bakitura amabanki akorana na Lumicash, kugira ntibabakate.

Kuva mu kwezi kwa Rusama 2025, hoho tuzokatwa igice 1% gikwiye. Bikagaragara ko tuzoba turiko dukorera mu ruhombo rwenyuje. Ni kuvuga ko ku muriyoni umwe uhawe n’umu “agent”, hazokatwako ibihumbi cumi (BIF 10 000). Mu gihe umu “agent”, ayarungitse yandikiwe BIF 3 700.

Ntiturira busema

Lumitel we, burya iyo ngingo mwayifashe gihutihuti. Mu kwezi kwa Gitugutu 2024, niho mwatwandikira ubutumwa bugufi mutumenyesha ko hagire habe impinduka, mutangure kudukata amahera mu gihe twahanahanye amafaranga. Ariko, twararungitse abadukuriye ari bo aba “super agents” kugira muyage murabe icokorwa, ico gisabo cabaye impfagusa.

Vy’ukuri namwe muvyiyumviriye, mubona kugira turonke ama “électronique” turinda kuyakura kuba “super agents” bacu, mu gihe yahevye ako kazi tuzoca tugwa mu mporero? Canke tudakorera mu karere kamwe, akazi kazoba gahagaze ?

Musigura ko aho aba “agents” bakura amafaranga hadakwiye. Mwongereje inguvu mu mabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana (microfinances mu gifaransa) mukorana, ku buryo ata mu “agent” azobura ama “électroniques”. Vy’ukuri? Aho mperereye kugira nshikire ibanki canke ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana ndahagenda ibirometero nka bitanu. Aho none twovuga ko mwongereje aho aba “agents” bakura ama “électroniques” canke ni igihushane ?

N’abo vyitwa ko bari hafi y’amabanki n’ayo mashirahamwe, aho murirengangije imirongo irangwayo? Ubu rero natwe tugiye kuja kwongereza igitigiri? Karashize ingani, tuzoze dutakaza umwanya tuja gutonda kugira turonke ama “électroniques”, mu gihe mudukuye amata mu kanwa twahora tuyahanahana mu buryo bworoshe kandi bunyaruka ?

Ingingo yo kutwomora!

Lumitel dukunda, impinduka iwawe na Lumicash zahereye kera. Aho turavuga aho twatanguye kutugabanywa udufaranga twahora duhembwa (commissions). Budakeye na kabiri, abakiriya nabo badugirizwako amafaranga yo kurungika no kubikura. Aho hose, twebwe aba “agents” tubikoreramwo, ntimwigeze mutudugiriza n’ikingorongoro kimwe. None ubu naho mutandukiriye gukata imitahe yacu! Vy’ukuri mwipfuza ko dukorana gute ?

Ehe raba namwe, tumaze imisi 5 hakora imparurwa. Hari n’abafashe ingingo yo kubiheba burundu kuko babonye ko vyayangaye. Igisabo nk’abakozi banyu (“agents” na “super agents”), ni uko iyo ngingo mwoyisubiramwo kuko igiye gutuma n’ivyahuha bihuhuka, abavyeyi bagwe mu bana. Muvugane na Reta icokorwa amazi atararenga inkombe. Twizeye ko igisabo cacu kigiye kwumvirwa. Tubaye turashima.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. La fixation des commission est du ressort de l’institution de paiement. Cela suit également la loi de l’offre et de la demande. Concretement, Lumitel avec sa marque de transfert d’argent, Lumicash, a une avantage concurenciel enorme. Plus de 75% des transferts au Burundi se font via Lumicash. Ceci ne signifie pas qu’il est le seul à fournir ses services.Il est le plus connu. Cependant, le conseil simple est que les agents et les super agents sans oublier les clients devraient penser aux autres marques de paiement. Ils sont nombreux et les commissions sont interessantes