article comment count is: 0

Uwahahamutse niwe azohahamura ?

Ibihe vy’intambara igihugu caciyemwo birashobora gutera uburemere ku muntu, tutibagiye n’ihahamuka. Mwari muzi ko uwo yahahamutse kubera intambara, ashobora munyuma guhahamura abandi ?

Ibihe bitandukanye vy’intambara Uburundi bwaciyemwo vyarasigaranye ibikomere ku Barundi batari bake. Benshi muri bo bakaba baranahahamutse. Muti none, ihahamuka rimeze gute? Inkomoko nyamukuru ziba ari izihe ? 

Kahise katoroshe : inkomoko y’ihahamuka

Alexis Nibigira, umuhinga mu vy’inyifato, akongera akaba umuhuzabikorwa mw’ishirahawe THARS (Trauma Healing and Reconciliation Services), risanzwe rifasha abashikiwe n’ihahamuka rivuye ku bihe vy’intambara, arasigurira ukungene umuntu ashikirwa n’ihahamuka na cane cane iyo rivuye ku bihe vy’intambara.

Kubwiwe, uko umwe n’uwundi yifata inyuma y’ibiza bigenda bimushikira biratandukanye. Aha twovuga ivyamubayeko hamwe n’uburemerere bwavyo, ivyo yigeze gucamwo bikamutera agahinda, uko ikibano kimwitaho, uko amagara y’umubiri wiwe asanzwe ameze, ivyamukozeko muri kahise canke bigakora ku muryango

Muri make, iyo umuntu yashikiwe n’icago gifise ubukomezi burengeye uko ashobora kwirwanira, arashobora kugira ibimenyetso vy’ihahamuka amezi menshi canke mbere n’imyaka inyuma y’icago, ivyitwa ivurungana rivuye kwihahamuka ritatorewe umuti (« État de stress post traumatique »). Ihahamuka rero ni imero, canke ukuntu umuntu aba yiyumva biturutse ku bintu kanaka vy’inkoramutima yaciyemwo, ubuzima bwiwe bukabangamirwa.

Ni gute uwo yahahamutse ahahaza abandi ?

Alexis Nibigira amenyesha ko intandaro atari iyindi. Iyo umuntu afise ibimenyesto vy’ihahamuka bifatiye kuvyo yaciyemwo, mu bimenyetso aba afise ashobora kugumana agatima ko kwihora, ishavu, akiyumvamwo umutima w’amacakubiri gushika n’aho yumva abandi atagateka bakwiye kugira, kubera ivyo yaciyemwo (deshumanisation de l’autre). 

Hari igihe rero bishika abahahamutse bagahohotera abandi bakabahahaza mbere bakabakubagura mu buryo bwo kwihora. Birashobora gushika no kwica bakica bibwira ko bariko barikingira, arivyo bisigura igituma haba umuzingi w’ihorihori canke igaruka garuka ry’amabi abantu bakoreranira mu kibano canke mu vya poritike.

Biranashika mbere abo bantu bakanahohotera n’abo babana, abana, uwo bubakanye canke abo bakorana, kubera ivyo bikomere nseserezamutima baba bagendana. 

Kubwa Alexis Nibigira, ni vyiza ko iyo umuntu yibonye ko ariko ahinduka mu vyiyumviro, mu mero canke mu nyifato, ko akwiye kurondera abahinga bashobora kumufasha kuremuruka ubwo bubabare nseserezamutima. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion