article comment count is: 2

Umuti w’ishano : uri kwa muganga canke ku bavuzi b’imiti kama ?

Muri iyi misi, turamenyereye kwumva bavuga ngo umuntu kanaka “yariye canke yishwe n’ishano”. Biranashika uwugiye kwivuza kwa muganga, yabura indwara arwaye, agahitamwo kuja kurondera bamwe bavuga ko ari abavuzi b’ishano. None vy’ukuri umuti w’ishano urabaho ? Uva hehe ? Twegereye abahinga baraduha umuco.

N.M.* w’imyaka mirongo itanu, ni umuganga asanzwe avurira mu ntara ya Ngozi. N.M* ari mu bamaze kwakira abantu batari bake aho asanzwe akorera, yabavura ntibakire, akumva ngo bagiye kwivuza ishano ku muganga w’imiti kama, baca barakira.

N.M.* ati : « Urakira umuntu arwaye, ukamupima. Ibipimo vyiwe bikakwereka ko afise indwara kanaka. Ariko wamuha imiti, ntakire. Ahubwo ugasanga birongerakanye. Mu gitondo uramuha umuti ugabanya ubushuhe, hagera ku mugoroba ahubwo ugasanga wa muriro wabaye mwinshi cane ». N.M* agira ati : “Kenshi abo bantu baca bahitamwo kuja kwivuza ishano. Ikidutangaza ni uko imiti tubaha twebwe, badakira. Ariko iyo babaha barya bavuzi b’ishano, batubwira ko ari yo yabakijije ».

Ku kibazo c’uko imiti yo kwa muganga yoba itavura ishano, uwo muganga yatwishuye ati : « Mu bisanzwe, twebwe twize kuvuza imiti y’ikizungu, ishano ni ikintu tudashobora kuvura. Tuvura umuntu tubonye ibimenyetso vy’indwara afise. Duca dukoresha imiti y’ikizungu nk’uko twavyigishijwe. Birashika rero bikanka ariko ntabwo tubwira uwo vyanse kwakira ngo aje kwivuza ishano. Ni we yijana ». 

Amayeri gusa

Dieudonné Nduwayezu ni umunyeshure muri kaminuza y’Uburundi ariko araheraheza igice ca kabiri c’amashure ya kaminuza (Master) mu gisata c’imibano n’abantu (Sociologie). Ariko akora igikorwa giheza amashure yiwe (bimwe bita igitabu) yise « Les représentations sociales de la sorcellerie en commune Ntahangwa ». Muri ico gikorwa ciwe akaba ariko akorera ku ruhara rw’ishano muri komine ya Ntahangwa, yo mu gisagara ca Bujumbura. Twaraganiriye aratubwira iyo iciyumviro cavuye.

Agira ati : » Inkomoko y’iciyumviro canecane yavuye ku kungene bavuga ko intara mvamwo ( Ruyigi, ndlr) baroga cane. Numva mfise inyota yo gutahura neza ivyo vy’uburozi no gutanga ishano. Niko gutangura rero ico gikorwa ».

Dieudonné Nduwayezu akaba yatubwiye ko yahisemwo kuja kwivuza ishano, n’ubwo ataryo yari arwaye, kugira ngo abashe kuronka amakuru akwiriye kuri ryo :« Naragiye mu Kamenge kwipimisha ishano aho bavuga ko barivura. Ndibuka ko bankomvye mu kiganza, mpejeje gukaraba. Naragiye mu Kinama aho naho mu kumpima bambwiye ncire hasi ahantu hari isima kugira ngo barabe uko amate atemba ; nongera nja mu Gihosha. Aho naho bashizeko icatsi, hama nya muntu amvura arumviriza mu nda ko naririye. Mwomenya ko aho hose nagiye, bambwiye ko ndarirwaye. Mwibuke ko ataryo nari ndwaye mu ntango. »

Ishano rirabaho canke ntiribaho ?

Dieudonné Nduwayezu arabandanya ati : « Mu bushakashatsi nakoze, naramenye ko mu bindi bihugu vyo muri Amerika yo hagati (Amérique centrale), no mu bice bimwe bimwe vya Burkina Faso, ico bita ishano sico twita ishano ino : bobo bazi ico bita « empoisonnement » aho baguha ikintu urya mu ndya canke kikuja mu mubiri. Twebwe ariko hari n’abavuga ko bari bahaye mu muyaga. Rero mu Burundi « empoisonnement » yoyo irashobora kuhaba kuko ni ibintu baguha bikwinjiramwo ».

None ishano rirabaho canke ntiribaho ? Kuri ico kibazo, Dieudonné Nduwayezu akagira ati :« Nta wovyemeza ko ribaho kandi ntawobihakana. Gusa ari « empoisonnement » kwa muganga barashobora kukwoza mu nda babibonye. Hari n’igihe usanga umuntu adwaye indwara, kwa muganga ntibayibone, akibaza ngo bamuhaye ishano. Mwumvise ko nagiye kwivuza ishano ntarirwaye bakarintora kandi jewe nzi ko ataryo nariye. Abantu bobanza kwitura ku baganga b’ikizungu ». 

Gutora umuti w’ishano, ntivyoroshe. Kurivura naho nyene ni uko (canecane ku baganga b’imiti y’ikizungu) ariko, ikibereye ni uko umuntu yokwitura abashobora kumufasha bavyigiye neza nyabuna ntasange ariko aravurwa nabi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Mumpande zose zirumvukana ishano umwanya umwe rirabaho kuko Hari benshi kwamuganga vyanka burundu bakabura ingwara nimwe ariko Baja kwipimisha ishano ugasanga bakize knd neza gusa vyiza imbere yo kuja kuraba kwarishano wohera kubaganga bavyigiye vyanka burundu ukaja kuraba kwarishano kuko rirabaho yari Steve NIYONGERE

  2. Nimureke gufyina kw’ ishano n’ ingene rigisibije muri bujumbura, usamaye gatoya ngo uriko wishinga ivy’ ikizungu uwawe agenda ubona!