article comment count is: 0

Ubukene bw’amazi, ruguru hoho bigoye gusumba

Mu Burundi, si agaseseshwarumuri haraja haribonekeza ikena ry’amazi meza mu bisagara. Hari abokwibaza ko hagati mu gihugu hoho amazi meza ahaboneka vyoroshe. Habe na mba. Ng’uku uko nabonye ko n’ababa mu mitumba kuronka amazi ya rusengo ari urugamba rutoroshe. 

Turi igihe c’isaha indwi zishira umunani z’umurango. Ndiko mfata urugendo runshikana muri Komine Butezi ku mutumba wa Rutegama. Aho, ni ku birometero birenga mirongo ibiri tuva ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Izo saha nyene, akazuba karakaze sinobabesha.

Hagati aho, ngenda ndatereza akajisho hirya no hino mpimbarwa n’uko hateye igomwe. I buryo n’i bubamfu bw’ibarabara rija i Butezi, hari ibiti bitanga akayaga, ku dusozi hakurya haboneka amashamba meza, nta nkeka hoho ibidukikije biracasonewe. Indimo hirya no hino zisa n’urwatsi rubisi, imihana iri kw’ibarabara hamwe n’iyindi iboneka kure ku mitumba.

Kubera akazuba kamena imbwa agahanga, akanyota ntikatanzwe kumfata. Ni ko kuja nderaguza ndabe ko nobona ibombo ry’amazi ya rusengo nivune akanyota. Na rirya nabona ari ahantu hari imyonga ihagatiwe n’imisozi ishajije nibaza nti ndonka amadahirwa meza yomvuna akanyota bitangoye, ndanabwira abo dufatanye urugendo nti mukambonera ibombo mundye akara.

Urwo rugendo rwose rw’ibirometero birenga mirongo ibiri, sinakubise ijisho ibombo ry’amazi na rimwe. Mu mutwe haciye haza akaririmbo kaca kw’iradiyo mu mahimiriza yo kwijukira isuku. Kagira gati : « Amagara meza akeneye amazi meza, amazi y’amabombo, amazi ya rusengo. » Nca nibaza nti none aha hoho ivy’amazi meza vyifashe gute?

Amabombo atatu ku umutumba muzima

Maze gushika ku mutumba Rutegama, naraganiriye n’abahaba. Ikibazo nihuse kubaza ni uko baronka amazi meza. Natangajwe no kwumva ko umutumba muzima uvoma ku mabombo atatu gusa. 

Ivyo vyanyibukije aho nari mperutse gutemberera mu ntara ya Rumonge ku mutumba wa Gatete, abarimyi bari mu yabira babuze amazi meza bokwifashisha gupompa imirima yari ibangamiwe n’udukoko, vyasabwa ko umuti ushirwa mu mazi meza.

Abo banyagihugu bo mu Gatete ivyo kunywa amazi meza bavyumva nk’umugani. Umutware waho hantu yagize ati : « Usivye ko tubuze ayo dupompesha imirima yacu iriko irapfa, no kunywa twinywera ayo tuvoma mu mwonga, nanje ubwanje ndi umutware niyo nihereza. »  Akavuga ko ku mutumba wose hari ibombo rimwe gusa. 

Twicaye ku gahiye ariko turagasonzana

Ivy’ikena ry’amazi biri uko mu gihe, mu vyo Imana yahezagije Uburundi, amasoko avamwo amazi nta nkeka arimwo. Hari ibiyaga, inzunzi, imisozi, eka n’uruzi Nil rutunze ijana kw’ijana abanyegiputa twigishijwe ko rufise isoko mu Burundi.

Amagara meza ni karahara mu ruganda ntibacura cane cane mu kurondera iterambere rirama. Amazi ya rusengo nayo iyo abuze, kuronka amagara meza ni nk’umugani, haduka indwara zitandukanye.

Mu kigo kijejwe gukwiragiza amazi mu gihugu « Regideso », Reta yarikwiye gushiramwo uburyo bukwiye, igahingura neza amazi arangwa mu masoko atandukanye, kugira ngo umurundi aronke amazi meza vyoroshe. Ivyo bizotuma amagara y’abarundi aba meza. Amasoko Imana yaduhaye ntituyarwane umwumwa ndetse ngo twandure n’indwara zidutuma tubura ubuzima. 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion