“Twiganirira”, “Yameze amenyo”, “Nanje ndakeneye urukundo”, zose ni rwiwe. “Burikukiye” yo iracavuzwa cane ku musi w’ukwibuka ukwikukira kw’Uburundi. Indirimbo ziwe zatumye amenyekana mu Burundi no mu makungu. Yari ageze aho afasha abaririmvyi bakiri bato, mu ntara yiwe. Ntiyaribwo abishimirwe ku mugaragaro, ariko n’ubu biracashoboka. Arabikwiriye.
Uburundi burabuze. Saidi Brazza ntakiriho. Mw’ijoro ryo kuri uyu wa 24 Ntwarante 2023, niho uyo muririmvyi yaryamira ukuboko kw’abagabo, hariya mu ntara ya Ngozi, aho yari arwariye. Gutwengatwenga n’ukuyaga n’abantu, imbaga nto, imishatsi miremire y’ubusage, inkoni mu minwe hamwe n’indirimbo z’akanovera kadasanzwe nivyo abagize amahirwe yo kumumenya batazokwigera bibagira.
Mu mpera z’imyaka ya 90, aho yari ageze mu bushorishori bw’ukumenyekana kwiwe, uyu mugabo yarakoresheje impano yiwe mu kunywanisha Abarundi abicishije mu muziki. Ico gihe, Uburundi bwari bukiri mu bihe bidasanzwe. Igihugu cari gihanzwe n’ikibazo c’amacakubiri hamwe n’ukwinubana. Saidi Brazza ni umwe mu baririmvyi bigoye ko bibagirwa mu Burundi.
Indirimbo ziwe zo mu mudiho wa Reggae zatanga ubutumwa bushingiye ku rukundo n’agateka ka zina muntu zaramugize rurangiranwa mu gihugu cose. Muri izo hari nka ‘’Twiganirira”, “Yameze amenyo”, “Nanje ndakeneye urukundo” n’izindi nyishi. Kuva mu myaka ya 2007 na 2008, uyu muririmvyi ntiyasubiriye kuvugwa cane. Aha yahisemwo gutangura kuba hafi urwaruka rufise impano ruvuka mu ntara yiwe ya Ngozi; rwamufata nk’icitegererezo.
Urugendo ruruhije kandi rurimwo irungu
Saidi Brazza yaramenyekanye, aranakundwa kandi arakora ibitari bike. Kubera umwuga wiwe, yarazungurutse mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi nk’Ubufaransa, Ububirigi, Ubuhorande, Tanzaniya. Yamara ubuzima bwiwe bwabayemwo umunezero muke mu bihe vyiwe vya nyuma. Kuva mu mwaka w’2015, uyu muririmvyi yerekeje mu gihugu c’Urwanda. Mu mwaka w’2016, yafungiwe mu kigo c’igororero kiri ahitwa i Wawa amarayo ikiringo c’umwaka. Abamwegereye baravuga ko atari abayeho neza na gatoyi.
Hariya mu Rwanda, Saidi Brazza yari mu bukene kandi ari kure y’umuryango wiwe. Mu ndirimbo yiwe yise ‘’Iyi si mureba” yashize hanze muri ico gihe, yumvikana aririmba ngo : “Je singira impamba ntekeye uretse ijwi nahawe na Rurema, je singira itungo ntunze uretse ijwi nahawe na Rugaba, singira umuryango ndirira uretse ijwi nahawe na Rugira”. Mu mpera z’umwaka wa 2022, uyu muririmvyi asanzwe afise ubwenegihugu bw’Uburundi n’ubw’Urwanda yaragarutse mu Burundi.
Tubibuka batakiriho…
Kuva agarutse i Burundi, Saidi Brazza ntiyari agifise uburyo bwo kubandanya akora neza akazi kiwe ngo ashobore kubaho. Naho indirimbo yiwe ihayagiza ukwikukira kw’Uburundi yari ifise akanovera kadasanzwe, ntiyigeze ashimirwa ku mugaragaro.
Mu mwaka w’2012, uyu mugabo yarasohoye indirimbo ihayagiza ukwikukira kw’Uburundi yise “Burikukiye”. Iyi ndirimbo irimwo amajambo ahambaye kandi iryoheye ugutwi ubu isa n’aho yahindutse itunga ry’igihugu kuko yama ivuzwa misi yose iyo Abarundi bahimbaza ukwikukira.
Co kimwe n’abandi, Saidi Brazza yitavye Imana asa n’uwibagiwe kandi yaragiriye akamaro igihugu. Uru rupfu rutwibutsa abandi bacuraranzi b’Uburundi nka David Nikiza, Canco Amisi canke Bernard Ndoricimpa bari bafise ubuhinga budasanzwe bamaze gusezera iyi si.
Icitegererezo mu muziki w’Uburundi
Bamwe mu baririmvyi bavuka mu ntara ya Ngozi bamubona nk’umuvyeyi. Ni nk’umuririmvyi azwi kw’izina rya Masterland asanzwe akomoka muri iyo ntara. Uyu asanzwe afatwa nk’umwe mu baririmvyi bakomeye bo mu Burundi agira ati: “Brazza yaradufashije cane mbere na jewe indirimbo yanje ya mbere nayisohoreye muri studio yiwe”. Mu ntumbero yo gushigikira urwaruka, uyu mugabo yarangwa no kwitaho abandi yari yaratanguje ikigo citwa “Rock Bujumbura-Kugasaka”, aho urwaruka ruvyipfuza rwimenyerereza gucuraranga canke ibindi bijanye n’umuziki.
Saidi Brazza yari Umurundi akongera akagira ubwenegihugu bw’Urwanda, kuko umuryango wiwe wamuka muri ico gihugu. Yari afise abana bane, batatu baba i Burundi uwundi umwe akaba mu Bubirigi. Yitavye Imana afise imyaka 48 gusa y’amavuka. Imana imuhe uburuhukiro bwiza.
Merci infiniment, de la part de mon père, pour votre soutient🙏🏾❤️.