article comment count is: 0

Kutandika abana batagira ba se bazwi : ubwo si ukubahohotera ?

Mu nama yagiranye n’abategetsi bo mu nzego zo hasi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Martin Niteretse yamenyesheje ko guhera ubu abana bafise ba se batazwi batosubira kwandikwa mu bitabu vya komine. Asaba ko atawosubira kwandikwa kuri “Se atazwi” canke “Sekuru”, nyabuna abo babibarutse batomore neza ba se b’abana. None abazoba badashoboye kumenya ba se bazoba aba nde? Amategeko avuga iki ku kuntu abo bana baheza bakabaho bafise uburenganzira nk’abandi ?

Olive* ni umwe mu bo twashoboye kuyaga. Aremeza ko hariho ikibazo kidasanzwe ku mwana atamenye se. Avuga ko yakuze abona abana na nyina ariko akaba atigeze amubwira se w’ukuri. Amaze kuja mu mashure yisumbuye bakabasaba kwuzuza vya bipapuro bija muri dosiye iranga ivyigwa umuntu yagize yabuze ayo acira n’ayo amira.

Gushika aheze amashuri, uyu mwigeme yama yuzuza “Inconnu” mu kibanza ca se. Ariko ahejeje amashure yisumbuye, yasanze ata na hamwe yanditse muri komine, kandi hari vyinshi vyamugoye gushikira mu vyo afitiye uburenganzira. Amaze kubasigurira ibibazo vyiwe, naho bitamworoheye, baremeye kumwandika. 

Uburenganzira buba buhonyanzwe

Iyo rero umwana adashoboye kwandikwa araheza agatakaza ibitari bike mu burenganzira bwiwe. Emery Bayizere umuhinga mu vy’amategeko aratubwira bimwebimwe. Ni nko kudashobora kuvuzwa n’igihugu akiri muto nk’abandi bana canke kwiga ku buntu. Iyo akuze ho abura ibintu bihambaye cane kuko adaheza ngo ashobore kuronswa ikarata ndangamuntu kuko ihabwa abafise urupapuro rw’amavuko. Bityo umwana atanditswe akaba atakaje ivyemeza ko ari umwenegihugu nk’abandi. Hari n’ibindi abura bihuriye muco twita « droits civils ».

Ku bw’umunyamategeko wundi ari mu karuhuko k’izabukuru atashimye ko tumuvuga amazina twaganiriye, iyo ngingo biboneka ko yoba ari iyo guhana abana ahanini kandi batazi uko bavutse. Uyu yamaze igihe kinini mu nzego za Reta akabona ndetse ko bishobora guhungabanya n’imiryango. Yemeza ko mwene ivyo bibazo bitojamwo gukoresha inguvu kuko abona ko hashobora kubamwo ibiturire no guhomeka umwana ku muntu atari we se hakoreshejwe igikenye canke igitsure, nko mu gihe se w’umwana yoba ari umuntu afise ubuhangange runaka akaba adashaka kumenyekana. Abona bovyitondera cane kandi ineza y’umwana ikaza imbere.

Amategeko aratomoye 

Itegeko ry’Uburundi rigenga ingo n’imiryango (Code des personnes et des familles) risanzwe rikoreshwa mu Burundi rirerekana neza uko umwana atagira se yandikwa.  

Nk’uko umushingwamanza Bayizere abivuga, igitabo c’itegeko rigenga ingo n’imiryango kirategekanya ingene umwana wese avutse ategerezwa kwandikishwa mu misi cumi n’itanu ikurikira ivuka ryiwe mu ngingo yaryo ya 37. Ico gitabu kikaba mbere gica cerekana n’abegwa n’ico gikorwa mu ngingo yaco ya 38.  

Ubwa mbere rero ngo ni abavyeyi b’umwana uko ari babiri. Ariko iyo se atakihari, amategeko yerekana ko nyina w’umwana ari we aca amwandikisha. Uyu muhinga aravuga ko nyina w’umwana ashobora kumwandikisha kuri se mu gihe babivuganye.

Iyo se atamwemeye canke ataba atazwi vy’ukuri, amategeko avuga ko umwana ashobora kwandikwa kuri se “atazwi”. Ingingo ya 40 y’ico gitabu irabitomora. Ivuga ko iyo bishitse akaba ari umwana w’umusumano, handikwa izina rya nyina w’umwana gusa, kiretse iyo se amwemera.  

Hoshirwa imbere ineza y’umwana

Naho umushikiranganji ategeka ko abo bana batosubira kwandikwa, amategeko ahari arerekana uko bigenda. Tubajije umunyamategeko Emery Bayizere nimba hari uko bikwiye gukorwa ngo ntihagire umwana arenganywa, agira ati: « Amategeko ahari uyu musi twovuga ko yikwije kugira uwo ari we wese atungunganirizwe naho utunenge tutabuze ». Ku bwiwe, hakwiye gusa ingingo zigenda ziyaherekeza. Mu bijanye n’ingene vyogenda, se w’umwana amwihakanye itegeko rirerekana uko bikorwa. 

Uyo munyamategeko avuga ko iyo bishitse se ntashake kumwandikisha canke akamwihakana, nyina aca amwandikisha kubera amategeko avuga ko ico gikorwa gitegerezwa gukorwa mu misi cumi n’itanu gusa kuva umwana avutse. Arashobora guca amwandikisha kuri se atazwi kuko nta ngingo n’imwe mw’itegeko ribigenga itegeka umugabo kwemera umwana ku nguvu.

Ariko umwana yamaze kwandikwa kuri se “atazwi”, arashobora ubwiwe kwigarura akamwemera. Uretse ivyo, umwana we nyene canke nyina wiwe bashobora kurondera se wiwe biciye muri sentare nk’uko biboneka mu ngingo ya 234 n’izikurikira. 

Ubiravye, amategeko ahari uyu musi abanza gukingira agateka k’umwana imbere ya vyose. Gushira mu ngiro iyo ngingo y’umushikiranganji, bishobora gushira mu kaga bamwe mu bana b’igihugu. 

*: izina ryahinduwe             

                                                                                       

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion