article comment count is: 0

Kurobera muri Tanzaniya : ni inzira y’urukiza koko ?

Abarundi bava mu ntara zitandukanye baraja kurobera (kurondera ubuzima) mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ivyo rero birafise inzira bicamwo, ninzitizi zidasigaye inyuma. 

Abarundi barayamaze ngo : « Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera ». Intango ya vyose, twari mu modoka, tuva mu ntara ya Rutana tugana mu ntara ya Gitega. Umwe mu bo turi kumwe ati:  « Uburundi ni bwiza pe. Raba iyo misozi ingene itotahaye ».  Uyundi ati: «Reka dusohoke, tuve mu muduga, twihweze neza iyo mitumba.» Aho twari neza na neza, i Butomarwa, ahashamikira ibarabara rija ku murwa mukuru wa komine Mpinga-Kayove, mu ntara ya Rutana.

Kuba heza, hari heza , ariko… 

Mu kanya nkako gukubita urugohe, abagabo babiri bariko basunika amakinga, bari badushikiriye. Babonye ko turi ingenzi, baraturamutsa, turidondorana. Abo bagabo, nkibabona nashotse mbona inkovu bafise mu maso no ku maboko. Umwe yitwa Pierre Claver, uwundi ni Edouard. Bose baturuka ku musozi Makakwe wo muri komine Musongati.

Umwe mubo twari kumwe asubira kwinovora ubwiza bwaho ariko arabona, abwira ba bagabo ati : «Muba mu ntara nziza. Urabona ingene iyo misozi iteye igomwe ?»  Pierre Claver ntiyihanganye, ati: «Reka reka, ntubone ngo hasa neza. Inzara iri muri iyo mitumba izura inzara. » 

Edouard nawe aramwakira ati: «Iyo ataba ikigoyi, ntibuba turi ngaha. Na twebwe turi ku nzira. Tuvuye gushora ibiraya I Gihofi. Twazindutse tugenda, none butwiriyeko

Inzara izura inzara

Edouard rero, avuga ko iyaba atari urwo rudandazwa, umuryango wiwe uba warishwe ninzara. Ubu ngo ntibakora ku munwa badakoze mu mufuko. « mu myaka itatu iheze, umukenyezi wanje yikubita munsi y’urugo akazana imyumbati canke akajumbu.Mu nzu twaba dufise amagunira yuzuye ibiharage. Inzara yari umugani. Ariko ubu, dutunzwe n’ubutsima bw’imyumbati n’ibiharage tugura ku ma butike ku munsi ku munsi».

 Hakurwa mu bana nk’imbeba, uyu mugabo yaciye ahitamwo kuja kudandaza ibiraya. Ariko, nkuko abishikiriza, ako kazi ni indyankurye. « Kararuhisha kandi karimwo amasanganya menshi.Raba twuzuye inkovu umubiri wose. Ntidusiba gutemba. Nta numwe afise amenyo akwiye.». Edouard akongerako ko igituma bama bagenda ari babiri babiri, ari kugira ngo bishitse umwe agatemba uwundi amutabarize canke amujane kwa muganga. 

Gusumira hakurya ya Maragazi

Edouard arongera akigarura ati: « Jewe ndivugisha kuko nari mfise impene ndayishora kugira ndonke umutahe. Abagabo benshi baromokeye mu Tanzaniya kurondera ico bagaburira imiryango. » 

Pierre Claver aramwamira ati: « Si twebwe twenyene tugeramiwe na kigoyi. Imisi yose  twama tugenda tujanye n’abantu bavuye mu ntara za Karusi, Gitega canke Ngozi bagiye kwisumamwo muri Tanzaniya»

Uyu mudandaza avuga ko abo baja kurobera muri Tanzaniya bavuye mu zindi ntara bafise amagorwa menshi. Asigura ko batakija mu mihana gusaba indaro iyo bubiriyeko. « Ubu barara mw’ishamba. Iyo uzindutse kare urababona banyegurutse. Cane cane iyo imvura yaraye iguye, ucubabona kuko baba bajovye ».  

Kubwa Pierre Claver, imvo yatumye badasubira gusaba indaro, ni uko abajejwe intwaro basaba ko abasavye indaro bandikwa mu makaye, kandi bakava aho basavye indaro isaha zibiri. Ayo masaha naho haba hakeye, bakaba batakaza umwanya wo kubandanya urugendo. Abo badandadaza bakarangiza bavuga ko inzira ya hakurya ya Malagarazi atari iyo gutuma umwana.  Pierre Claver akivugira ati : « Ni hamwe hinzara, ntawogiyeyo kuko ubuzima bwaho bugumye nkibuye. »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion