article comment count is: 2

Kugira “ubusage” ku mugabo ni icaha ?

Kw’igenekerezo rya 11 Rusama buri mwaka, isi yose iribuka umuririmvyi rurangiranwa Bob Marley. Ni umusi kandi uhambaye ku bemera umuhari wa “Rastafarisme” canke “aba Rasta”. Ariko abo bagabo kenshi barangwa n’imishatsi miremire ihinze bita « amadredi », mu Burundi baracafatwa ukutabereye. Umugabo canke umuhungu afise mwene iyo mishatsi hari aho bahura n’ibibazo kubera kudatahurwa.

Kubura ubufasha bakeneye mu bisata bitandukanye vy’igihugu canke gukumirwa mu bihe vyo gutanga akazi ni zimwe mu ngorane abantu b’igitsinagabo bafise ubusage bagira. Ivyo biremezwa na Clovis Blaise Koriciza, umwe mu basanzwe batunganya ibirori mu gisagara ca Bujumbura akongera agakora akazi ka Reta mu gisata c’icayi OTB. Uyu azwi cane kw’izina rya Rasko yatanguye kugira ibibazo akija kubandanya amashure kuri kaminuza kuko hari amashure atamwemereye kuyigako. 

Ahejeje amashure naho nyene, avuga ko yagumye ari inzira y’umusaraba kuri we. Avuga ko yabuze akazi incuro zitari nke, hakaba aho banamuhishuka bakamubwira ko yari akwije vyose kugira bamuhe akazi ariko bidashoboka kuko afise “amadredi”. Tumubajije uko yashoboye kwakirwa mu kazi ka Reta, yishuye ati : “Narakoze ikibazo ndagitora hanyuma barandeka kuko hoho ni urwego rwa Reta bararaba amategeko”. Ariko naho nyene ngo uwamutwara ku kazi yabanje kumubaza nimba azoguma afise mwene iyo mishatsi. Nayo abandi bakozi bakorana ngo ntibatahura na gatoyi uko yemerewe kuhakora kuko ngo bibaza ko ari ‘’umunywarumogi’’. Ariko mu nyuma bamaze kumumenya neza nta kibazo na kimwe vyabaye bigiteye. 

Uretse ivyo vyo gukumirwa mu kazi, Rasko avuga kandi ko umusi aja kurondera urupapuro rw’inzira, « passeport » vyamugoye cane kuko bashaka kumusubiza inyuma ngo n’uko afise ubusage.

Rasko avuga ko iryo kumirwa arifata nk’ubundi bwoko bw’ikumirwa haba irifatiye ku rukoba canke ku bwoko. Agasaba abantu batanga akazi ko bakwiye kuraba umuntu ico ashoboye gukora bataravye uko ari inyuma ku rukoba. 

Imico irahinduka

Abatari bake bafata mwene abo bantu nk’abanywarumogi canke abantu batagira imico myiza. Ivyo bakabigira bafatiye ku kuntu abo batungwa intoki bahisemwo gushaza ku mitwe yabo. Yamara tukibuka ko kuva na kera, Abarundi bari bafise uburyo baringaniza imishatsi yabo, baba abagabo, abakenyezi n’abana.

 Tuvyihweje, kuva mu kinjana ca mirongo ibiri abazungu bashitse mu Burundi, imigenderanire n’ibindi bihugu yaragwiriye cane. Uretse bishasha twigiye ku bazungu canke Abarabu ku kugene dutunganya imibereho yacu, Abarundi batanguye kuzunguruka mu bihugu vyinshi vyo kw’isi. Kuri ivyo, hiyongerako ubuhinga ngurukanabumenyi aho umuntu ashobora guhurira n’iyindi mico itandukanye yo kw’isi. Mu vy’ukuri, co kimwe n’abo mu bindi bihugu, Abarundi barahindutse cane mu kugene babaho.

Twokwibaza rero igituma aba bantu bahitamwo gushira ubusage ku mitwe bafatwa nk’abantu barenze imico canke badafise indero. Ubwo ntiharimwo akarenganyo narirya kurabira inyuma kenshi bizana kwibesha?

Mu bisanzwe, abantu barakwiye gutahura ko bataremwe kumwe. Maze umwe wese bakamureka akabaho ubuzima bwiwe hanyuma iyo umuntu agiye gusaba akazi bakaraba ko agakora neza. Nayo ari ico akeneye ku bajejwe amabanga y’igihugu bakakimuhereza na rirya ata mategeko baba bisunze mu kukimwima.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Iyumuntu yatanguye kwiyumvamwo kwakwiye kubaho ukwavyiyumvira nukwabishaka abashaka kugira libertinage donc imico itugenga ntikwiye guhinduka canke Kuba modifie nagatoya gerageza kwubaha amategeko hamwo nogukingira agateka kazina muntu ataguca kubiri Nico yigihugu cacu si non vuba ntandero izoba igihari nkuko uyumusi hano mugihugu cacu bidasubiweko mumisiza tuzotangara kuko twebwe urwaruka turiko turata ihangiro

  2. Nivyo ni ikumira cane. Kugira imishatsi miremire n ibisanzw nk uko kugira imishatsi migufi bisanzwe kanatsinda nta style national y imishatsi ihari bose bamwiye gkurikiza kk nta n itegeko rihari ribigenga. Ic uko ari abntu b ingeso mbi banywa urumogi ni ukwihenda cane kk muri bo harimwo si bose barunywa kdi abadafise ubusage nimba batanywa urumogi boba bakora ibindi vyaha ark bakaguma bakora akazi. Abadafise ubusage boreka kwigira abntu beza b intore gusumba abafise ubusage. It’s wise to stop criminalizing dreadlocks owners by removing the negative etiquette marked on it and they should be treated in community the way other people of other hair styles are treated. Thanks!