article comment count is: 0

Kayanza: inyonko yo mu kiyaya ca Rift ntaho iraja

Indwara y’inyonko yo mu kiyaya ca Rift iracibonekeza mu mitumba itandukanye y’intara ya Kayanza. Inka ziracahitanwa n’iyo ndwara, ibiheza bigatera umutima uhagaze aborozi.

 Mu ntara ya Kayanza, iyo ndwara yari yarafashe inka mu mwaka uheze wa 2022, bituma abajejwe intwaro bafata ingingo yo kwugara amasoko, banabuza kubaga inka hamwe n’uruja n’uruza rwazo. Aho hari mu ntumbero yo gukinga irandagata ry’iyo ndwara. Inka zahavuye zicancwa canecane mu burere iyo nyonko yibonekejemwo cane.

Kuva mu kwezi kw’icumi kw’uwo mwaka wa 2022 gushika muri Ruhuhuma 2023 ntiyari bwasubire kwibonekeza, nk’uko bishikirizwa na Adélin Niyonsaba arongoye ibiro vy’intara ya Kayanza bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.

Muri Ntwarante, inyonko ngo ba !

Adélin Niyonsaba, amenyesha ko kuva  mu kwezi kwa gatatu kw’uno mwaka wa 2023, inka umunani ari zo zimaze gufatwa n’indwara yo mu kiyaya ca Rift. Uwo muyobozi avuga ko izo 8 zibonekeje mu makomine ya Gatara, Muhanga na Kayanza, amakomine atatu mu makomine 9 agize intara ya Kayanza. Muri izo 8 ngo izishika zitatu zarapfuye. Izindi zitanu zaravuwe, ubu nta bimenyetso zikigaragaza.

Adélin Niyonsaba avuga ko mu makomine atandatu atari yarashikiriwe n’urucanco rwo mu mwaka uheze, inka zose ziriko ziracandarwa. Agira ati: “Mu gihe iyo ndwara yobandanya yibonekeza, dukoranye n’abajejwe intwaro twoheza tukaraba izindi ngingo zifatwa mu ntumbero yo gukinga irandagata ryayo. Ariko ubu ntawofata ingingo zikomeye”.

Aborozi barahumurizwa

Ku bwiyo ndongozi, aborozi ntibohahamuka, ahubwo bokurikirana ibitungwa vyabo, maze babonye ibimenyetso bakihutira kubimenyesha abajejwe amagara y’ibitungwa, kugira ivyihuta bishobore gukorwa. Adélin Niyonsaba yibutsa ko ibimenyetso vy’inyonko yo mu kiyaya ca Rift ari uko igitungwa kigira ubushuhe bwinshi, kigacika intege, kikabura akayabagu kikongera kikava amaraso mu mazuru.

Twomenya ko kuva aho inyonko yo mu kiyaya ca Rift itanguriye kwibonekeza mu ntara ya Kayanza mu 2022 gushika ubu, imaze gufata inka 36, yica izishika kuri 21. Impene n’intama zimaze gufatwa zishika kuri 64, hakaba hapfuye 31 nk’uko ibiharuro biva mu biro vy’iyo ntara bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bivyerekana.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion