article comment count is: 0

“Urya muryango utera umwaku”: imvugo zitubaka twakuze twumva

Mu mvugo no mu bikorwa, Abarundi bagiye batyozanya bashingiye ku bwoko, canke imiryango. Ukaja wumva ngo abo muri burya bwoko bameze uku canke kuriya, ibishobora kubatandukanya n’abandi ndetse bigashobora gukwega n’akarambaraye. Ku myaka 45 amaze, uwu mwanditsi arabinegura kuko vyaranamukozeko.

“Ntuhirahire ngo wereke uruguma barya bo muri urya muryango. Ukomeretse bakahabona ntukira, haca hasebura. Ni abaziraruguma.” Ayo ni amajambo nakuze numva muhira, nanje nkabifata uko. Abana bo muri uwo muryango twarabibatuka, tugaca turwana bababaye cane, bagataha bararira. Aho hose abo bavugwa bari Abahima. Igitwengeje nanje ndi mu Bahima nyene. 

Hagize agakosa nkora ndi umwana, ababanyi b’Abahutu n’abandi Batutsi bavuga ngo Abahima ni uko mwapfuye. Narumva bambwira ngo murahimahima, canke murahimura. Uvyumvirije harimwo kunena, kwinuba, gusuzugura, gutyoza n’ibindi. Nanje rero vyarashika nkabona ko ari irivuga risanzwe mu yandi  nkabwira uwundi mwana ngo reka guhimahima, ntazi n’ivyo mvuze. 

Biri ingo zose

Igitangaje, ni uko usanga mu mugwi uyu canke uriya bafise utwo bavuga ku bandi two kubatyoza. Akarorero ni nk’uyu mwibutsa :“Umuhutu umuvura amaso bwaca akayagukanurira”. Aho mvuze ivyo gusa kuko nanse kuba umwikorezi w’ibitutsi. 

Uwaciye ico nokwita umugani utagana akariho yoba yashatse gushika kuki ? Karashize ingani rero Umuhutu ntabe agikwiye gukorerwa iciza ? Ivyo vyatumye ntangazwa n’ukuntu ba Bahutu bavuga ukuntu nya Bahima, mugabo na bo bagahindukira bakabavuga uko. 

Umusi umwe hari Umutwa tubana yatase n’Umuhutu, nca numva amubariye ati : “Ndi Umutwa ukaba Umuhutu. Aho wishima hari akantu iyo uba uri Umututsi.” 

N’umukobwa anyanka abimpora

Uwovyumva uko yohava yibaza ngo imiryango y’Abatutsi batari mu Bahima ivyabo birera. Haba na mba. Uko nyene nakuze hari umuryango w’Abatutsi baba kure y’iwacu mugabo numva bavugangwa mu karere ko batera umukoshi. Ibaze kubura uwugutumbera kubera uruvugo ! 

Mbega hoho ko numva ngo ntihagire uwubakuramwo umugeni, mugabo umuhungu wabo atumbereye muri iyo miryango yindi batamwankira ? Aho hose abavuga ngo uwo muryango utera umukoshi, baba ari abo mu miryango y’Abahutu, iy’Abanyaruguru nka bo canke muri ya miryago y’Abahima. 

Maze gukura, hari umukobwa twakundanye. Naramaze kwijajara, mu kubivamwo yitwaza ko uwo mu muryango wabo ntiyoza mu w’iwacu. Vyatumye nzirikana cane ku bijanye n’imiryango n’amoko. Naratororokanije tumwe nibuka ndahiga ifatiro ryavyo ndabura. 

Ariko bakiyorobeka

Uko bamwe canke abandi bigisha abana kwinuba aba canke bariya, nticabuza ko basangira. Hagize uwuhisha urukanywa, bantuma gutumira Abahutu, Abatutsi (Abanyaruguru canke Abahima)*. Basangira umukenke mbona. Gusa simbeshe, Abatwa barabakumira bakabahera ukwabo. Twasangira ivomo, tugasangira urwuri. Hari n’abasangira ikivi. Ubwo rero bukaba ubumwe, ugusangira, urukundo ! Baratamba bagatarika, baruhimvye, bakarwana mu nda. 

Kubera iki basangira, mugabo ugasanga biciyemwo utudumbidumbi babwira abana ibindi ? Kubera iki uwo twamaze igihe dukundana yadutse akaronderera urwitwazo mu vy’imiryango ? 

Naho basangira, nabonye ko ari ubwiyorobetsi. Niho hagira akantu na gatoya gakomye ukabona haje kuryana, kuko bwari ubumwe butariho. Kimwe gusa, tumenye ko uko ari ukubiba imbuto mbi mu bana, bigatuma na kazoza k’igihugu gafutana. 

*: Nk’uko Patiri Yahani Batista Ntahokaja avyandika mu gitabu Imigenzo y’Ikirundi, imiryango y’Abatutsi iri imice ibiri : Abahima ( bagizwe n’imiryango 16) n’Abanyaruguru (bagizwe n’imiryango 30).

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion