Iduga ry’ibiciro vy’imfungurwa ku masoko risa n’iryabaye akananirabahinga muri ino misi. Icegeranyo c’ibanki nkuru y’igihugu cerekana ko ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze gushika ku bice 39,4 kw’ijana muri kigarama 2022. Kubw’uyu mwanditsi, ng’uku uko woterera kugira ivyo biciro bigabanuke.
Mu mpera z’ukwezi guheze, nafunguriye mu buriro bumwe bwo mu gisagara hagati ca Bujumbura. Niho haza umuntu, yicara impande yanje, maze asaba ico gufungura. Yahereye gusaba amateke, bamubwira ko atayo bateka. Ati hoho nta kijumbu co mu mazi noronka? Naco nyene bati ntakihari. Abari ngaho batangura kuryana inzara ngo « uyo mu manuka ntazi ko izo mfungurwa Atari iizo mu gisagara ?».
Ukwo kumutyekeza vyampaye kwiyumvira cane. Imisi yakurikiye, nagiye mu buriro bushika cumi na bubiri bw’ahantu hahurira abantu benshi, nca nsanga abarundi dufise imfungurwa dukunda gufungura, nk’uko womengo nta zindi mfungurwa zibaho.
Kenshi bamwe bakunze gufungura ubugari ku gashitwa k’inyama canke indagara, abandi ugasanga ari umuvango w’umuceri, igitoke canke ibiraya ku duharage canke ubushaza. Imboga zama ari irengarenga, intore canke isombe. Nasanze izo mfungurwa arizo zama mu buriro.
Akari mu mpene niko kari mu ntama
Naragerageje n’amahoteri ashika cumi n’ane nsanga imfungurwa zama ari za zindi nyene, hahinduka gusa uburyo bazitekamwo. Ushaka imfungurwa nk’amateke, imyumbati, canke ibijumbu, urinda kuja mu buriro bw’abantu batobato cane. Aho naho bateka bike, kuko ababisaba usanga atari ikirenga.
Pascaline N., umwe mu barongoye uburiro hagati mu gisagara ca Bujumbura nasangije uyo mwihwezo, niwe yambwiye ati : « Ivyo nivyo, kandi bituma kw’isoko usanga turi benshi duhurira ku bifungurwa nka bimwe vyo gusuma, kuko ari nkavyo gusa abanyagisagara bakunda gufungura, bigatuma banyene kubishora bihagararako ku biciro ». Yuhira ati : « umusi umwe natetse inkore mu kibanza c’ibiharage, narayabonye ndabura abazifungura, biza kurangira mpomvye».
Claudine C., umudandaza mw’isoko yo mu kamenge, nabajije aho yondonkera ibisunzu, yanyishuye ati : « Ushaka bive hehe ? ninde yobirima kandi abarundi badakunda kubifungura ?». Niko kwuhira ati : « n’ibi bijumbu ubona, abiyita abasirimu ntibabikozwa kw’isahani, arico gituma bizimvye kuko ababirima bariko baragabanuka ku gutinya ko bobishora ku bwinshi bakabura ababigura, bigahakwa kumera nka ca gihe bavyita ingorane ».
Ingaruka mbi zavyo zoba zitabuze
Kubw’umuhinga muvy’uburimyi twayaze, ngo iyo ngendo iri mu bituma ibiciro vy’ibifungurwa biduga. « Mu gihe ivyo abanyagisagara bafungura atarivyo birimira, usanga abarimyi baca barima imfungurwa z’ubwoko bumwe kuko arizo zigurika kw’isoko y’abaguzi. Nico gituma uzosanga mu gihe c’agatasi nka hose mu Burundi hateye ibigori n’imyumbati kuko arivyo bivamwo ubugari, mu gihe c’impeshi naho bakarima ibiharage nka vyo gusa ».
Uwo muhinga akangorako, ati kubera isi itakimera neza kandi igisata c’Uburimyi gifise ibikizingamitse bituma umwimbu utama uri mwiza, bituma abasumyi barondera ivyo bifungurwa bama ari benshi, kandi umwimbu wavyo atariko ari mwiza. Aho naho, abahinga mu bijanye n’ubutunzi barabitomora neza ko iyo ikintu kw’isoko ari gike kandi kironderwa na benshi, ibiciro biraheza bikaduga. Iyo naho ibintu kw’isoko ari vyinshi, ababirondera baragabanuka kuko bose baba bashobora kubironka, bigatuma ibiciro bigabanuka.
Umuti woba uyuhe ?
Ica mbere gikenewe ni uko umwimbu wokwiyongera kugira ibishoka kw‘isoko bibe vyinshi, gutyo ababirondera baronke bose umwimbu ukihari, gutyo ibiciro bigabanuke. Aho rero n’aha reta ho kuraba inzitizi zose zituma umwimbu utaba mwiza kugira zigwe kandi zitorerwe umuti urama.
Ariko mu kurindira iyo nyishu ya reta, abanyagisagara twohindura ingendo mu bijanye n’ivyo dufungura. Mu kwiga gufungura inkore canke intengwa mu kibanza c’ibiharage, vyotuma abarondera ibiharage bagabanuka gutyo ibiciro vy’ibiharage bikagabanuka, kandi n’isoko ry’abarima intengwa n’inkore rikaboneka, gutyo bigaca bitangura kurimwa ku bwinshi. Eka no ku mboga twotangura gufungura imyungu canke ibishayote, vyotuma ibiciro vy’irengarenga n’intore bigabanuka.
Ni nkaco kimwe ku bijanye n’umuceri, igitoki n’ibiraya. Twotangura gufungura ibisunzu ku bwinshi, ibijumbu, amateke, amatugu n’imyumbati, ntibibe imfungurwa z’ababuze uko bagira. Vyosahiriza mu kugabanura ibiciro, ndetse bigatuma n’umwimbu wavyo wiyongera kuko ababirima batazoba bakibirimye ngo bavyifungurire gusa, ariko nyabuna banabishore, kuko isoko yavyo izoba yabonetse.
Murakoze cane kuri ivyo vyiyumviro,ariko nibaza ko mutashitse kw’isoko naho ngo murabe ivyo muduhanura gufungura ko biboneka.Duhereye kunkore n’intengwa,ibiciro vyazo biri hejuru cane ugereranije n’ibiharage kandi umwimbu wazo ni muke cane kuburyo abanyagisagara twese tutoronka n’izidukwira umusi umwe gusa.No kwimbuka kwavyo s’ikirenga.
Kubijanye n’amateke,ibijumbu n’igitoke navyo birazimvye kuko kera twari tumenyereye babitereka mubitunga ariko vyose ubu bashira ku munzane. Amatugu yoyo n’umuzi w’ibuye,uwogutuma ibiro ijana vyayo,sinkeka ko atavyo woronka mugisagara cose ca Bujumbura.Imyungu yoyo umwe mwiza ugeze kubihumbi hafi cumi.
Ikibazo nyamukuru burya kiri kukuba amafaranga yacu atakaza agaciro uko bukeye uko bwije,bitumwe n’uko dukenera vyinshi bivuye hanze,kandi natwe dushora bike(Ibitoro,ibifungurwa bitari bike,ibirato,ivyambarwa,amavuta twisiga n’ayo dufungura,n’ibindi n’ibindi.
Rero igihe cose ico kibazo kizoba kitaratirerwa inyishu irama,ibiciro bizoguma biduga atacamira.Hari n’abavuga ko leta yarikwiye gukura amakori kubididandazwa bimwe bimwe vyinjira bivuye hanze nk’ibifungurwa,kugira biboneke kigiciro kitavuna,maze bisahirize umwimbu
muke uba wabonetse.