article comment count is: 1

Guhagarika uburovyi muri Tanganyika: twibukanye inyanduruko y’iyo ngingo

Nk’uko  vyavuye mu mazerano ibihugu bikikije ikiyaga Tanganyika vyagiraniye,  igenekerezo rya 15 Rusama 2023, ni ryo sango ntarengwa ryo guhagarika uburovyi muri ico kiyaga. Naho kuri uyu wa mbere batari bwahagariko nk’uko umwanditsi abitwiganira, aratwibutsa icatumye iyo ngingo ifatwa n’ibiyiherekeza. 

Mu gatondo ko ku wa mbere igenekerezo rya 15 Rusama 2023, ku mweha wa Rumonge abarovyi bariko bararangura imirimo yabo  y’uburovyi ukuri kwamye. Uwurongoye umweha w’uburovyi wa Rumonge avuga ko bobo imirimo ibandanya ndetse no mw’ijoro ryo kuri uyu wa 15 Rusama bararovye kuko ata rwandiko ruhagarika uburovyi rurasohoka. Juvénal Nsabimana batazira Bayote arongoye uwo mweha avuga ati : “Uretse amanama twakoreshejwe  nta rwandiko rubuza uburovyi mu Burundi rurasohoka”.

Ariko abarangurira imirimo yindi itandukanye ku kiyaga Tanganyika basa n’abahagaritse imirimo kuko bibaza nimba ibikorwa vy’uburovyi bigiye kubandanya canke guhagarara. Aha twovuga abandandaza b’ibikoresho vy’uburovyi, abafise amazu y’uburiro n’ abikorera imizigo.

Kabura avuka muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega avuga ati: “Nkoze akazi ko kwikorera imizigo hano ku kiyaga imyaka 42 simbona iyo ngiye kuja muri aya mezi 3 bivugwa ko ikiyaga kigiye kwugarwa. Nta kindi cari kimbeshejeho n’umuryango wanje”.

Ayo masezerano akomoka hehe ?

Amasezerano y’ibihugu bigize Autorité du Lac Tanganyika (ALT) aravuga ingingo zerekeye itunganywa rirama ry’uburovyi mu kiyaga Tanganyika no mu karere kagihanamiye yateweko umukono n’ibihugu bisangiye ico Kiyaga ku wa 16 Kigarama 2021 i Kigoma muri Tanzaniya.  Ayo masezerano (charte) aravuga neza ingene uburovyi bwotunganywa mu kiyaga na bimwe mu bibujijwe mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’amafi no gukingira ibindi binyabuzima biba muri ayo mazi. Agizwe n’ibigabane bine birimwo ingingo zerekeye kubungabunga n’ugutunganya neza ibinyabuzima vyo mu mazi, ugukurikirana, ugucungera  n’ukugenzura ibikorwa vy’uburovyi.

Ingingo ya 14 y’ayo masezerano araba ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika ari vyo Burundi, Kongo iharanira demokara,Tanzaniya na Zambiya ni yo yisunzwe mu kuvuga ko uburovyi buhagarikwa mu kiringo c’amezi 3, guhera itariki  15 Rusama  gushika itariki 15 Myandagaro 2023.

Ni bande bazoraba ayo masezerano ko ariko akurikizwa ?

Abarongoye intara, amakomine, amazone n’imitumba vyegereye ikiyaga Tanganyika ni bo bahamagarirwa gukurikirana ko iyo ngingo ya 14 ihagarika ibikorwa vy’uburovyi iriko irakurikizwa. Izo nzego zizofashanya n’igisirikare, igipolisi bicungera umutekano wo mu mazi y’ikiyaga ndetse n’amashirahamwe arongoye abarovyi n’imyeha (port de pêche).

Mu Burundi iyo ngingo yaremejwe ko izokurikizwa nk’uko vyavuzwe mu nama yabaye ku wa 10 na 11 Rusama 2023 mu Rumonge. Iyo nama ikaba   yari iyo kumenyekanisha amasezerano agenga uburovyi nkuko yateweko umukono muri Kigarama 2023 no gutanguza umugambi wo kwugara ikiyaga Tanganyika mu kiringo c’amezi atatu. Imbere y’abanyagihugu baba abarovyi, abadandaza n’abafungura amafi, Sylvain Toussang umuyobozi shingwabikorwa wa ALT yavuze ko iyo ngingo ari ntabanduka.

Kubijanye n’amakenga y’abaserukira abarovyi ko ibindi bihugu bishobora kwanka gukurikiza ayo masezerano maze Uburundi bukisanga bwonyene nkuko bivugwa i Tanzaniya na Kongo ,Toussang avuga ko ni bitayakurikiza, hazofatwa izindi ngingo ziciye mu bufatanye bw’ibihugu bisangiye Tanganyika (coopération) maze hatorwe umuti urama.

Abantu bagiye kubaho gute ?

Abarovyi n’abadandaza b’amafi basabwa kwiyungunganya mu bindi bikorwa bitanga amahera kugira babeho. Abafungura amafi nabo ngo bokwikora ku mafi ava mu bindi biyaga atari Tanganyika canke mu nyanja zisanzwe ari ubwororero bw’amafi.

ALT ivuga ko ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibifungurwa n’uburimyi FAO ryemeye gusahiriza abarovyi muri iki kiringo c’amezi atatu ku mafaranga angana n’ihumbi 21 vy’amadorare y’Abanyamerika n’ubwo ayo mahera ataratangwa. Sylvain Toussanga amenyesha kandi ko hari n’ayandi ashika ibihumbi 28 vy’amadorare iryo shirahamwe ryategekanije ko yofasha muri ico kiringo.

N’ubwo ibitigiri vy’abarovyi mu bindi bihugu tutabifise, mu Burundi abarovyi bararenga ibihumbi 15 nk’uko vyemezwa n’ubuyobozi bujejwe  uburovyi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)