article comment count is: 0

Umudiringi: ni bisosa bisesereza

Bati inzoga ni ‘’nkura mu mubindi ndagukure mu bantu’’. Umudiringi wowo ntugukura mu bantu gusa, ukura mu muryango uwawihebeye, ukamukura no mu kibano. Eka utera ingaruka zitari nke. None izo ngaruka ni izihe vy’ukuri ?  Twarabatohoreje. 

“Urwarwa ni amazi yo ku mugezi, insongo igurwa  amafaranga 1500, urumva ko atari uwo ari we wese yoyaronka. Nayo ibiyeri vyovyo birivugira, binywa abasirimu gusa”.

Iyi ni inyishu Joriji* asanzwe aba mu Mbogora twasanze mu Kibumbu yaduhaye tumubajije igituma abantu bamwebamwe bakunda umudiringi. Yongeyeko ko umudiringi ufise akanovera wisangije kuko uhwahutse kunywa kandi ko uzimbutse, kubera icupa ariheruka rigeze ku 700 gusa.

Ariko rero, inyuma y’ivyo vyiza yari ahejeje kuvuga, Joriji ntiyibagiye kwibutsa ko bijana n’inkurikizi mbi ziterwa n’iyo nzoga. “Abayimenyereje cane irababoha ntibasubira kuyivirira, iyo babuze udufaranga two kuyigura baca batangura kugurisha utwo bafise”, niko Joriji yasobanuye ingaruka mbi ziterwa n’ukwizizirwa n’umudiringi. Yongeyeko ko hari n’igihe iyo serugo yayihaze neza ashika ahambarira abana biwe canke umugore.  

Yarangije avuga ko hari abadandabagirana iyo bayihaze cane bagashobora kugwa mu nzuzi nka Kayokwe, bigasaba ko baza kubashayura,  kubera ibibanza bayinyweramwo mu misi iheze vyari mu bice bitandukanya vya komine, aha twovuga nka Nyakibari yafatwa nk’umugwa mukuru w’umudiringi, Gihinga, Musama, Saswe n’ahandi. 

Twegeye hirya gato yo mu Kibumbu, aho bita kw’Isegetero, hari uwundi mugabo twasanzeho turicarana, imbere yaho bita kwa Kamberisi. Yatubwiye ko afise imyaka 40. Yatumbwiye ko hari abarenza urugero mu misi iheze mu kunywa umudiringi, ariko atawoca yemeza ko bose baca baba imburakimazi, bagurisha ibintu vyo mu muryango. Agira ati : “Erega n’abanywa ibiyeri, bavyihebeye nabo nyene barashobora kugurisha ivyo batunze kugira bivune inyota !”. 

Gusesagura itunga ry’umuryango

Samweri* ni umwigisha kw’ishure  ENEFA Kibumbu. Nawe nyene aremeza ko abihebeye  umudiringi  bateza ingorane zitari nke. Kuri we, ica mbere ni uko batera umutekano muke kubera akaborerwe birirwamwo. Kuko hari abarwana canke bagakomeretsanya kubera kuborerwa cane. Ariko ikindi ni uko banasesagura amatungo y’urugo iyo bubatse, ugasanga nk’umugabo yamariye umwimbu w’urugo mw’isoko kugira yame yinywera iyo nzoga. Ariko rero ngo n’abana barahagirira ingorane kuko usanga barwara cane indwara zo gufungura nabi kubera mu rugo umugabo aba yiziziwe n’iyo nzoga ntabe agisuma. Iyo hoho  umugabo n’umugore bose biziziwe n’iyo nzoga, nta kintu baba bagitunganya mu rugo, n’abana barashobora guheba amashure. 

Aho ugwiriye bama mu matati

Chantal Ndayishimiye, umwe muri batanu batowe ku mutumba wo mu Ruramba wa komine Kayokwe aremeza ko iyo nzoga itera ingorane mu miryango no mu kibano. Atubwira ati: “Umugabo afise itongo ririmwo ibiti, aguma avyicira abijana aho bacanira umudirindi kugira uhiye bamuhe uwo anywa. Kandi agarutse aborewe ashika abwira umugore ngo mpa indya, akadurumbanya umuryango kandi ataco awufashije, ata n’ico yabazaniye. Igihe wari ukigwiriye aha mu Ruramba twama mu matati, ugasanga abawunywa bakomerekanije”. 


Hari n’ingorane rero z’amagara zashikira abawunywa cane. Chantal avuga ko abawunywa igihe kirekire bavyimba mu maso, inda no ku maguru, bakarinda kuja kwa muganga kwivuza. Ibi na vyo nyene birakora ku muryango kuko biwutwara uburyo wari gukoresha kugira witeze imbere. 

Kubw’uwo yatowe ku mutumba, hari n’izindi ngaruka zijanye n’ingeso, kuko iyo umugabo canke umugore awunywa cane uca usanga ataco acibanga. 

Na Buramatari w’intara ya Mwaro aremeza ko umudiringi wateza umutekano muke kuko ngo hari n’abaja kwiba mu mirima kugira babashe kuronka uburyo bwo kugura umudiringi, ari naco gituma yafashe ingingo yo kurwanya iyo nzoga yivuye inyuma. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion