article comment count is: 6

Rumonge: “Umuhezagiro ku bageni usigaye uzimvye”

Kugira  umusore n’umwigeme bashinge urugo basabwa ibitari bike. Iruhande y’uko umwe wese  aba afise inyifato ibereye,  barasabwa n’amafaranga  kugira bashobore gutegura urubanza ariko kandi bagure n’ibikoresho vya nkenerwa bija mu nzu. Ivyo vyose  umusore Eric* w’imyaka 33 yarabikwije, eka na Divine* bazokwubakana mu kwezi kw’umunani uno  mwaka yarakwije ibitari bike. Ariko, nk’uko Eric abivuga, agahaze ni kamwe: umuhezagiro. Aradushingira intahe.  

Maze hafi  imyaka ibiri ndiko ntegura gushinga urwanje. Ubwa mbere bwo Imana yaramfashije ndaronka umukunzi tuvyumva kumwe turaheza tuja mu myiteguro twese. Niho twahava twiyumvira  ko  twotera  iyindi ntambwe mu nteguro y’urubanza ubona ko ivya nkenerwa vyo mu nzu twabona ko bisa  n’ibikwiye. Mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma, Patiri aratangaza biciye mu bimenyeshwa abakirisu, ko ukwezi kwa Ntwarante kuzoherana n’ukwakira abazokwubakana muri Myandagaro kugira batangure  inyigisho.   

Ku musi wa gatatu wakurikiye uwo w’Imana wosomeweko iryo tangazo, inkoko yabaye ingoma kugira twakirwe mu ba mbere kuko twari tuzi neza ko yiturwa n’abatari bake. 

Tange ibisabwa vyose…

Twe na Divine dushikiriwe, twarinjiye mu biro iwe aratwakira atuyagisha neza. Turamuha amakete y’ibatisimu nk’uko abidusavye, asanga yujuje neza kandi n’imperezwa abona twararishe neza. Niho yaca adutuma ibisabwa. Ivyo navyo  bigizwe n’ikete ritangwa na Patiri mukuru wa paruwase tuvukamwo, ikete ritanzwe n’uwutwara umubano w’aho uba, agatabo kitwa « Dukwize ubutumwa » twahavuye tugurira aho nyene ibihumbi bibiri.  

Umwe  wese yaguze akiwe yisangije kuko ariko biri. Hejuru y’ivyo kandi tubwirwa ko tuzotanga amafaranga ibihumbi cumi  kuri umwe umwe azoza aherekeje ayo makete twatumwe. 

…n’ivyo abandi bakoze utahari

Bukeye ntitwatevye kurondera ivyo twatumwe kugira ntituzocerwe mu nyigisho zihabwa abimirije ubugeni. Divine wewe  ntibamutebereje. Yamara  yabanje kuriha amahera yose y’ibikorwa bimaze gukorwa n’abakirisu bo muri iyo paruwase  kugira aronke ico yarondera. 

Araheza mu nyuma aja kurondera rya kete ritangwa mu mubano w’aho aba muri kino gihe, ni ukuvuga mu Rumonge. Umukuru  wawo ati : “Aha rero ni ukubanza ukariha amahera y’ibikorwa tumaze kurangura ».Yasabwe ibihumbi mirongo itatu. 

N’ imodokari ya Patiri

N’aho umukunzi wanje asa n’uwari abikwije, ahejeje kwishura ibikorwa vyaranguwe mu ma paruwase abiri, jeho ntivyoroshe kuko abavyeyi banje bimutse nkiri umwana bava muri paruwase nabatirijwemwo iri mu ntara ya Karusi baja kuba mu yindi ntara. Narasavye umuvyeyi ko yoja kunsabira ikete kwa Patiri mukuru muri paruwase twimukiyemwo kanatsinda ni we yari azwi.

 

Bamubwiye ko ntegerezwa kubanza kugura umupfuko w’isima nkongera ngatanga n’amahera y’ibikorane vyose vyatunganijwe muri iyo paruwase abavyeyi bimukiyemwo. Aho  rero mu mubano umwe ndimwo mu Rumonge nasize ntanze amahera naho nyene y’ibikorwa vyakozwe na paruwase Rumonge. Narahevye mbonye ngiye kunanirwa  niyumvira kuja kuronderera iryo kete iyo twaje tuva. Mbajije ivy’aho bambwiye ko nzoca nshika ntanga amahera bamaze igihe begeranya y’ukugura imodoka ya Patiri.  Ngerageje kuterateranya amahera bizodutwara twe na Divine, nasanze hafi amahera notanze kugira nkote ahobera ubukwe azoherera mu kugura umuhezagiro. 

Ivyo vyose vyanteye kwibaza ibibazo vyinshi kuko gushika ubu sintahura ukugene turiha amafaranga aha na hariya,  amafaranga y’iki na kiriya! Kubera iki umukirisu ari we yama ariko aratanga amahera n’ingene agoye muri ibi bihe.  Kubera iki kugira ubukwe bisa n’ibirimwo amananiza avuye ku batoyateje? Karashize ingani dukokorwe no kuba abakirisu ? Hageze ko turiha ibitagenda kugira duhabwe umuhezagiro hoho, birababaje.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Ewe sha uramvugiye ibintu. Jewe natanze igiturire kugira bemere kumpezagira. Aho nanje nari natumye umuvyeyi wanje aje kundonderera ikarata y’ibatisimu mu Kirundo kuko mba mumahanga. Baramujuragiza bamubwira amajambo ateye isoni. Naciye mpitamwo kugura iyamagendu muyindi paroisse. Aho ntibiheze hageze ko nza i Bujumbura baca bambwira ngo ntange imperezwa zose. Navuye mu Burundi mfise imyaka ine yamavuko nahagarutse mfise 25 ans. Nanje nti oya diocese ya Norvege yarampaye Ibipapuro vyose vyemeza ko ndi en ordre nkumukristu hariya kandi nabibahaye. Bambera ibamba nayo ndayatanga.
    Ikibabaje nuko nzi abagenzi batigera binjira mwisengero ariko kubera ari abana ba naka bo atakibazo bagira….
    Inyishu naciye mpeba ndavuga nti katolika imbabarire sinemera kugira mukajagari nkako….

  2. Mu vyukuri ntivyari bikwiye ko amashengero/amadini ashiraho amananiza kubipfuza umuhezagiro mugihe bagomba gushinga urugo. Ku bwanje mbona ivyo bizohava bituma abantu batacijukira kugira ubugeni rukristo ivyo navyo bikazorwiza ugucikiza.

    Rero nimba abarongoye amashengero bashaka ko abakristo nabo babaho ubuzima rukristo ni baborohereze ata kiguzi kirenze kirinze gusabwa

  3. Igikwiye n’uko amafaranga ariha kubera ico gikorwa ca mariage. hoba sous forme de decret ya Eveque de la diocese kuko ubu hari akajagari.

  4. Ivyo yamye ar’umuco muri Catholic, kuko n’icatumye ubu protestanti bubaho yari kubera indulgence (tanga kugira uronke faveur kw’ishengero, niwaronka faveur kw’ishengero uzoba Uronse Faveur Mana. N’ukugura ugukorerwa n’Imana) , ariko no muba poroti bisigaye biriyo.
    Birababaje ingene abo kwonsa aribo bahindukira bakonka. Ikibazo s’ugutanga ikibazo n’ugushiraho condition yogutanga.
    Ico bibiriya yigisha ni gutanga uko urongowe kandi uko ushoboye, ariko ivyo bakorewe n’ugufatwa kunguvu,

    Kubwanje worondera ahandi usengera. Aho ugutanga gusohokera mubucuti ufitaniye n’Imana. Aho imbere y’ugukorerwa n’ishengero utabanza kubazwa ivyo umaze gutanga mugaseke k’ishengero, aho bavuga ubutumwa bwiza butanzwe mubwizigirwa, aho bibiliya ariyo rufatiro rw’ukwemera n’imigirwa, apana aho abantu aribo bishingira ivyabo.

  5. Très intéressant vraiment, muga ingorane naje nayitahuye mu nyuma, turibagira iyo twimutse inzu, kwimukana n’ibituranga vyose et muri administration et muri paroisse. Hanyuma encore plus, turibagira no kuba régulier n’a kurya kw’ama associations mukuriha ivyo dusabwa ugaca usanga yabaye menshi cane. Yari 1000fr par an bigahera turihiye hamwe imyaka myinshi bien sûr n’utundi ducotisation umuntu asanga yibagiye… Mais toutefois hariho ikintu kintangaza Ku barundi bamwebamwe si bose bien sûr, kubera Iki bibuka ko bari abakristu hageze ico barondera kwi sengero????? Bizarre! Les faits sont simples kurya uza uriy’informa mw’ishirahamwe ngo umenye ivyo bagezeko, baza no kw’isengero urimwo uko bipanze ntugere kurihira rimwe 50milles aho wotanze nka 2ou3milles par an.. Aussi informe toi icayo mahera akora muga quand-même y’aura toujours certains qui exagèreront ngo imodoka ya Patiri, iki canyishe sérieusement.. Yaga nk’uko topics zanyu zisomwa n’abatari bake, muratubariza ico amahera dutanga aho dusengera akora.. Merci c’était juste mon opinion, tout le monde a le droit de critiquer, ça va m’aider à étendre mes horizons.