article comment count is: 0

« Mu mudiringi atari urupfu, nta buzima buriyo » : intahe

Iyo bavuga amabi aterwa n’inzoga zitemewe, bamwe bibaza ko ari imvugo y’abategetsi kugira barwanye izo badashaka. Ariko uteze amatwi Rurihose akakuyagira ivyamushikiye kubera umudiringi, ufise umutima uhuha  wokorora amosozi. Ntiwosubira  kuyikoza ku munwa, nyabuna aho woyibona woyitera umugere igaseseka. 

Nitwa Ana*, mfise imyaka 37. Navukiye kuri umwe mu mitumba wa  wa komine Kayokwe. Maze imyaka 8 nahukanye n’umugabo kubera  umudiringi. Ubu mbayeho nabi, n’utwana nahukananye.

Nari nubatse i Gitega, umugabo wanje yari umupolisi mu nyuma arakurwa mu kazi. Kenshi yaranywa umudiringi mbere rimwerimwe akavanga na kanyanga. Maze kuvyara umwana wa kabiri, umusi umwe yaratashe hama turakorogana, atahanye umudiringi mu ga kinju. Arambwira ati je ndayinywa, kandi nashoye vya biharage. Induru zica zirasekera kuko vyarambabaje. Aca arongera ati : ‘’Aha ndagusaturamwo ibipande bibiri. Igipande kimwe ndakijana iwanyu i Mwaro, ikindi ndagishire ngaha mu nzu nzoze ndaraba ko wari umugore wanje’’

Kerakera ng’uwo atoye imbugita arancumita. Yari azi ko atumbereje mu mutima arahusha aca ancumita aha ku kuboko (Yaciye atwereka inkovu iri ku ruhande rw’imbere y’ukuboko hafi y’inkokora). Ngiye kwikingira yambugita ihita irankata kuri izi ntoke zibiri ( yaciye atwereka inkovu ku rutoke). 

Naciye ntagura kubona ko ubuzima bwanje bubangamiwe. Aho hari 2011.

Yaheruka kwiyicira imfura yiwe

Tukiba ino yahora aja kunywa iyo nzoga ku Ngara, kuko kera yadandazwa ku mugaragaro. Aha ubona ntamwana w’infura nfise, kuko yaritavye imana. Umunsi umwe twahuriye aha imbere ku birabo  yayiborewe. Arambwira ngo ‘’mvimbere’’, naje nti ahubwo mpa amahera wakuye muri ‘’registre’’ nashizemwo yo mw’ishirihamwe. Yari yawunyoye yawuhaze, erega aca ahitana agataburete (tablette) akankubita kunda kandi nfise inda. 

Naruhukiye kwa muganga, nca mvyara uwupfuye kuko atari bwagere. Ipantaro yiwe yaragurisha. Hari igitenge nari naguze i Mwaro amafaranga 6 000 c’imyambaro 2. Yancunze ku kagohe aca aragitora aja kukigirisha bamuha 4 500 aho haruguru.

« Na so na nyoko barahukanye, nawe genda mubane mwese »

Kuva ngiye kwubaka mama na papa ntibaryamana. Mama wanje na papa barawunywa (umudiringi) bose. Umusi umwe umugabo wanje yarabasohokanye abagurira akabido kawo. Burya bapfuye amafaranga 500 yabahaye ngo bagure itabi. Papa yabwiye mama ati zana dusangire itabi muri ya mahera baguha, nawe aranka. Baca batangura gutata. Papa ati : ‘’Arya mafaranga utayazanye incuro zibiri ntusosubira kundyama iruhande’’. Imyaka 10 iraheze babana batabanye, kuko umwana wanje yari afise amazi 6 ubu afise imyaka 10. Baca bahera aho. Ubu umwe aryama ukwiwe, n’inkono umwe ateka rwiwe uwundi rwiwe. Umugabo rero igihe tuvaniye, yarakancumise ambwira ati: “Na so na nyoko barahukanya, nawe ni ugende mubane mwese ». 

Vyagumye bigorana gose, ku buryo nahisemwo kumubisa, ubu maze ino imyaka 8. Ntiyigeze agaruka kuncura. Ahubwo yahavuye azana uwundi mugore. Iyo nzoga ntaciza na kimwe kirimwo. Atari urupfu ruriyo, nta buzima buriyo.

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion